Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 31/12/2021

Publié le 31 décembre 2021 par Rédaction
I. Kwubahiriza agateka ka zina murundi wese hamwe no kunagura ubutunzi bw’igihugu kugira abarundi bave mu bukene barimwo. Ivyo ni bimwe mu vyipfuzo bishikirizwa na bamwe mu banyagihugu baganiriye na radiyo Inzamba imbere y’amasaha make gusa umwaka wa 2022 utangure. Abo banyagihugu basaba bashimitse umukuru w’igihugu ko ivyo ashikiriza mu majambo vyoja mu ngiro, na cane cane guhana abakozi b’iperereza na bamwe mu nzego za leta bahohotera abarundi.
II. Umunsi mukuru w’umwaka mushasha mu ntara ya Kayanza ushitse mu gihe ibifungurwa bimwe bimwe nk’inyama, vyaduze igiciro. Ikiro c’inyama cavuye ku mafaranga 7.000 kija ku bihumbi cumi. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Kayanza bakavuga ko biteguye gufungura ivyo bahorako.
III. Abanyagihugu bubakisha amazu muri komine Giharo baridoga ko ibikoresho bimwe vyo kwubaka bigizwe n’amabuye hamwe n’umusenyi, vyaduze igiciro birenze urugero, ibeni y’umusenyi yavuye ku bihumbi 55 ija ku bihumbi 100 vy’amarundi. Ivyo bikaba abajejwe intwaro ataco babivugako, amakuru ava mu baguzi avuga ko biva ku kageso ko gushira imbere aka mwana wa mama mu gutanga isoko yo kudandaza ivyo bikoresho. Abo banyagihugu basaba ko kudandaza ibikoresho vyo kwubaka vyohabwa uwo wese avyipfuza.
IV. Inzu amajana abiri na cumi na zitandatu, amahegitari 8 y’imirima, inka yakubiswe n’inkuba, ni vyo vyaraye bihitanywe n’imvura ivanze n’igihuhusi, yaguye ku muhingamo wo kuri uyu wa kane muri zone Rugombo, muri komine ya Rugombo nyene. Imitumba yononekaye cane ni Rugeregere habomotse inzu 81, Munyika ya kabiri, 68; Mparambo ya mbere, 45; Mparambo ya kabiri, 12; na Samwe 10. Umukuru wa zone Rugombo asaba abagiraneza ko bofasha abo banyagihugu arongoye bahasinzikariye.
V. Mu ntara ya Rumonge havugwa ubukene bw’imiti ku bantu banduye umugera wa Covid-19. Ivyo bishitse mu gihe abantu bandura uwo mugera muri iyo ntara baguma biyongera. Abantu barenga igihumbi baramaze kuwandura.
VI. Haribonekeza ubukene bw’ibikoresho vyo gupima umugera wa Covid-19, hamwe n’imiti ivura ibimenyetso, mu bitaro bitandukanye n’amavuriro vyo mu ntara ya Makamba. Ahenshi abarwayi baronswa imiti imwe imwe, iyindi ntibayironswe. Ku rundi ruhande abaje kwipimisha bagasubizwa inyuma babwirwa ko ata bikoresho bihari.
VII. Impunzi z’abarundi bagera kuri 36  barishwe, 9 baranyuzwa, 8 na bo baborezwa igufa, muri uyu mwaka wa 2021. Biri mu cegeranyo c’urunani rw’abaharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi ari mu bihugu vya kano karere. Léopold Sharangabo icegera c’uwurongoye CBDH-VICAR, akavuga ko impunzi z’abarundi cane cane iziri mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko zibangamiwe mu bice vyinshi nko mu bijanye n’indero be n’amagara y’abantu.
VIII. Abanyagihugu bo muri zone Rukeco, komine Busiga, ni mu ntara ya Ngozi, hasanzwe haca ibarabara ry’igihugu no 6, basaba ko kuri centre Rukeco hoshirwa twa tudunduri bita mu gifaransa dos d’âne. Ni inyuma y’aho kuri uwu wa kane, habereye isanganya ry’imiduga ibiri yagonganye igahitana umuntu yari ategereye ashaka kuja mu gisagara ca Ngozi. Rikaba ari isanganya ryiyongereye ku yandi menshi amaze kubera muri ako karere.

Ibindi bisa n'ibi