Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 04 Rusama 2024

Publié le 4 mai 2024 par Rédaction
  1. Mugisata c’ubutunzi aho imyidogo ari myinshi muri bamwe mu barimyi bo muri komine Giteranyi, mu ntara ya Muyinga bashoreye umwimbu wabo w’ibigori ku ikigo c’igihugu kijejwe kugura no kubika umwimbu( ANAGESSA). Bavuga ko inyuma yo gushorera ico kigo umwimbu w’ibigori bataronkejwe amahera mw’ihemba riherutse  mu gihe harabo bashoreye rimwe intete z’ibigori bamaze kuronswa amahera, bagasaba kuronswa ubwo buryo kugira bikenure. Ivyo biruko mugihe umuyobozi mukuru w,ikigo ANAGESSA muminsi yahera yari yamenyesheje ko abarimyi bose bibigori  barishwe amahera y,umwimbu wabo bari bashoreye muri ico kigo.
  2. Icikagurika ry’umuyagankubarim aze igihe ryibonekeza ni kimwe mubituma abarondera impapuro z’inzira mugipolisi kijejwe gucungera imbibe n’uruja n’uruza PAF bazironka batevye bituruste yuko amasaha yo gukora izo mpapuro aca agabanuka. Ivyo bivurwa  na Maurice Mbonimpa, komiseri mukuru ajejwe igipolisi gicungera imbibe n,uruja n,uruza aho avuga kandi ko invo nyamukuru ituma izo mpapuro z,iteba kuboneka aruko hari abasigaye bakoresha impapuro z,amagendo mukuja gusaba impapuro z,inzira,ivyo n,avyo ubu ngo bikaba bibanza gusuzumwa imbere yo gutanga izo mpapuro.
  3. Turi itari 4 Rusama, imyaka 8 ikaba irumanye Jean Baptiste Bagaza, yahoze ari umukuru w’Igihugu ashengeye. Mw’ijambo ryo kwibuka urupfu rwiwe, umugambwe PARENA yashinze ubandanya usaba ko yubakirwa icibutso. PARENA yemeza ko Jean Baptiste Bagaza ari we mukuru w’igihugu yubatse ibintu vyinshi bitandukanye. Zénon Nimubona arongoye uwo mugambwe, akababazwa n’ukubona vyinshi mur’ivyo Bagaza yubatse, biriko biratituka. Zénon Nimubona akaba atanga uburorero butari buke.
  4. Uyu n,umwanya w,ikiganiro kw,isoko.Mukiganiro kw,isoko cuno munsi  dushimikira kubwigenge bw,umumenyesha makuru mu Burundi.
  5. Imbere yo gusozera ano makuru d,ukurikire ivyandistwe n,ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi.

Ibindi bisa n'ibi