Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 5 Mukakaro umwaka wi 2024. Aa nayo tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira
- Agateka ka zina muntu kabandanya gatosekara mu Burundi kandi bigakorwa n’Urwaruka rw,imbonerakure rufadikanije n,abamwe bo munzego z,umutekano n,iperereza. Ivyo bivugwa n,intumwa idasanzwe y,ishirahamwe mpuzamakungo ONU ijejwe gukurikirana ibijanye n,agateka ka zina muntu mu Burundi. N’abaharanira agateka kazina muntu mu Burundi baremeza ibivurwa n’intumwa idasanzwe ya ONU. Muraza kubikurikira.
- Intumwa z’abagize umurwi nshingwantwaro y’ibanki y’isi ziri mu rugendo rw’iminsi itatu mu Burundi. Urwo rugendo rukaba ari inkoramutima ku mushikiranganji w’ikigega ca leta nkuko yabimenyesheje inyuma y’inama yagiranye nizo ntumwa kuri uyu wa kane. Intumbero nini yurwo rugendo akaba ari ugusuzuma aho imigambi iyo banki ifashamwo igeze, nico imaze kumara mu gihugu.
- Abigeme batatu bo mu ntara ya Ngozi barakorewe amabi ashingiye kugitsina. Ivyo bitigiri bishirwa ahabona n’ishirahamwe riharanira ineza y’abana FENADEB muri aya mezi abiri aheze. Ishirahalwe FENADEB batera akamo abategetsi gufata ingingo zihuta kugira batuze abakora ayo mabi. Kaze mwese
Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’agateka kazina muntu
Agateka ka zina muntu kabandanya gatosekara mu BURUNDI. Urwaruka rw,imbonerakure rufadikanije n,abamwe bo munzego z,umutekano n,iperereza bakaba badomwako urutoke n,intumwa idasanzwe y,ishirahamwe mpuzamakungo ONU ijejwe gukurikirana ibijanye n,agateka ka zina muntu mu Burundi Fortune Gaetan Zongo. Iyo ntumwa idasanzwe ivuga ko hamwe atacokorwa hashobora kwaduka ibindi vyago mugihugu nk,ivyahitiye.Yabishikirije kuruno wa kane I Geneve munama igira 56 y,ishirahamwe mpuzamakungu Onu iraba ibijanye n,agateka ka zina muntu. kurikira.
Ivyegeranyo bibandanya bikogwa n’intumwa zidasanzwe z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu vyerekeye agateka ka zina muntu mu Burundi , ngo ni’ivyegeranyo bifatiye kububeshi no gushaka gucafuza igihugu kuko biteye kubiri n’ukuri. Ivyo vyavuzwe ejo ku mus iwa kane na Elsa Nkerabirori aserukira leta y’Uburundi mu kanama ijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Hari mu nama isanzwe mu vyerekeye agateka ka zina muntu yabereye i Geneve ku cicaro c’iryo shirahamwe . Elsa Nkerabirori avugako bitari bakwiye guha agaciro ivyo vyegeranyo kuko bikorwa hisunzwe amakuru atangwa n’abansi b’igihugu. Tumutegamatwi.
Mu mashirahamwe FIACT na Acat Burundi aharanira agatake kazina muntu barerekana ko agateka kazina muntu kabandanya guhungabana. Mw’ishirahamwe ACAT bavuga ko muvyegeranyo vyabo hari abantu barenga 160 bishwe mugihe gito gusa. Umushingamwanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT avuga ko n’agateka k’abamenyeshamakuru kabandanya guhungabana. Kurikira
Tubandanye ayo twabateguriye ùubijanye n’ubutunzi.
Intumwa z’abagize umurwi nshingwantwaro y’ibanki y’isi ziri mu rugendo rw’iminsi itatu mu Burundi. Urwo rugendo rukaba ari inkoramutima ku mushikiranganji w’ikigega ca leta nkuko yabimenyesheje inyuma y’inama yagiranye nizo ntumwa kuri uyu wa kane. Intumbero nini yurwo rugendo akaba ari ugusuzuma aho imigambi iyo banki ifashamwo igeze, nico imaze kumara mu gihugu. Kubw’umushikiranganji Audace Niyonzima, urwo rugendo ruzoha akaryo leta y’Uburundi kwerekana aho igejeje iterambere n’ugutsimbataza ugufashanya n’ibanki y’isi yose. Kurikira.
Abigeme batatu bo mu ntara ya Ngozi barakorewe amabi ashingiye kugitsina. Ivyo bitigiri bishirwa ahabona n’ishirahamwe riharanira ineza y’abana FENADEB muri aya mezi abiri aheze. Kubwa Ferdinand Simbaruhije, umuvugizi w’ishirahamwe FENADEB, iryo hohoterwa rirabahagaritse umutima, kuko umwe murabo bigeme yafashwe ku nguvu acaragandagurwa mu nyuma. Kurayo mabi, Ferdinand Simbaruhije aratera akamo abategetsi gufata ingingo zihuta kugira batuze abakora ayo mabi, abayakoze bamenyekane bongere bahanwe vy’akarorero. Kurikira.
Ni ngaha duciye dusozerera aya makuru twabateguriye mwakoze mwebwe mwese mwaduteze yompi. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha.