I. Abategetsi batubahiriza ingingo zafatiwe mu nama nshikiranganji bagiye kuzohanwa bimwe vy’akarorero. Ivyo n’ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uno wa gatanu, mu kiganiro gisozera umwaka yagiranye n’abanyagihugu. Umukuru w’igihugu akaba yafatiye ku ngingo y’inama nshikiranganji yo kubuza gutanga amatongo mu Maramvya, no guhagarika ibikorwa vyo kuhubaka itubahirijwe. Umukuru w’igihugu akavuga ko ikibabaje ari uko abategetsi bo hejuru ari bo bahawe ivyo bibanza, kandi bazi neza ko leta ihakeneye.
II. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ESDDH rirashima irekurwa ry’umushingwamanza Tony Germain Nkina. Ni mu rwandiko iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uno wa gatandatu. Iryo shirahamwe rigasaba leta gushumbusha umushingwamanza Tony Nkina hamwe n’abanyororo bafunzwe ata caha kibagira. Félicien Irimbere ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, asaba leta ko yorekura umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye afunzwe azira ivyiyumviro vyiwe.
III. Uno musi ikiganiro Kw’Isôko kigaruka ku vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, aho yamenyesheje ko ata murundi acicwa mu gihugu ahowe ivyiyumviro vyiwe vya politike.