Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 06 Ruheshi 2024

Publié le 6 juin 2024 par Rédaction
  1. Umumenyeshamakuru Pascal Ntakirutimana ajejwe igisata ca politike mukinyamakuru iwacu kuruno wagatatu igihe c,isaha imwe z,ijoro yarahatswe kunyuruzwa n,abapolisi babiri bari mumudoka  yo mubwoko bwa pick up y,ibiyo bitabona mugisagara ca Bujumbura.  Ivyo bikaba vyabereye kw,ibarabara ry,itiriwe abasirikare,  Avenue des Forces Armees aho bita kurya Kanyoni ni muri zone c,ibitoke muri komine Ntahangwa. Isoko ryacu ritumenyesha ko  abo bapolisi bahagaritse imodokari yo kw,iyunguruza rusangi  uyo mumenyeshamakuru yarimwo  atashe muri zone kinama bagerageza kumukuramwo kunguvu kugira bamwinjize mumodoka barimwo biranka aca ahungira murupangu ruri hafi y,ibarabara. Ivyo biruko mugihe  urwego CNC  rujejwe kugenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora rwaheruka kwandikira umuyobozi w,ikinyamakuru iwacu  rumugabisha kunkuru ngo ico kimenyesha makuru kimaze iminsi candika zifise aho zihengamiye.Urwego CNC  rugatanga akarorero kukiganiro umwigisha wo muri kaminuza y,uburundi julien Nimubona aherutse gutanga muri ico kinyamakuru casohotse kw,igenekerezo rya 24 Rusama uno mwaka .
  2. Tukiri kur’iyo nkuru urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ   rumenyesha ko rubabaye rukongera rugatera ivyatsi inyifato yabo bapolisi baraye bashatse kunyuruza umumenyeshamakuru  Pascal Ntakirutimana atanico ariko arazira.Alexandre Niyungeko arongoye  urwo runani avuga  ko biteye isoni n,agahinda kubona abokingiye umutekano w,abanyagihugu harimwo n,abamenyeshamakuru aribo bawuhungabanya.
  3. Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike 19 ariyamiriza integuro y’itegeko riha ububasha bwo guca imanza z’amatongo umugwi CVR ujejwe ukuri n’ukunywanisha abarundi. Iyo nteguro y’itegeko iherutse kwemezwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka . Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye , yerekanako bitumvikana ingene ubwo bubasha bwohabwa umurwi CVR kandi warananiwe igikorwa co kunywanisha abarundi. Ayo mashirahamwe abona ahubwo ko uwo murwi wamye werekanako ari igikoresho c’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD , kandi atakindi ukora atari kubiba urwanko n’amacakubiri mu barundi. Asaba umukuru w’igihugu gutemeza iryo tegeko , nayo ahandiho ngo nivyahuha vyoca bihuhuka . Dutegamatwi  Audace Havyarimana, ajejwe gutegura imigambi mw’ishirahamwe FORSC , rimwe mu yateye igikumu kuri iryo tangazo.
  4. Mumakuru ajanye n’intwaro ibereye ngo amafaranga reta ikoresha nta muco uja mwo mu kuyategura. Abarundi basanzwe bategerezwa kugira ico bayavuze ko. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe PARCEM, inyuma y’aho Inama nshikiranganji yemeje integuro y’amafaranga azokoreshwa mu kiringo c’2024-2025. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe akavuga ko Uburundi buri mu bihugu vya nyuma mu bifatirwa ko vyose ku muco wo gutegura ayo mafaranga. Ati ni co gituma haba mwo ubusuma bwinshi. Yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru uno musi.
  5. Kubwa Faustin ndikumana n,uko inzego za leta zohindura ingendo.Ubushikiranganji bwose akaba aribwo buja gusigura imigambi yabwo imbere y,inama nshingamateka ivyo bukora vyose bigakorwa ku mugaragaro
  6. Mugisata c,umuyagankuba naho abanyagihugu bagiye kw,iruhusta.Ingorane z’ibura ry’umuyagankuba zigiye guhera mu kiringo kitarenze indwi zibiri. Vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru wa REGIDESO hari mu kiganiro yagiranye n’amenyeshamakuru kur’uyu wa kane mu gisagara ca Bujumbura. Jean Albert Manigomba, avuga ko hagiye kwongerezwa inguvu z’umuriro utangwa, ariko akongera ko ko bizokorwa buke buke kugira ngo ivyuma ntibize bahave biturika
  7. Imyaka 121 iraheze umwami w’u Burundi Mwezi Gisabo ateye igikumu Ku masezerano yo guhagarika intambara yari yatewe nuko u Burundi bwari bwavigerewe naba kavantara babadagi. Abo bakaba baserukiwe n’uwitwa Von Biring. Amasezerano yatumye u Burundi butwarwa mu bukoroni n’igihugu c’u budagi.
  8. Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire akamo gaterwa n’umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu BURUNDI.

Ibindi bisa n'ibi