Turi kuwa Gatatu n’igenekerezo rya 5 Ntwarante umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango rya makuru mukirundi nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Kur’uno wakabiri niho hari hategekanijwe ko umumenyeshamakuru Sandra Muhoza yunvirizwa muri sentare nkuru ikukira Mukaza mugisata c’iyungururizo ariko ntiyabaye akiburana kuko atari kurutonde rwabarengukijwe.Ishirahamwe ryabamenyeshamakuru batagira imbibe Reporter sans frontiere riranegura iyo nyifato y’ubucamanza rigasaba ko Sandra Muhoza yorekurwa.
- Mumukwabu wakozwe n’igipolisi gifadikanije n’abasirikare kuruno wa kabiri muri komine Nyanza Lac abantu barenga amajana atatu n’ibo bahagaritswe.Ngo hoba hariko haronderwa impunzi za ba kongomani.
- Mugisata kijanye n’uburimyi abanyagihanga basabwa kuronswa ifumbire yo mubwoko bwa Iree ngo bitagenze uko uyo mwaka umwimbu w’igiterwa c’umuceri uzoba muke cane ngo kuko imirima y’umuceri yatanguye guhishira.Aya nayandi ni mukanya .Sangwa ikaze.
Ndasubiye kubaramutsa.Ano makuru tuyahere mugisata c’ubutungane.
Umumenyeshamakuru Sandra Muhoza akorera ikinyamakuru LANOVA kuruno wa kabiri igenekerezo rya kane Ntwarante niho vyari bitegekanijwe ko aburanishwa ubwambere muri sentare nkuru y’iyungururizo ya Mukaza.Ariko ntiyashoboye kunvirizwa kuko yasanze atari kurutonde rw’ababuranishwa. Ishirahamwe Reporter sans Frontieres ririyamiriza iyo ngendo y’ubutungane .N’inkuru ya Pacifique Nkeshimana.
Impunzi za ba kongomani baba mw’ikambi y’inyankanda ni muri commune Butezi muntara ya Ruyigi basaba ubutungane ko bwobarenganura ni inyuma yaho umwe muribo azwi kumatazirano ya Innocent atorewe ikiziga Kw’igenekerezo rya 2 Ntwarante muri iyo kambi aho yarasanzwe aba n’umutambukanyi wiwe. Abakongomani baba muri iyo kambi bakaba batangazwa nurwo rupfu rwashikiye mugenzi wabo ngo kuko atamuntu numwe bari bafitaniye ingorane. Amakuru ava ngaho mw’ikambi akatumenyesha ko ngo yoba atarabanye neza nuwo bubakanye bishobora no kuba intandaro y’urwo rupfu. Uyo mutambukanyi wiwe gushika ubu ngo ntawuzi irengero ry’iwe. Igipolisi ngo kikaba kiriko kirakora ibishoboka kugira uyo mugore ashobore kuboneka. Ivyo biruko mugihe ubuzima bubandanya bugora mumakambi y’impunzi ziba muntara zo muburengero kuva kadutse intambara muri kongo aho impunzi zitemerewe gusohoka hanze y’ikambi uko zivyifuza. Bategetswe ko atampunzi nimwe ishobora kuba iri inyuma y’ikambi kuva isaha cumi na zibiri zo kumugoroba.Ivyo biruko mugihe ngo bahora batunzwe nurudandazwa ruto rto aho bahora bava mwikambi bakaja gucuruza kumurwa mukuru w’intara ya Ruyigi canke bakaja kurondera akazi mugisagara ca Bujumbura kugira bashobore kubeshaho imiryango yabo.
Abantu barenga 300 baraye bahagaritswe kuruyu wa kabiri kumugwa mukuru wa commune Nyanza-lac y’intara ya Makamba. Bakaba bahagaritswe mumukwabu wo gusaka wakozwe n’igipolisi gifadukanije n’abasirikare bo mw’ikambi ya Nyanza-lac. Ubwambere ngo hoba haronderwa impunzi z’aba nya Congo munyuma bihundukamwo kurondera amakaye ariko intonde z’ababa mumazu. Ido n’ido Parfait Mudasigana
Abarimyi bo muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza basaba kuronswa ifumbire yo mu bwoko bwa urée mu gihe bayikeneye kubera babona ko ibiterwa vyabo bishobora kwononekara mu gihe itoboneka vuba. Aho bigeze umuceri wahora wimbuka ku bwinshi mur’iyo komine, ngo ,watanguye guhishira kubera hari ivyunyunyu ubuze, iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona
Uyu ni wa mwanya w’ikiganiro ‘’Kw’isoko’.Mu kiganiro co kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 5 ntwarante tugaruka kubijanye n’ibwirizwa ry’ukwororera mu mpongore.Ni ibwirizwa bisa naho kugeza ubu atakarusho ryazanye.
Kubw’urunanira rw’amaradiyo Rpa – ijwi ry’abanyagihugu , Inzamba agateka kawe na télévision Renaissance , ikiganiro kw’isoko c’uyu musi mugishikirizwa na Dany Claire Iratwumva
Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe banfashije kuyabatororokaniriza mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.
Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.
Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.