Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 04 Gitugutu 2024

Publié le 4 octobre 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 4 Gitugutu umwaka wi 2024. Amakuru twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru zikurikira

  • Igihugu ngo kiritunganije kugira gitegure amatora yimirije yo mumwaka wi 2025. Vyaraye bishikirijwe n’umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye munama yagiranye n’abarongoye imigambwe mugihugu. Ariko ishirahamwe ry’urwaruka rurwanya akabi n’akarenganyo ruratera ivyatsi iyo mvugo kuko hari ingoro z’imigambwe zikibomorwa hamwe n’ayandi mabi akoregwa imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD.
  • Imyidogo nayo ni myinshi mubavyeyi barereye kw’ishule Shingiro ryo muri commune gitaza y’intara ya Rumonge. Imvo akaba ari amahera yo guhemba abakutsakivi abandanya gutozwa abavyeyi kandi iyo ngingo yarahagaritswe n’umukuru w’igihugu. Kaze mw’ido n’ido mukanya

 

Ndasubiye kubaramutsa, duhere aya makuru mugisata ca politike

Ngo igihugu kiratunganye. Ivyo bivugwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Yabishikirije ku musi wakane mu nama yagiranye n’abaserukira imigambwe itandukanye. Evariste Ndayishimiye akaba yabishikirije mugihe himirije amatora y’abashingamateka n’abahanuzi b’amakomine azoba mu mwaka uza. Tumukurikire

Umugambi w’amatora ntawovuga kuriko ugenda neza mu mahoro mu gihe hari ingoro z’imigambwe imwe imwe zikibomorwa, amahera atozwa ku nguvu agenewe gushigikira umugambwe CNDD FDD mu matora, hamwe nabajejwe intwaro bakibangamira ibikorwa vy’imigambwe imwe imwe. Bivugwa na Jean Nduwimana, arongoye ishirahamwe ry’urwaruka rurwanya akabi n’akarenganyo AJNA. Kubwiwe, umukuru w’igihugu n’abaserukira imigambwe bari bakwiye nyabuna kuganira ku mategeko arangwamwo utunenge dushobora gutuma amatora agenda nabi. Kurikira.

Jean Nduwimana asaba kandi imigambwe guhaguruka igakora nk’iyiri mwihiganwa mugushira ahabona ibibazo vyose bijanye n’integuro y’amatora meza, ikareka kwitwara nkiyiherekeza umugambwe uri kubutegetsi murayo matora. Nubu nyene tumukurikire.

Radio Inzamba tubandanye ayo twabateguriye mugisata c’indero

Imyidogo ni myinshi  mubavyeyi barereye kw’ishule Shingiro ryo mu gitaza mu ntara ya Rumonge. Bavuga ko babandanya batozwa amafaranga yo guhemba abigisha baba kutsakivi kandi umukuru w’igihugu yarahagaritse iyo ngingo. Basaba ko iryo tozwa ryayo mafaranga ryohagarara. N’inkuru tubaza jean Baptiste Bireha.

Arakenuye jean Baptiste Bireha.

 

Umushikiranganji ajejwe indero n’ubushakashatsi kuri uno wa kane yaragendeye ishuli shingiro Gasenyi  yambere riri muri zone Rubirizi , komine ya Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura. Mu makuru yacu yo mu ntango yiyi ndwi , twari twababwiye ko iryo shuli ryugarijwe n’ibibazo vyinshi bituma inyigisho zitagenda neza. Ni cane cane ibitigiri y’abanyeshule vy’umurengera , hamwe n’ibibazo bijanye n’isuku rike riharangwa. Umushikiranganji Francois Havyarimana amaze kwibonera ivyo bibazo amaso mu yandi , yaciye yemerako ivyihuta bagiye gukora , ari ukwubaka ibindi bilasi ,  nukurondera izindi ntebe abanyeshuli bicarako. Tumutegamatwi.

 

Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muyanyu. Naho ubutaha.

 

 

 

Ibindi bisa n'ibi