Turi kuwa kane n’igenekerezo rya 3 z’ukwicumi ni mu mwaka 2024. Ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye hirya no hino mu mihingo yo kw’isi . iri ni rya sango ryanyu ryamakuru mu kirundi.Ano makuru mugiye kuyashikirizwa na jewe Jean Baptiste Bireha akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Hari uruyoya rwatowe mw’ishamba c’imeza ryo mugacimbiri Musenga ni kumutumba Migongo muri komine kibago muntara ya Makamba hari kuruno wa gatatu.Nyene guta urwo ruhinja akaba atashoboye kumenyekana nkuko amakuru ava ngaho kuruyo mutumba abitumenyesha.
- Kuva umukuru w’igihugu y’idogeye ishirahamwe SOSUMO rihingura rikongera rikagurisha isukari biturutse kungingo ry’afashe yo kuduza igiciro bamwe mu banyagihugu bo muntara ya Ngozi bavuga ko iyo myidogo yahereye mumajambo. Bavuga ko n’ivyahuha noneho vyahuhutse kuko kuko itangwa ry’isukari ubu risa n’iryahagaze.
- Nayo mugisata kijanye n’indero imyidogo ni yose mubarimu bigisha mumwaka wa gatanu mumashule shingiro yo muntara ya Makamba ngo kuko gushika ubu ata bitabo bikwiye vyo kw’igishirizamwo bafise mugihe haciye indwi zibiri zirenga umwaka w’ishule utanguye. Bafise ubwoba ko batazohava baheza urutonde rw’ivyirwa vyategekanijwe mu mwaka wose w’ishule.
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndanabaha n’ikaze.
Hari uruyoya rwatowe kuruno wa gatatu igihe c’isaha zine zo kumutaga n’abanyagihugu bo kumutumba Migongo ni muri komine Kibago mu ntara ya Makamba. Amakuru ava ngaho kur’uyo mutumba akemeza ko urwo ruyoya rwatowe biturutse ku mbwa yakuze abanyagihugu baca baja kuraba .Ayo makuru ava mubajejwe intwaro akemeza ko basanze urwo ruyoya amagara yarwo akimeze neza. Abajejwe intwaro nkuko ayo makuru abandanya abivuga ngo bagerageje kugira amatohoza kugira bamenye ko urwo ruyoya rwoba rwatawe na bamwe mubigeme bikekwa ko boba baratwaye inda z’inshushu ariko ntaco bashoboye gutora kuruyo mutumba Migongo. Hikekwa ko uwataye uwo mwana yoba yaje ava k’umutumba Kirare wa komine Makamba bisanzwe bihana urubibe n’ishamba ryo kugacimbiri Musenga uyo mwana yatowemwo.Urwo Ruyoya ubu rukaba ruri mubitaro bikuru vya Makamba aho ruriko rurakurikiranwa n’abaganga ariko ngo amagara yarwo ameze neza .
Tuve mubumanuko bw’igihugu tuje mu burarako mu ntara ya Kayanza aho hari umugabo azwi kw’izina rya Miburo Nazaire batazira « Derwa » wo mu Gacimbiri Munini , umutumba Nyabihanga komine n’intara ya Kayanza abarizwa mu nyamiramabi mu Kayanza kuva mu gitondo c’uyu wa kane. Imvo y’ukwo guhagarikwa kwiwe ngo ni uko yahengereye isaha indwi z’ijoro akirara mu mirima ibiri y’ibitoke vy’umuvyeyi wiwe Nsindayigaya Ancille agatemagura aho abajejwe intwaro baharuye ibitoke birenga 300 yatemaguye. Ivyatumye aca ashikanwa mu nyamiramabi kumvo z’amatohoza nk’uko amakuru ava aho vyabereye abimenyesha. Ayo makuru nyene aremezwa kandi n’abajejwe intwaro kuko na bo nyene bavuga ko bahishikiye. Abo bajejwe intwaro muri iyo komine bagashikiriza ko badasiba gukebura umuntu wese kwitura ubutungane mu gihe afise ico apfa na mugenziwe hakwihanira .
Mugisata kijanye n’ubutunzi naho imvugo y’umukuru w’igihugu inegura ingingo ya SOSUMO yo kuduza igiciro c’isukari ngo ntaco yamariye abanyagihugu. Bivugwa na bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Ngozi, bakemeza ko kuva yidogera abarongoye ishirahamwe sosumo, itangwa ry’isukari risa n’iryahagaze kuko bamwe mu bayigura barindiriye ko igiciro kigabanuka. Ido n’ido na mugenzi wacu Audace Nimbona
Tuje m’ugisata kijanye n’indero aho Imyidogo ari yose mu barimu bigisha mu myaka ya gatanu yo ma mashuli shingiro ya mu ntara ya Makamba, abo barimu bavugako batararonswa ibitabo bikwiye bakoresha mu gutanga inyigisho zabo kandi haheze indwi zibiri zirenga umwaka w’isuli utanguye. Bafise ubwoba ko bashobora kudaheza ivyigwa biri ku rutonde yivyo babwirizwa kwigisha mu mwaka wose. Iyo nkuru tuyibaze Jean Georges Kibogora.
Amashuri nk’ayo mu Gasenyi, muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura yategerezwa kwugarwa. Iyo n’impanuro ya Eulalie Nibizi, akurikiranira hafi ibibazo vy’indero mu Burundi. N’inyuma y’aho hari umwigisha wo muri rimwe mur’ayo mashuri yateye akamo yerekana ubukene nta ngere ayo mashuri ari mwo. Eulalie Nibizi akavuga ko atumva ingene reta yubahuka kuvuga ko ayo mashuri yokwitirirwa koko iryo zina.
Eulalie Nibizi ahamagarira abavyeyi kwiyumvira neza imbere yo kurungika abana ba bo muri ben’ayo mashuri. Agasaba reta kwikubita agashi ntisubire guta amakosa ku bigisha ngo ntibakora neza akazi ka bo mu gihe ata vya ngombwa amashuri afise. Agasaba kandi reta kuganira n’abatandukanye berwa n’ico gisata, uhereye ku bavyeyi, kugira bagire ico baterereye.
Imbere yo gusozera ano makuru tuje mugisata c’amagara y’abantu,Ingingo zashizweho kugirango abarundi bikingire indwara y’ibihara vy’inguge ariyo Mpox ngo ntizubahirizwa n’abanyihugu. Binegugwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu. Muganga Lydwine Baradahana avuga ko adashimishwa n’ukuntu amabwirizwa akurikizwa. Agasaba abanyagihugu na cane cane abo mugisaragara ca Bujumbura kongereza inguvu bagakurikiza amabwiriza y’isuku kugira birinde ico kiza c’indwara y’ibihara vy’inguge. Kurikira
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye bagenzanje banfashije kuyatororokanya na mwebwe mwese mwaduteze yompi ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe jean Baptiste Bireha mugire umugoroba mwiza Naho ubutaha.