Accueil
Emissions
Amakuru yo ku munsi
Amakuru yo ku munsi
Amakuru yo kuwa 03 Ruheshi 2024
Publié le 3 juin 2024 par Rédaction
Post Views: 0
https://kir.inzamba.org/wp-content/uploads/2024/06/AUD-20240603-WA0102.mp3
Integuro y’amafaranga leta itegekanya gukoresha mu mwaka w’i 2024 ushira uw’i 2025, ikwiye kwubahiriza ibwirizwa nshingiro ; ikubahiriza n’ibintu vya nkenegwa ku munyagihugu, gufungura neza, kugira amagara meza , kwambara no kugira uburaro bwiza. Ivyo bisabwa n’ishirahamwe OLUCOME. Mu kiganiro iryo shirahamwe ryahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere , ryamenyeshejeko iyo nteguro yatevye kuboneka , kandi ko ikwiye kwisunga ivyo abanyagihugu bifuza muri kino gihe , ikisunga n’umugambi w’igihugu ujejwe iterambere.
Ishirahamwe OLUCOME ryifuza kandi ko muri iyo nteguro hoshigwamwo amafaranga yokurondera abahinga bo mu gihugu na mpuzamakungu, boza gufasha mu gutegura imigambi myiza y’iteramabere n’ingene yoshigwa mu ngiro.
Ibanki nkuru y’igihugu BRB yarafashe ingingo y’uko igiye kumanura urugero rw’iduga ry’ibiciro gushika kubice umunani kw,ijana. Ivyo n’ivyashikirijwe n,umukuru w,iyo banki Edouard Normand Bigendako munama yagiranye kuruno wagatanu uheze n,abakora mugisata c,amabanki. Umukuru w’ibanki nkuru y,igihugu BRB akavuga ko urwo rugero rwahora kubice cumi nabitandatu kw,ijana mugice cambere c,uno mwaka . Nayo igiciro nfatiro c,ibice cumi na bibiri kw,ijana amabanki asabwa kugira ashobore kuronswa amafaranga mw,ibanki nkuru y,igihugu nticahindutse muntumbero yo kworohereza amabanki.
Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem asaba abarongoye bibanki nkuru y,igihugu kuza barashikiriza kugihe ingene ubutunzi bw,igihugu bwifashe. Faustin ndikumana akavuga ko icegeranyo c,amezi atatu ya mbere y,uno mwaka casohotse kitakijanye n,igihe kuko hagiye guhera ayandi mezi atatu. Umuyobozi wa Parcem avuga kandi ko ivyo vyegeranyo n,aho bisohoka ubuzima bw,abanyagihugu buguma butera busubira inyuma.Asaba nyabuna ibanki nkuru y,igihugu gufata muminwe ikibazo c,amafaranga y’agaciro.
Demokarasi iguma isubira inyuma mu Burundi. Harakenewe ko umwe wese yohindura ingendo kugira demokarasi Melchior Ndadaye yaharanira itsimbatare. Ivyo bisabwa n’umugambwe Sahwanya FRODEBU. Hari mu kiganiro wagiranye n’abamenyeshamakuru itariki 1 Ruheshi mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 30 iheze uwo mugambwe utsinze amatora. Uwo mugambwe ukaba watanguje ico witiriye ukwezi kwa demokarasi. Kurikira Phénias Nigaba, icegera c’uwurongoye uwo mugambwe akaba n’umuvugizi.
Mumugambwe CODEBU bo bemeza ko ibimenyetso bigaragaza ko intambwe ya democratie yashitsweko mu Burundi birahari. Kefa Nibizi arongoye uyo miugambwe ariko asigura ko hakiri agahaze kugira intwaro ya democratie itsimbatare mu gihugu kuko hariho ibitagenda neza. Agasaba ko hoza harafatwa ingingo zizanira inyungu abarundi bose zitubahiriza akagwi k’abantu.
Mumakuru y’inkino naho, mumupira w’amaguru, ihiganwa kurwego rw’igihugu mubigeme rigeze ku ndwi ya 18. Gushika ubu umurwi wa Buja Queens ukaba ariwo uri kw’isonga. No muri basket-ball inkino zarabandanije kuva gatanu gushika ku’Imana.