I. Ngo n’akamaramaza ku vyaraye bishikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Ngo reta y’Uburundi ntiyarikwiye gufatira ku rubanza rwaciwe na sentare ku muhisi président Buyoya mu kutubahiriza kumushingurana iteka . Kubw’umushingwamanza Janvier BIGIRIMANA, ng’urwo rubanza rwaciwe ntirwari ntabanduka, na cane cane ko bafise ububasha bwo kunguruza.
II. Hari ikiziga c’umuntu catowe muri komine Mbuye, intara ya Muramvya kuri uyu wa gatatu. Amakuru ava ahatowe ico kiziga, akaba avuga ko yari umwigisha wo muri iyo komine nyene, akaba yishwe aciwe umutwe.
III. Uburundi nta rukingo rwa coronavirus bukeneye kuko busanzwe burufise. Ivyo vyavuzwe n umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE ejo mu kiganiro yatanze ku barundi I Ngozi. Côme KONAKUZE, umuhinga akaba n’umushakashatsi mu ndwara zandukira ku mugabane wo musi y’ubugararwa bwa Sahara, arerekana ingene ivy’ukudacandaga abanyagihugu bishobora kubera intambamyi ku barundi bafata ingendo baja mu bindi bihugu, badafise icerekana ko bacandanzwe.
IV. Umuntu umwe yaraye yishwe arashwe, abandi batatu barakomereka mu gitero cakozwe ku modokari yariko imanuka mu gisagara ca Bujumbura. Ico gitero bivugwa ko cakozwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana, mu gacimbiri Buhoro, komine Mugongo-Manga mu ntara ya Bujumbura. Amakuru aremezwa n’abajejwe intwaro muri zone Ijenda, aho bavuga kandi ko abantu babiri bafashwe ku mvo z’amatohoza.
V. Abanyagihugu bo mu ntara ya Bururi baridoga ko bariko baratozwa amafaranga yo kwubaka ibarabara Bururi-Makamba. Nk’uko babishikiriza, ayo mafaranga ariko atozwa mu ma komine yose agize iyo ntara. Abanyagihugu bagasaba ko iyo ngingo yohagarikwa kuko ije gusongera isibe ubukene bwari buhasanzwe.