Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 05 Ruheshi 2024

Publié le 5 juin 2024 par Rédaction
  1. Umuntu umwe yarapfuye arashwe urusase mu mishamirano yabaye hagati y’igipolisi n’abunguruza abantu ku ma pikipiki. Ivyo vyabaye kuri uno wa kabiri ku mutumba Mukubano uri muri komine ya Nyanza Lac mu ntara ya Makamba mu gihe abo bapolisi bariko bakurikirana umwe muri abo bashoferi , bamwagirize kuba yapakiye birengeje. Abo bagendesha amamoto bagiriza abapolisi gutwazumukazo mu kazi kabo
  2. Mumakuru ajanye n’itangwa ry,ibitoro, aka mwana wa mama n’ibiturire, ubu ni vyo bisigaye biranga ahanini ugutanga igitoro, iyo kiramutse kibonetse mu gisagara ca Bujumbura. Abatwara imodoka n’amapikipiki bavuga ko ariko ama stasiyo yose atigenza kumwe, bagatanga uturorero tw’izo usanga mwo akajagari, aho abitwa abakomisyoneri aribo batora imodoka zihabwa igitoro, n’ahandi usanga abahakorera bavyifata mwo rugabo.
  3. Dutandukire igisata kijanye n,amagara y,abakozi ba leta.Imyidogo ni myinshi mu banywanyi b’ishirahamwe rivuza abakozi ba Leta « mutuelle  de la fonction publique » mu kinyamazuru. Abo banywanyi bavuga ko iyo bagiye gutora imiti mu ma pharmacies babwirwa ko ata miti ihari canke ngo imiti runaka ntija kuri mutuelle. Aho bigeze basigaye basaba kudasubira gukatwa amafaranga ku mushahara ajanwa muri mituelle, bakaja mu yandi mashirahamwe avuza abanyagihugu.
  4. Mugisata kijanye n’ibidukikije, kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi n’umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe ibidukikije. Mu burundi uyo munsi mukuru ukaba ushitse mugihe ivyago bifatiye kunvura nyinshi itera imyuzurira, aho amazi y’ikiyaga  Tanganyika yaduze akitera mumazu  bitera  agahombo kanini cane kugihugu.  Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem ahanura Leta ko yoza irakora ivyirwa vyerekana agahombo kaba kabaye mugihe habaye ben, ivyo biza hama hagafatwa ingingo ruhasha.   izo ngingo ishirahamwe parcem ribonako hakwiye gusubizwaho ubushikiranganji bujejwe ibidukikije  budafatanye n,ibindi bisata.Tega amatwi Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem akaba yabivuze mumw,ihwezo iryo shirahamwe ryakoze muntumbero yo guhangana n,ibibazo bijanye n,ibidukikije.
  5. Faustin Ndikumana avuga kandi ko integuro yamafaranga leta ikoreha itegerezwa kw,isunga ibibazo bijanye n,ihindagurika ry,ibihe kugira hamwe  ivyo bibazo vyo kwaduka bishobore gutorerwa umuti.
  6. Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire akamo gaterwa n,umuhari inamahoro abakenyezi n,abigeme baharanira amahoro n,umutekano mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi