Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 06 Ntwarante 2025

Publié le 6 mars 2025 par Rédaction

Sangwe ikaze na mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe muraya makuru twabateguriye kuruyu musi wakane igenekerezo rya 6 Ntwarante umwaka wi 2025. Aya nayo tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize

  • Bari mumubabaro mwinshi kubera ko batararonswa agahembo ka mezi ane baheraniwe. Abo nabo n’abasirikare bakukurutse mumwaka uheze wi 2024. Abo basirikare basaba gutunganirizwa kuko bari mubukene buzura inzara.
  • Urwaruka rwimbonerakure rwa CNDD FDD rusabwa kuvavanura n’ibikorwa vyububisha rurimwo. ikigo Credej cishinze gutsimbataza indero n’iterambere ry’urwaruka ruvuga ko rutewe impungenge n’ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi bikorwa n’urwaruka rw’imbonerakure. Ico kigo kivunira akagohe urwo rwaruka ngo ruhindure inyifato.
  • Muntara ya Rumonge havugwa ubukene bw’isukari bumaze indwi zibiri zirenga. Abanyagihugu bo mugisagara ca Rumonge na cane cane abo mw’idini ry’aba islam baridoga ko bataronka agasukari muriki gihe camapfungo yabo. Bakavuga ko iyibonetse nayo itangwa kukimenyane iyindi nayo kugiciro cumurengera. Kaze mwesee

Ndasubiye kubaramutsa mwese

Imyidogo ni myinshi mubasirikare bakukurutse mumwaka 2024. Imvo akaba aruko gushika uyu munsi batararonswa agahemba kabo kamezi ane barekuriwe n’amategeko. Basaba ko borenganurwa ngo kuko bari mungorane nyinshi. N’ inkuru ya jean Baptiste Bireha

Arakoze jean Baptiste Bireha

Ikigo CREDEJ ciyemeje gutsimbataza indero n’iterambere ry’urwaruka kivuga ko kirajwe n’ibikorwa vy’urwaruka rw’imbonerakure ziriko zirakoreshwa mububisha butandukanye harimwo n’imyimenyerezo ya gisirikare. Arsene Arakaze arongoye ico kigo asigura ko ivyo bikorwa vy’urwaruka rw’imbonerakure bishobora gukwegera igihugu akaga atagikozwe. Agasaba urwo rwaruka kuvavanura niyo nyifato yububisha bakwegegwamwo n’abanyapolitike maze bagahindura inyifato. Kurikira

Turabandanya amakuru twabateguriye mubumanuko bw’igihugu

Hari ubukene bw’isukari bumaze indwi zirenga zibiri mu gisagara ca Rumonge. Abanyagihugu na cane cane abari mw’idini rya Islam bari mu gihe c’i Ramazani baridoga , bakavugako iyo sukari itangwa ku kimenyane  kandi ku mafaranga y’umurengera. Bavugako ikiro kigeze hagati y’amafaranga ibihumbi cumi na cumi na bitanu . Basaba ababijejwe gutorera umuti ico kibazo. iyo nkuru tuyibaze Pacifique Nkeshimana.

Arakoze na Pacifique Nkeshimana

Tubandanye ayo twabateguriye

Inkurikizi zatanguye kwibonekeza mu miryango ishika 300 yanyazwe amatongo yabo muri komine Matongo mu ntara ya Kayanza. Kubera ubuzima bwahindutse, abana babo batanguye guheba amashure baja gupagasa mu bisagara bitandukanye, mu gihe abigeme bo bishora mu ngeso mbi. Mu gihe iyo miryango ivuga ko yari yaratsinze imanza mu gihe bashaka kunyagwa, nticabujije ko bakwa amatongo yabo mu kwezi kw’10 kw’umwaka uheze, iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona

Arakenuye Audace Nimbona,

Imbere yo gusozera aya makuru mukurikire akamo mutegwa n’ishirahamwe Sos torture

Ni kuri kano kamo k’ishirahamwe Sos torture duciye dusoserereko amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bakoze bagenzanje bafashije kuyegeranya. Ndabipfurize kuroranigwa muvyanyu no mubanyu naho ubutaha.

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ibindi bisa n'ibi