Mwiriwe ncuti bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru twabateguriye kuruyu musi wagatandatu igenekerezo rya 1 Ntwarante umwaka wi 2025. Ayo twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru ziyagize.
- Abanyagihugu bo k’umukurwa mukuru w’intara ya Cibitoke baraye ntibuca kuko babonye umugwi w’abantu waraye ku biro vya buramatari wa Cibitoke bafise n’amasakoshi. Abo banyagihugu bakikeka ko ari urwaruka rw’imbonerakure biteguye kujanwa mugihugu ca Congo. Muraza kubikurikira
- Amakenga nayo ni menshi mu miryango y’aba polisi babiri b’intwazangabo bapfungiwe mubusho bw’iperereza ry’Uburundi. Abagereye iyo miryango bakaba bikeka ko hariko harakorwa irementaya. Basaba ko ababo birengutswa imbere y’ubutungane.
- Amashirahamwe nayo arenga 20 mpuzamakungu aharanira agateka kazina muntu ararajwe ishinga n’ipfungwa ry’umumenyeshakuru Sabdra Muhoza amaze hafi umwaka apfunzwe. Ayo mashirahamwe asaba irekurwa ryiwe atagisabwe kuko ariko azira ubusa. Kaze mwese mw’ido n’ido mukanya isase.
Ndasubiye kubaramutsa
Abanyagihugu bo kumurwa mukuru w’intara ya Cibitoke bararanye ubwoba muri iri joro ryakeye kuruyu wagatandatu. Imvo akaba ari abantu benshi baharurwa mw ‘ijana rirenga bari bahuriye imbere y’ibiro vya Buramatari w ‘intara ya Cibitoke bafise n’amashakoshi. Abanyagihugu bikeka ko ari imbonerakure zari zigire zijanwe muri congo. N’inkuru ya Jean batispte Bireha
Arakenuye Jean batispte Bireha
Hari imikangara ibiri y’intwazangabo mu gipolisi ipfungiwe mu busho bw’iperereza mu Burundi. Abegereye imiryango yabo, bafise amakenga n’ubwoba k’umutekano wabo, aho bikeka ko boba bariko bararementanirizwa. Basaba ko barekurwa canke bagashikirizwa ubutungane. Inkuru ya Pacifique Nkeshimana.
Arakoze na Pacifique Nkeshimana
Amashirahamwe arenga 20 aharanira agateka ka zina munutu ku gwego mpuzamakungu ararajwe ishinga n’ifungwa ry’umumenyshamakuru Sandra Muhoza afunzwe kuva mu kwezi kwa kane kw’umwaka uheze w’i 2024. Ayo mashirahamwe avugako uwo mumenyeshamakuru afunzwe mu karenganyo , agasaba ko yorekugwa vuba bwango atakirinze gusabwa .Dutegamatwi Germain Rukuki arongoye urunani gw’amashirahamwe aharanira agateka k’abaharanira agateka ka zina muntu , avuga kw’izina ryayo mashirahamwe yose.
Tukiri mubijanye n’ubwigenge bwo kumenyeshamakuru
Urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ ruranegura ingendo y’ikigo CNC kijejwe gucungera uko ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi, yo gutegeka ikinyamakuru IWACU gukura inkuru kurubuga bacishako inkuru. Iyo nkuru akaba cari ikiganiro bagiranye na Gratien Rukindikiza yahoze ari intwazangabo mu gisirikare aho yavuga kumutekano wo mu karere yisunze intambara ziri mubuseruko bw’igihugu ca Congo. Alexandre Niyungeko arongoye urunani UBJ, ngw’iyo ngingo ihonyanga inkingi za démocratie zirimwo ubwigenge bwo kumenyesha amakuru, n’uburenganzira bwo gushikiriza iciyumviro. Tumwumvirize.
Radio Inzamba tubandanye ayo twabateguriye
Abakenyezi b’abarundikazi biraboneka mubikorwa vyabo ko bafise inyota nyinshi yo kugira ico bateterereye mw’iterambere igihugu cabo. Ivyo biri mucirwa cakozwe n’urunani CBDDH rw’abaharanira agateka kazina muntu mu Burundi kubijanye n’uruhara rw’abakenyezi b’abarundikazi bakoze mumyirekano y’amahoro yo mumwaka wi 2015 yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza. Urwo runani rukabona ko abakenyezi b’abarundikazi bashobora kugira akamaro k’impinduka y’ibitagenda neza badakoresheje inguvu. Eulalie Nibizi umuyobozi nshingwabikorwa m’urunani CBDDH asaba abakenyezi b’abarundikazi ko bokwama bagavye bagaharanira inyungu z’abarundi bose nkuko babikoze muri 2015. Tumukurikire
Ubunaho n’umwanya w’amakuru yanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye k’Uburundi. Ayuno musi twayateguriye na Audace Nimbona.
Arakenuye Audace Nimbona,
Imbere yo gusozera aya amkuru mukurikire akamo k’ishirahamwe Sos torture
Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bakoze bagenzanje bafashije kuyatororokanya. Mugire aho muba mwubahwe nahubutaha Kuri radio inzamba agateka kawe.