Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 03 Nyakanga 2024

Publié le 3 septembre 2024 par Rédaction

 

Turi ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 03 Nyakanga umwaka w’2024, ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radio inzamba agateka kawe, ndabahaye mwiriwe ndabaha n’ikaze murano makuru twabateguriye. Aya nayo akaba agizwe nizi ngingo nkuru nkuru zikurikira.

 

  • Itozwa ry’amafranga agenewe amatora yo mu mwaka w’2025 rikorwa n’imbonerakure za CNDD FDD rirabandanya mu gihugu. Kuri uyu wa kabiri mw’isoko ya Gitaza muri komine Muhuta intara ya Rumonge, nta muntu n’umwe yari yemerewe kwinjira mw’isoko aterekanye ko yarishe iyo ntererano igenewe umugambwe CNDD FDD. Iyo ngendo ikaba inegurwa n’urunani rwa politike CFOR Arusha aho rubonako uwo mugambwe wiyemeje gukora nkuko ata yindi migambwe iri mu gihugu.

 

  • Umunyeshuli wo mw’ishure shingiro wese azoba yaronse n’imiburiburi ibice 32 kw’ijana mu kibazo ca leta co mu mwaka w’icenda, azoshobora kubandanya amashuli y’inyuma y’ishuli shingiro. Vyaraye bishikirijwe n’umushikiranganji w’indero. Mu runani rw’ama syndicats yo mu gisata c’indero n’inyigisho mu Burundi (FNASSEB) babonako ayo manota ari make cane k’umunyeshure aziga kubandanya amashure. Ivyo ngo bizoheza binanize n’abarezi bagiye kubakira kuko bazoba bafise ubumenyi budahagije.

 

 

  • Reka nsubire ndabipfurize ikaze, mukanya amakuru mw’ido n’ido.

 

Amakuru twabateguriye tuyahere muyavugwa mu gisata ca politike,

 

Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo muri zone Gitaza komine Muhuta mu ntara ya Rumonge. Bidoga bavuga ko umugambwe uri ku butegetsi cndd-fdd uguma ubatangisha amafaranga ku nguvu ayo bise ay’intererano y’amatora yimirije. Bavuga ko kur’uyu wa kabiri, inzira zose zija mw’isoko ya Gitaza canke zisohoka zari zigenzugwa n’imbonerakure atawasohoka adatanze amahera. Bemeza ko ivyo bariko barabona muri kino gihe atavyo bigeze babona n’igihe igihugu cari mu ntambara. Iyi nkuru tuyibaze Eddy Claude Nininahazwe.

Eddy Claude Nininahazwe arakenuye.

Ingendo y’umugambwe CNDD-FDD y’ugutoza intererano ku nguvu mu banyagihugu atawuvuye mwo yerekana ko uwo mugambwe wiyemeje ko ata yindi migambwe iri mu gihugu. Ivyo binegurwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rw’imigambwe CFOR Arusha. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, ivyo umugambwe uri ku butegetsi wabigize umugenzo. Kukaba ari uburyo bwo kunyaga abanyagihugu, ubaburabuza mu kubatera ubwoba, maze bakabuzwa n’ivyo vyose amategeko abemerera.

Frédéric Bamvuginyumvira abandanya agabisha umugambwe CNDD-FDD ko hazogera igihe ukishura ivyo utwara uvyitirira leta. Agahanura umugambwe uri ku butegetsi kuvavanura n’iyo ngendo, ahubwo reta igashinga ikigega c’amafaranga yo guha imigambwe ata ka mwana wa mama mu gihe c’amatora. Dusubire tumukurikire.

Amakuru twabateguriye tuyabandanirize mu gisata c’indero.

Umushikiranganji ajejwe indero n’ubushakashatsi Francois Havyarimana ejo yarashize ahabona amanota yafatiweko ku kibazo gitanga uburenganzira bwo kubandanya amashuli y’inyuma y’ishuli shingiro. Nukuvugako umunysehuli wese azoba yaronse n’imiburiburi 32 kw’ijana azoshobora kubandanya ayo mashuli. Yamenyeshejeko umunyeshuli nawe azoba yaronse 50,5 n’ayarenga nawe, azoshobora kwemeregwa kwiga mu mashuli ya leta canke ayabikorera utwabo afise uburaro.  Muri rusansi mu gihugu cose, ico kibazo ngo catowe ku bice 79,8 kw’ijana c’abagikoze bose bashika bangana 79.847. Dutegamatwi umushikiranganji François Havyarimana.

 

Urunani rw’ama syndicats yo mu gisata c’indero n’inyigisho mu Burundi (FNASSEB) ruranegura amatota yaraye afatiweko n’ubushikiranganji bw’indero kugira abanyeshure baje mu mashire yisumbuye. Antoine Manuma, arongoye urunani FNASSEB, abonako abo banyeshure bazogira ibibazo vyinshi mu mashure akurikira, ivyo kandi bikazosaba abarimu babigisha gukoresha inguvu nyinshi kugira bagire ubumenyi buhagije.  Kubwiwe, iyo ngingo ije kunigira mu menshi ibijanye no guharanira ubumenyi bwiza. Kurikira.

Ni kurino nkuru ivugwa mu gisata c’indero duciye dusozererako amakuru twari twabateguriye kuri uno wa kabiri, reka nshimire mwebwe mwese mwaduteze abiri, nshimire n’abagenzi banje bamfashije kuyegeranya, kuri micro mwarikumwe na Josine Kaze, ndabipfurize kuroraranirwa muvyo murimwo, naho ubutaha.

 

Ibindi bisa n'ibi