Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/04/2024

Publié le 8 avril 2024 par Rédaction

 

  1. Hari umukobwa w’umukozi wo mu nzu yarasanzwe arera umwana wo muri karitiye Rubuye mu gisagara ca Ngozi kuva kuri uwu w’Imana abarizwa gasho ka komisariya y’igipolisi mu gisagara ca Ngozi nyene. Inkuru ziva aho muri iyo karitiye zimenyesha ko ifatwa ryiwe ryaturutse kuba ku musi wa gatandatu uheze yarakubaguye umwana yarasanzwe areze w’umwaka umwe, mu kumukubita inkoni yongera amuhonyanga mu nda . Ababanyi barahageze kubera imiborogo y’uwo mwana baramutabara, kandi imbere y’aho ngo bari bafashe n’amasanamu. Abavyeyi batashe ngo baciye banyarukana urwo ruhinja kwa muganga. Uwo mukobwa abajijwe imvo zatumye akubagura uwo mwana, ngo yamenyesheje kwari uko yari yamuriye amenyo. Kuri ivyo, amashirahamwe aharanira agateka k’umwana aho mu ntara ya Ngozi, co kimwe n’inani z’abakenyezi bagasaba ko uwo yagirizwa ico caha yohanwa hakurikijwe amategeko.
  2. Ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko  AC GENOCIDE CIRIMOSO , igisata ca Canada rirashima intambwe igihugu c’Urwanda kigezeko mu kugwanya akabi k’ihonyabwoka. Iryo shirahamwe ribivuze mugihe Urwanda rwatanguye kwigenekerezo rya 7 Ndamukiza ibikogwa vyo kwibuka imyaka 30 iheze hatanguye ihonyabwoko ry’akorewe abatutsi. Iryo shirahamwe rikifuza ko ivyo vyobera akarorero Uburundi n’ibindi bihugu vya kano karere muri urwo rugamba rwo kugwanya ihonyabwoko. Dutegamatwi Emmanuel Nkurunziza umunyamabanga w’ishirahamwe AC GENOCIDE CIRIMOSO igisata ca Canada .
  3. Ubumwe bw’Africa nabwo buhamagarira amakungu kwemera kandi bukemanga nyezina uruhara yagize mw’ihonyabwoko ry’Abatutsi mu Rwanda. Moussa Faki Mahamat arongoye Ubumwe bw’Africa avuga ko n’uwo muryango arongoye ubu ico gihe witwa OUA ataco wigeze ukora. Akavuga ko ata shirahamwe mpuzamakungu na rimwe ryokwubahuka kuvuga ko ritigeze rimenya ko hari ihonyabwoko ririko rirategurwa. Akaba na we nyene akeza Abanyarwanda ku butwari budasanzwe berekanye inyuma y’ayo makuba. Akaba yabivuze kuruyu wa ndwi Ndamukiza mu bikorwa vyo gutanguza kwibuka abahitanywe n’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mumwaka wi 1994.
  4. Igisata kijanye n’ivyamagara ya bantu nticifashe neza na gato mu Burundi. Ivyo biri mumwihwezo wa kozwe kuri uno wambere n’ishirahamwe parcem n’inyuma yaho kuruno w’imana  igenekerezo rya 7 Ndamukiza wari umunsi mpuzamakungu wahariwe amagara yabantu. Faustin Ndikumana akavuga ko  muri bimwe uyo mw,ihwezo washimikiyeko harimwo ubukene bw,ibikoresho n,inyubakwa zishaje zikeneye gusubirwamwo kubitaro bitandukanye mugihugu.
  5. Faustin Ndikumana avuga kandi ko mumbono yo mumwaka 2040 na 2060 uburundi bw,ihaye ihangiro kuba bwashiste kuntambwe yo hejuru kubijanye n,amagara y,abantu. Ivyo navyo kugira bishoboke leta harivyo itegerezwa gutunganya.
  6. Umugambi wo kugara amashure ane y’impunzi z’abarundi zahungiye muri Tanzaniya bigaragara ko leta y’Uburundi ikorana na leta ya Tanzania mubikogwa vyo kuzihohotera. Bisigugwa n’ishirahamwe CBDH Vicar riharanira agateka k’impunzi ziri mumakambi. Babivuze mugihe kuruyu wambere hashingwa mungiro umugambi wo kugara amashure ane y’impunzi na let aya Tanzaniya. Jean Bosco Vyizigoro avugira iryo shirahamwe akavuga ko ivyo vyose biri murukurikirane rw’amabi akoregwa impunzi z’abarundi.Agasaba amashirahamwe mpuzamakungu guhagura zigasaba leta ya Tanzaniya kugira yubahirize amasezerano yateyeko igikumu yo gukingira impunzi.
  7. Umurundikazi Sada Nahimana yaraye atahukanye ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa rya tennis ririko ribera i Bujumbura. Nayo mu mupira w’amaguru ihiganwa ryarabandanije ku ndwi igira 26, n’ubu Vital’o iracari mu kibanza ca mbere.

 

 

Ibindi bisa n'ibi