Amakuru

Amakuru yo kuwa 04 Ntwarante 2025

Publié le 4 mars 2025 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru twabateguriye kuruyu musi wa kabiri igenekerezo rya 4 Ntwarante umwaka wi 2025. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira.

  • Abanyororo bapfungiwe imvo za politike canke abazize ivyiyumviro vyabo ntibaronswa uburenganzira bwo kwivuza nkabandi mumabohero atandukanye. Abegereye abanyororo bo mw’ibohero rya Gitega bavuga ko ubwo burenganzira bwo kwivuza bwakuwe kurabo banyororo ngo kumvo z’umutekano. Muraza kubikurikira
  • Abagwanyi nabo b’umuhari FDLR bamaze imisi bahungira mugihugu c’Uburundi bavuye muri Congo bakwiye gushikirizwa igihugu c’Urwanda atagisabwe. Muraza kumva umumenyeshamakuru akurikirana ibibazo vy’uburundi aho asaba leta ya Varisto Ndayishimiye gushikiriza abo bagwanyi bakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mugihugu c’Urwanda nkuko n’umuhari M23 uheretse kubikora.
  • Nayo impunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi yi Nakivale mugihugu ca Ouganda ziratewe umutima uhagaze n’igabanuka ry’agafashanyo kahora gatangwa n’ishirahamwe rijejwe impunzi HCR. Izo mpunzi zikababazwa nuko ibisata bitandukanye vy’ubuzima bwazo vyifashe nabi kuva imfashanyo igabanutse. Kaze mwese mw’ido n’ido ni mukanya.

Ndasubiye kubaramutsa duhereye aya makuru mugisata c’amagara y’abantu kuriyi nkuru iciye kumasonga.

Abashikiranganji b’amagara y’abantu n’uw’ikigega ca leta, baherutse guterako umukono itegeko ritunganya gushasha agahembo k’abaganga mu Burundi. Umuganga bita umu généraliste agiye guhembwa amafranga y’amarundi angana n’umiliyoni umwe, nayo umu Docteur w’umu specialiste azohembwa amafranga y’amarundi angana n’imiriyoni zibiri. Kubijanye n’utundi turusho harimwo kwiyunguruza, abaganga bashizwe mu mirwi itanu bivanye n’ibilometero bafata bagiye aho bakorera. Utwo turusho tukaba turi hagati y’ibihumbi ijana n’umulioni umwe w’amarundi. Iyo ngingo ikaba iraba abanganga bakorera leta gusa, bafise ico bita « Matricule ». Tubibutseko iyo ngingo ifashwe inyuma inyuma y’ukutumvikana hagati y’abaganga bahurikiye muri Syndicat SYMEGEB ihurikiyemwo abaganga bose bo mu Burundi na leta, aho abaganga berekaniye akababaro kabo kubera umushahara muto bahembwa gushika aho bamwe bapfungwa, abandi bagahunga igihugu.

Tubandanye amakuru twabateguriye

Mw’ibohero rya Gitega, uburenganzira bwo kuvuzwa butangwa muburyo butandukanye. Amakuru ava muriryo bohero yemezako abapfungiwe imvo za politike n’abapfungiwe ivyiyumviro vyabo babuzwa uburenganzira canke bakaronswa bigoranye uburenganzira bwo kwivuza. Kenshi abarongoye ibohero ngo bitwaza imvo z’umutekano. Ido n’ido na Pacifique Nkeshimana.

 

Leta y’Uburundi ngo yari ikwiye gushikiriza igihugu c’Urwanda abagwanyi baba FDLR bariko barahungira mu Burundi nkuko umuhari  M23 wabikoze mu mpera z’indwi iheze , aho washikiriza Urwanda abagwanyi 14 harimwo n’intwazangabo. Ivyo bisabwa na Innocent Muhozi umumenyeshamakuru akurikiranira hafi ibibazo vy’Uburundi. Asaba kandi ko leta y’Uburundi yokura mu gihugu ca Kongo abasirikare babarundi bariyo , bariko  bakorana nabo ba FDLR mu kugwanya umuhari M23. Ngo bitagenzuko , ibizoba mu nyuma bishobora gukwegera akaramabaraye Uburundi mugihe bwizi ko abo ba FDLR aribo bakoze iyonyabwoko ry’abatutsi mu gihugu c’Urwanda. Dutegamatwi Innocent Muhozi.

Imyidoga ni myinshi mu mpunzi ziri mw’ikambi ya Nakivale mu gihugu ca Ouganda. Zivuga ko ibisata bigize ubuzima bw’izo mpunzi bitifashe neza na mba, kuko haba agafashanyo bahabwa na hcr kagabanutse hakaba hariho n’abatakikaronka. Bemeza ko no bisata vy’indero n’ubuganga bitifashe neza, iyi nkuru tuyibaze AUDACE  NIMBONA

Arakenuye Audace Nimbona

Imbere yo gusozera aya makuru mukurikire akamo mutegwa n’ishirahamwe Sos Torture.

Nino kuri kano kamo k’ishirahamwe Sos Torture duciye dusosererako amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Mugire aho muba mwubahwe nahubutaha kuri radio Inzamba agateka kawe.

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ibindi bisa n'ibi