Turi kuwa mbere n’igenekerezo rya 3 Ntwarante umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango rya makuru mukirundi nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Imiryango amajana atatu yo kumutumba Gitwe muri komine Matongo iridogera umushikirizamanza mukuru wo mukarere ko Muburengero aho bavuga ko yabanyaze amatongo yabo mukwezi kw’icumi mumwaka uheze kandi bari baratsinze urubanza.
- Mugisata c’uburimyi naho ishavu niryose mubarimyi bo muntara za Makamba na Rutana bavuga ko batararonswa ifumbire yabo barihiye amafaranga.Bafise ubwona ko iri rima ry’agatasi rishobora kubabera inpfagusa.
- Nayo mu makuru y’indero imyidogo ni yose mubavyeyi barereye kw’ishule ry’isumbuye rya Muyinga aho ngo bategetswe kuriha amafaranga arenga ibihumbi cumi n’indwi yo kw’ubaka amasomero kandi basanzwe bararishe amafaranga y’ishule.Bavuga ko ayo mahera ari umurengera kandi bugarijwe n’ubukene.Aya n’ayandi ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa ndabaha n’ikaze.
Ano makuru tuyahere k’unkuru ivunaguye ijanye n’umutekano.
Umugabo yitwa Berchimas Minani batazira Mbenyi w’imyaka 32 yavuka k’umutumba wa Kinazi, zone Rugari, commune n’intara ya Muyinga, yarishwe arasiwe imbere y’irembo iwe muri quartier swahili mw’ijoro ryo ku musi wa6 rishira k’umusi w’Imana igihe c’isaha 4, nkuko amakuru ava mu ntwaro akemezwa n’igipolisi abimenyesha. Abagandaguye uyo muntu bakaba bataramenyekana, mu nyamiramabi bamenyesha ko amatohoza yatanguye. Hari haciye ikiringo c’ababa umwaka, Berchimas Minani, arusimvye aho abagizi ba nabi bamuteye grenade aho yaba i Kinazi imbere y’uko yimukira k’umugwa mukuru w’intara ya Muyinga. Ico gihe ararokoka ariko iyo grenade ikaba yarahitanye umubanyi wiwe.
Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bagize imiryango ishika 300 yo ku mutumba Gitwe uri muri komine Matongo mu ntara ya Kayanza . Bidoga bavugako barenganijwe mu kuba baranyazwe amatongo yabo mu kwezi kw’icumi kw’umwaka uheze kw’itegeko ry’umushikiriza manza mukuru mu karere ko mu burengero kandi bavugako bari baratsinze urubanza. Basaba abategetsi babijejwe kubatunganiriza bagasubizwa mu vyabo . Ni inkuru ya Jean Georges Kibogora.
D’utandukire igisata c’uburimyi aho Imyidogo ari yose mubarimyi bo muntara za Makamba na Rutana.Bavuga ko batararonswa ifumbire barihiye amafaranga iminsi niyindi iraheza.Bafise amakenga ko iri rima ry ‘agatasi rizohava riba inpfagusa. Basaba ko ico kibazo cotorerwa umuti,N’inkuru ya Pacifique Nkeshimana .
Mumakuru ajanye n’indero Abavyeyi barereye kw’ishure ryisumbuye rya Komine Muyinga baridogera ubuyobozi bw’iryo shure Ko buherutse kubaka intererano y’amahera arenga gato 17.000 hazovamwo amahera yo kubaka amasomero abura. Nkuko abo bavyeyi babimenyesha ayo mahera aza y’inyongera ku mafaranga y’ishure yashinzwe na Reta basanzwe batanga. Abo bavyeyi bavuga kandi ko ayo mahera ari umurengera baravye ubukene buri mu miryango. Bagasaba leta ko yobofasha ikabubakira ayo masomero. Ido n’ido na Parfait Mudasigana
Turangirize ku makuru y’inkino aho mu mupira w’amaguru ku ndwi igira 22 y’ihiganwa ry’umupira w’amaguru n’ubu umurwi Aigle noir ariwo ukiri kw’isonga inyuma yo gutsinda ku munsi wa gatandatu kayanza United ibitsindo 5 vyose kuri kimwe, Bumamuru nayo nyene ikaba igifise ijambo ivuga kuko inganya na Aigle noir amanota. Mu mperza z’iyi ndwi ihiganwa rya Bsket ball ry’uwu mwaka wa 2025 niho ryatangura, Dynamo ikaba yatsinzwe urukino rwa mbere na Les Hippos amanota 94 kuri 82. Inkuru ya Alexandre Niyungeko
Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe banfashije kuyabatororokaniriza mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.