Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 01 Gitugutu 2024

Publié le 1 octobre 2024 par Rédaction

Turi ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 01 Gitugutu umwaka w’2024, ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radio inzamba agateka kawe, ndabahaye mwiriwe ndabaha n’ikaze murano makuru twabateguriye. Aya nayo akaba agizwe nizi ngingo nkuru nkuru zikurikira.

  • Amakungu ariko arahimbaza kuri uno wa kabiri igenekerezo rya mbere Gitugutu, umunsi wahariwe abageze mu za bukuru. Leta y’Uburundi imenyeshako iriko irakora utwigoro twinshi mu gufasha abageze mu za bukuru. Yamara abari mu za bukuru basa nabihebuye kuko imyaka ngw’ibaye ine bahanze amaso umuhango bahawe n’umukuru w’igihugu wo kubongerera agafashanyo baronka, ariko uwo munsi wanse kugera.
  • Agashimwe karaye karonkejwe umumenyesha makuru Bob Rugurika arongoye I radiyo RPA biciye kuri kaminuza yi Namur mu gihugu c’ububirigi, ngo n’ikimenyetso c’uko amakungu akurikirana ibiba m’Uburundi ikaba intsinzi ku barundi bose batotejwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD. Murakurikira murano makuru Bob Rugurika.
  • Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukwiye kwitegurira bihagije kwirinda ikiza ca Marburg kimaze kwigaragaza mu karere Uburundi burimwo kuko ibimenyetso vyaco bishobora kwibonekeza bitevye ariko bigasinzikaza umuntu ningoga. Akamo kakaba gaterwa n’umuhinga mubijanye n’indwara zandukira, murabikurikira mu mpera zano makuru.

 

Zari zimwe mu ngingo nkuru nkuru zigize amakuru twabateguriye, mukanya amakuru mw’ido n’ido.

 

Amakuru twabateguriye tuyahere muyavugwa mu gisata c’imibano n’agateka ka muntu,

Kw’igenekerezo rya mbere ukwezi kwa Gitugutu, amakungu arahimbaza umunsi wahariwe abageze mu za bukuru. Leta y’Uburundi yaboneyeho akaryo ko kumenyeshako iriko irakora utwigoro twinshi mu ntumbero yo gufasha abo bantu. Mw’itangazo ryiwe umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu Imelde Sabushimike, amenyesha mbere ko hari itegeko ririko ririgwa rizokingira abageze mu zabukuru. Tumutegamatwi.

 

Umusi mpuzamakungu wahariwe abageze mu za bukuru uje imyidogo ari myinshi mu bakukuruke bahoze bakora akazi ka leta mu Burundi. Bavuga ko bari mu bukene butagira izina kuko udufaranga duhabwa abakukurutse ari intica ntikize kuko ubuzima bwazimvye. Bidoga kandi bavuga ko haheze imyaka 4 barindiriye ishirwa mu ngiro y’ivyo umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yabemereye mukubadugiriza agafashanyo baronka, ariko barahebuye. Iyi nkuru tuyibaze mugenzi wacu Audace Nimbona.

Audace Nimbona arakenuye, turabandanya n’amakuru twabateguriye,

Kubona umumenyesha makuru Bob Rugurika umuyobozi w’iradiyo RPA imwe mu ma Radiyo yaturiwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD ikorera hanze y’igihugu, aronswa agashimwe kabaharanira agateka ka zina muntu bita Doctora Honoris cosa, bikozwe na kaminuza yi Namur mu gihugu c’ububirigi, ngo n’ikimenyetso c’uko amakungu akurikirana ibiba u’Uburundi. Bob Rugurika avuga ko ar’intsinzi ku barundi bose batotejwe n’ubutegetsi. Bob Rugurika ahamagarira ibimenyeshamakuru bikorera mubuhungiro gusenyera kumugoz’umwe bigafatana munda. Tumukurikire.

Bob Rugurika akaba ari umuyobozi w’iradiyo y’abanyagihugu RPA. Mukanya amakuru twabateguriye turayabandanyiriza mu gisata c’amagara y’abantu.

Ikiza ca Marburg kimaze kwigaragaza mu gihugu kibanyi c’Urwanda n’ikiza co kwirinda cane kuko ibimenyetso vyaco bishobora kwibonekeza bitevye ariko bigasinzikaza umuntu ningoga. Bisigugwa n’umuhinga mubijanye n’indwara zandukira Come Konakuze. Uyo muhinga akavuga ko gupima iyo ndwara bisaba ubuhinga buhanitse bigatuma mbere kuyibona ko umuntu yayanduye bitoroha kuko isangiye ibimenyetso nizindi ndwara zimenyerewe. Kurikira.

Uyo muhinga agahanura abarongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi nahora itarashikayo ko bakwiye kugira igenzura rikwiye mbere bakarondera uburyo bwose bwo guhumiriza muma radio uko abanyagihugu boyikingira hakiri kare. N’ubunyene dukurikire Come Konakuze, n’umuhinga mubijanye n’indwara zandukira.

Ni kurino nkuru ivunaguye ivugwa mu gisata c’amagara y’abantu duciye dusozererako amakuru twari twabateguriye kuri uno wa kabiri, reka nshimire mwebwe mwese mwaduteze abiri, nshimire n’abagenzi banje bamfashije kuyegeranya, kuri micro mwarikumwe na Pierre Gahungu, ndabipfurize kuroraranirwa muvyo murimwo, naho ubutaha.

Ibindi bisa n'ibi