Amakuru yaranze indwi

Amakuru yo kuwa 05 Rusama 2024

Publié le 5 mai 2024 par Rédaction

 

1. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu LIGUE ITEKA rirajwe ishinga n’ubwicanyi bwimonogoje kuva Evariste Ndayishimiye agiye ku ubutegetsi haraheze imwaka irenga ine. Muri ico kiringo conyene, iryo ishirahamwe ryasanze abantu barenga igihumbi barishwe n’abantu n’ubu bataramenyekana. Ligue Iteka ibabazwa n’uko benshi muri abo bishwe baciye bahambwa ata n’amatohoza arinze gukorwa, rigasaba amakungu gukurikiranira hafi ayo mabi akorwa mu Burundi.
2. Kwubahiriza agateka k’umumenyeshamakuru biracari kure nk’ukwezi, na rirya hari abamenyeshamakuru bakizira umwuga wabo. Binegurwa n’Urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ. Mur’urwo runani bakibutsa ko umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ku wa 3 Rusama, washitse hakiri abamenyeshamakuru babiri b’abapfasoni bapfunzwe kandi ata co bazira, abandi bameyeshamakuru barenga 170 bahunze igihugu. Alexandre Niyungeko arongoye urworunaniakavuga ko gutoteza abamenyeshamakuru ata teka bihauburundi na gato. Agasaba ubutungane bw’Uburundi kwikubita agashi bakarekura abamenyeshamakuru bariko barazira ubusa.
3. Amashirahamwe 19 adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi arasaba irekurwa ry’abamenyeshamakuru Floriane Irangabiyena Sandra Muhoza ayo mashirahamwe avuga ko bapfunzwe ku karenganyo. Ayo mashirahamwe asaba kandi leta gutanguza vuba amatohoza yigenga kw’iburwa irengero ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana hamwe n’igandagurwa ry’umuryango wa Christophe Nkezabahizi.
4. Tubandanye ano makuru makuru makuru. Kunyonora amatungo ya leta, ni yo ngendo nyamukuru iranga abatwara igihugu c’Uburundi. Ivyo binegurwa na musenyeri Simoni Ntamwana, yarongoye diyoseze ya Gitega. Simoni Ntamwana yemeza ko iyo ngendo iri muri benshi mu barongoye igihugu. Mu kiganiro yagiranye na bagenzi bacu ba Radiyo Ijwi ry’Amerika, avuga ko ukwo kwigungira ko gutujijwe, igihugu cotwarwa neza.
5. Icikagurika ry’umuyagankuba rimaze igihe ryibonekeza ni kimwe mu bituma abarondera impapuro z’inzira mu gipolisi kijejwe gucungera imbibe n’uruja n’uruza PAFE bazironka batevye biturutse yuko amasaha yo gukora izo mpapuro aca agabanuka. Ivyo bivugwa na Maurice Mbonimpa, komiseri mukuru wa PAFE, aho avuga kandi ko imvo nyamukuru ituma izo mpapuro ziteba kuboneka ar’uko hari abasigaye bakoresha impapuro za magendo mu kuja gusaba impapuro z’inzira, ivyo na vyo ubu ngo bikaba bibanza gusuzumwa imbere yo gutanga izo mpapuro.

Ibindi bisa n'ibi