Turi ku munsi wa gatatu n’igenekerezo rya 3 Mukakaro umwaka w’2024, ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe, ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye. Iri ni rya sango ry’amakuru mu kirundi, nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Sentare y’iyungururizo ikukira intara ya Gitega kuruno wa kabiri yarafashe ingingo yo kurekura umupfasoni Emilienne Sibomana yahoze ari umunyamabanga kw’ishule ryisumbuye rya Christ Roi ryo ku Mushasha mu gisagara ca Gitega, inyuma y’amezi 18 ari mu munyororo. Uyo mupfasoni akaba yazize gushira ahabona ubushurashuzi bwakorerwa abana babigene kuri iryo shule n’umuyobozi waryo. Mu runani CBDDH rw’abaharanira agateka ka zina muntu barashima iyo ngingo y’ubutungane.
- Abantu bagera kuri cumi na babiri nibo bishwe muri kuno kwezi kwa Ruheshi kwaraye guheze. Ivyo biri mucegeranyo c’ishirahamwe ACAT Burundi aho rivuga ko, igiteye amakenga, ubwo bubisha leta iguma ibufata minenerwe. Muraza kubikurikira muri ano makuru.
- Abavyeyi bafise abana bagiye muburuhuko, bariyamiriza ingingo iherutse gufatwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ibuza abana bari mubiruhuko kurenga imbibe ngo kuko bazoba bariko barigishwa gukunda igihugu. Abo bavyeyi bavuga ko iyo ngingo ari iyagahotoro kandi ko yoba ifise iyindi ntumbero kuko ico cirwa gisanzwe kiriho mu mashule.
Ndasubiye kubaramutsa,
Ano makuru tuyahere mu gisata c’ubutungane. Sentare y’iyungururizo ikukira intara ya Gitega kuruno wa kabiri yarafashe ingingo yo kurekura umupfasoni Emilienne Sibomana yahoze ari umunyamabanga kw’ishule ryisumbuye Christ Roi ryo ku Mushasha mu gisagara ca Gitega. N’inyuma y’amezi cumu n’umunani ari mw’ibohero. Emmilienne Sibomana akaba yazize kuba yarashize ahabona ishurashuzwa ry’abana babigene biga kuri iryo shule ryakorwa numuyobozi wiryo shure. Eulalie Nibizi umuyobozi nshingwabikorwa mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu CBDDH, arashima iyo ngingo y’abacamanza. Ariko akaba afise amakenga ko kuva iyo ngingo ifashwe Emilienne Sibomana atararonka uruhusha rwo gusohoka ibohero. Tega amatwi Eulalie Nibizi.
Eulalie Nibizi asaba umushikiranganji w’indero gukurikiranira hafi ihohoterwa rikorerwa abana babigeme mu mashule atandukanye ari mu gihugu. Nubu nyene tumwunvirize.
Tukiri ngaho mu ntara ya Gitega Ikigo OPB gikurikiranira hafi ingene ibinyamakuru bikora, kiriyamiriza ingendo y’umuyobozi w’igipolisi mu ntara ya Gitega Evariste Haborimana asa n’uwenyuje mu kuburabuza abamenyeshamakuru bakorera muri iyo ntara. Ico kigo gitanga akarorero ka hafi, aho umumenyeshamakuru akorera radiyo Isanganiro muriyo ntara Gerard Nibigira, kuri uwu w’imana uheze yaburabujwe n’uwo mutegetsi mu gipolisi yongera amwaka n’ibikoresho vy’akazi vyiwe gushika nubu akaba atarabisubizwa. Innocent Muhozi arongoye ikigio OPB asaba ashimitse ko uwo mumenyeshamakuru yosubizwa ibikoresho vy’akazi vyiwe, hanyuma uwo mupolisi nawe akabazwa kuvyerekeye iyo ngendo yiwe. Tumutegamatwi.
Dutandukire igisata kijanye n’agateka ka zina muntu.
Abasore babiri bunguruza abantu kwi pikipiki bakomoka muri commune ya Rugombo, intara ya Cibitoke, barabuzwe irengero kuva ku munsi w’Imana uheze. Abo nabo ni Justin Nirema na Yves Nsanzurwimo. Amakuru ava aho mu Rugombo, yemezako abo basore boba banyurujwe n’abakozi b’iperereza hafi y’uruzi Rusizi muriyo ntara nyene ya Cibitoke. Banyurujwe mu gihe bari bagemuriye bene wabo biga mu gihugu ca Congo. Ababanyuruje ngo boba babagirije kugemurira ibifungurwa abarwanyi, ivyo abo mu miryango yabo bahakana kwatafatiro bifise. Imiryango yabo bakaba bafise amakenga ku mutekano wabo basore kuko atagakuru kabo bafise. Bakemezako babajije mubusho butandukanye, ariko ntibabasanga na hamwe.
Murico gisata nyene, ubwicanyi n’ayandi mabi akomeye biguma bifatwa minenerwa n’ubutegetsi mu Burundi. Ivyo binegurwa n’ishirahamwe ACAT Burundi mu cegeranyo c’ukwezi kwa gatandatu kijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. ACAT Burundi ikaba yaharuye abantu bagera kuri 12 bishwe. Anitha Gateretse, umuhuzabikorwa mur’iryo shirahamwe, ariyamiriza ingene ibiziga bitorwa bigaca bihambwa ata matohoza akozwe. Ariko akanegura cane cane ingene bamwe mu bakora ayo mabi baba bazwi ariko ntihagire ikibakora ko. Kurikira Anitha Gateretse.
Imbere yo gusozera ano makuru,
Ingingo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere ridakumira ibuza abanyeshure bari mu buruhuko kurengana imbibe z’igihugu iriyamirizwa n’abavyeyi b’abana. Bavuga ko iyo ngingo yoba ifise izindi ntumbero zitajanye no kwigisha gukunda igihugu kuko ku rutonde rw’ivyigwa hari mwo icigwa kibibigisha. Bavuga ko igihugu c’uBurundi gisigaye kimeze nk’agasho aho atawukirekuriwe kuja kuramutsa abiwe na cane cane ko amagume igihugu caciye mwo yatumye imiryango itatana mu bihugu bitandukanye. Basaba umushikiranganji gufuta iyo ngingo isubiza igihugu inyuma, inkuru ya Eddy claude Nininahazwe
Eddy claude Nininahazwe arakenuye,
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru twari twabateguriye kuri uno wa gatatu, nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi, ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe, Pierre Gahungu, nahubutaha.