Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 05 Gitugutu 2024

Publié le 5 octobre 2024 par Rédaction

Turi kuwa   gatandatu  n,igenekerezo  rya 5 z’ukwezi kw’icumi  umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na jewe jean  Baptiste Bireha nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Intererano y’amatora yo mumwaka w’i 2025 iriko isabwa gutangwa n’abanyagihugu kugushaka kw’abo nta nsiguro ifise mugihe Leta yategekanije amafaranga angana n’imiliyaridi 68 z’igenewe amatora y’imirije kandi umurwi CENI ukaba waremeye ko ayo mafaranga akwiye.Bivurwa na Frederic Banvuginyunvira arongoye urunani CFOR ARUSHA ni nyuma y’urwandiko rw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu rusaba abanyagihugu gutanga iyo ntererano.
  • Urupfu rw’umunyororo Joseph Nzigamasabo y’itavye imana kumunsi wa kane mubitaro ROI khaled Ibujumbura rutegerezwa kubazwa umukuru w’ibohero rya Bubanza Samuel Kayanda yamwimye uruhusha rwo kw’ivuza gushika aho aremba akitaba imana.Ivyo bisaba n’ishirahamwe ACAT BURUNDI aho risaba ubushikiranganji bw’ubutungane gufasha iyo nyifato.
  • Mugisata kijanye n’uburimyi amakenga ni yose kubarimyi bo muntara ya Muyinga bakaba bafise ubwoba ko batazoronka imbuto y’imbuka y’ibigori PAN 53 kumatoni ijana yaragenewe iyo ntara baronse amatoni 45 gusa.Aya n’ayandi ni mukanya.

 

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ikaze muri ano makuru.

Ano makuru tuyahere mugisata ca politike.

Frederic Banvuginyunvira umwe munararibonye z’umugambwe Sahwanya Frodebu akaba arongoye

urunani  CFOR ARUSHA aratangazwa n’invugo y’umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye aho avuga ko imigambwe ibanye neza kandi yiteguye guhiganwa idahezanya yo. Ivyo akaba aherutse kubivugira  muna yagirishije abanyamigambwe . Frederic Banvuginyunvira abona ko ibishikirizwa n’umukuru w’igihugu ari igihushane k’ibiriko biraba kuko umugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD ariwo wonyene ukora amakoraniro atankomanzi. Uyo munyepolitike akabona ko  umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye ashaka kwerekana isanamu nziza y’iwe n’iyigihugu.kurikira.

Frederic Banvuginyunvira aratangazwa kandi no kubona umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu yarasohoye urwandiko rusaba abanyagihugu gutanga intererano kugushaka y’amatora yo muri 2025 mugihe itegeko rigenga amafaranga  mugihugu ry’ategekanije guha umurwi CNI Imiliyaridi 68 kandi uyo murwi ukaba warashimye ko ayo mafaranga akwiye. Frederic Banvuginyunvira abona ko ahubwo abanyagihugu bazoyatozwa kunguvu rikaba itegeko. Nubu nyene tumukurikire.

Dutandukire igisata cagateka ka zina muntu.Umuyobozi w’ibohero rya Bubanza, Samuel Kayanda, ategerezwa kubazwa urupfu rw’umunyororo  Joseph Nzigamasabo. Ivyo bisabwa n’ishirahamwe ACAT Burundi, inyuma y’aho uwo munyororo apfiriye ku musi wa kane mu bitaro Roi Khaled i Bujumbura aho yariko aravurirwa. Jean Claude Ntibrumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mur’iryo shirahamwe, amenyesha ko umwo mupfungwa yajanywe mur’ivyo bitaro amaze kuremba cane, kubera uwo muyobozi w’ibohero rya Bubanzana hamwe nabo  bakorana bari banse ko avurwa. Jean Claude Ntiburumunsi agasaba ubushikiranganji bw’Ubutungane gutuza iyo ngendo, mu guhana vy’akarorero abayigendera.

Ano makuru tuyabandanirize m’ugisata kijanye n’uburimyi aho abarimyi batari bake bo mu ntara ya Muyinga bafise amakenga menshi ko batazoronka imbuto y’ibigori y’ikivyagwa PAN 53 yimbuka cane, Reta iherutse kumenyesha ko yazaniye abarimyi ku giciro c’amafaranga 4.200 ku ikiro. Ku matoni 100  y’iyo mbuto yarikenewe mur’iyo ntara ngo habonetse iyababa amatoni 45 gusa. Mubiro vy’uburimiyi n’ubworozi muntar aya Muyinga basaba abarimyi kutarera amaboko ahubwo ko bokoresha n’izindi mbuto z’ibigori zemewe. Ido n’ido na josephine jones Nkunzimana .

N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka ku munsi mpuzamakungu wahariwe umwarimu, umunsi uhimbazwa uko umwaka utashe igenekerezo rya 05 Gitugutu. « Kw’isoko » mugishikirizwa na Eddy Claude Nininahazwe.

Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire ivyanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye k’Uburundi mushikirizwa na Audace Nimbona.

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe  jean Baptiste Bireha Mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.

Ibindi bisa n'ibi