Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 31/10/2023

Publié le 31 octobre 2023 par Rédaction
  1. Indwi zitatu zirarumanye ata gitoro kiboneka mu ma stasiyo yo mu gisagara ca Ngozi. Aho bigeze ngo abagikeneye baja kugitora mu Kibimba mu ntara ya Gitega, ni ku birometero 80 uvuye ku mugwa mukuru w’intara ya Ngozi. Uretse ko ibiciro vyo kwiyunguruza vyaduze, mu mabarabara ngo ntaruja n’uruza rw’imodokari rwibonekeza kuko bene zo bazibitse mu mpangu.
  2. Ahandi havugwa imyidogo ni mubadandaza bo mw’isoko nkuru y’i Gitega kuva aho iyo soko iviriye mu minwe ya Komine ikaja mu kigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR, hari kuva kwigenekerezo rya 26 Gitugutu uyu mwaka. Abo badandaza bidoga bavuga ko amafaranga yo kwishura ibibanza bakoreramwo yadugijwe cane kuva ayo masezerano mashasha agiyeho. Basaba ko ayo mafaranga yogabanywa.
  3. Inzu z’uburiro zibayabaye zishika 10 zakorera ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga zarugawe guhera ku musi wa gatanu mu ndwi iheze n’igisata kijejwe isuku mu biro vy’amagara y’abantu. Imvo ngo n’uko ayo mazu atisunga amategeko ajanye n’isuku, menshi akaba atarafise aho batekera, ahogerezwa n’ububiko bw’ibikoresho vya nkenegwa mu gufungurira abitura ayo mazu.
  4. Inteko z’u Burundi ziri mu rwego rwo kugarukana amahoro mu ntara ya Kivu yo mu buraruko kuva kuri uyu wa mbere zisa n’izihanganye n’umuhari M23 kuko bankiwe kwinjira mu gace ka Kicanga mu gihe bavuga ko bashaka gushira ibifungurwa bagenzi babo bafise ibirindiro muri ako karere. Ukwo gushamirana kukaba kuje mu gihe izo nteko ziherutse kwongerezwa. Abandi bashikiye mu gisagara ca Goma bo mu rwego rwa tafoc bambaye n’umwambaro w’igisirikare ca Congo bafise ihangiro ryo kurwanya umuhari M23. Ido n’ido na. Bonfils Niyongere.
  5. Umunyororo w’imyaka 20 ni wo sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza yahanishije ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, umusore yitwa Nyandwi w’imyaka 21 wo ku muzozi Ryirengeye, zone Kabuye na komine Kayanza. Hakaba ari inyuma y’aho yagiriwe n’icaha c’ukuba yarisha mutoya wiwe yarazwi kw’izina rya Minani mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 17, uku kwezi kwa gitugutu.

Ibindi bisa n'ibi