Amakuru

Amakuru yo kuwa 06 Mukakaro 2024

Publié le 6 juillet 2024 par Rédaction

Turi ku musi wa gatandatu igenekerezo rya gatandatu ukwezi kwa Mukakaro umwaka w’i 2024, ndabaramukije ndabaha n’ikaze mwebwe mwese mwashimye gukurikirana radio inzamabaagateka kawe , ni wa myanya w’amakuru mu kirundi , ayo twabateguriye uno musi akaba agizwe n’ingingo nkuru nkuru zikurikira .

 

  1. Abanywanyi ba Koperative KORA TUGWIZUMWIMBU yo muri komine Giharo iri mu ntara ya Rutana bavuga barara ntibuca muri kino gihe. Bidoga bavugako bariko barakoregwa iterabwoba kuberako kuva batanguye kwiyamiriza ingingo yafashwe n’umuyobozi ajejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara , ingingo yo kubaaka amatongo bahora barimiramwo.
  2. Ibanki y’isi nayo ngo igiye gufasha gusumba ibisata vy’uburimyi n’ivyereke umyagankuba , ivyo vyashikirijwe n’intumwa z’iyo banki zahora mu rugendo rw’imisi itatu mu Burundi, murabikurikira murano makuru .
  3. Mu kiganiro kw’isoko naho uno musi duca hirya no hino ikibazo c’ibitigiri vy’umurengera vy’abanyororo mu mabohero , n’ingaruka zavyo.

Ndasubiye kubaha ikaze muri ano makuru , nkuko nari mpejeje kubibabwira mu ntango zano makuru , abanywanyi ba cooperative yitwa  KORA TUGWIZUMWIMBU iri muri komine Giharo mu ntara ya Rutana baratekewe n’ubwoba muri kino gihe. Bavugako bariko baragirigwa iterabwoba kuva aho bandikiye ikete umushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi biyamiriza ingingo yo kubanyaga amatongo barimamwo kuva mu mwaka w’i 2017. Iyo ngingo nayo ikaba yafashwe n’umuyobozi ajejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara . Ni inkuru tubaza Josephine Jones Nkunzimana.

Arakoze Josephine Jones Nkunzimana.

Uburimyi n’amasoko ntanganguvu, ni bimwe mu bisata Ibanki y’isi yose yiyemeje gufasha. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’Igihugu inyuma y’aho bamwe mu bagize urwego nshingantwaro rw’iyo banki bahejeje kubonana na Evariste Ndayishimiye i Gitega ku musi wa gatanu. Rosine Guilaine Gatoni avuga ko abo bategetsi b’ibanki y’isi,  bemeje ko iyo banki igiye gufasha kurusha uko  vyahora Uburundi. Urwo rugendo rwabo rukaba rwamaze imisi itatu mu Burundi. Kurikira.

Tubandanirize ano makuru ku kiganiro « Kw’īsôko » co ku misi yose ya gatandatu . Uno musi tugaruka ku bitigiri vy’umurengera vy’abanyororo  birangwa mu mabohero yo mu Burundi.

Ikiganiro « Kw’īsôko » mugishikirizwa na Emile Nibasumba

Mu gusozera ano makuru , tubashikiriize amakuru makuru yanditswe n’ibimrnyeshamakuru muri ino ndwi turiko turasozera , nayo mukaba muyashikirizwa na Eddy Claude Nininahazwe.

Arakoze Eddy Claude Nininahazwe  hakaba ari no ngaho hagarukiye amakuru twari twabateguriye, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiranye, mukaba mwayashikirijwe na Josine Kaze, mugiramahoro iwanyu nahubutaha.

Ibindi bisa n'ibi