Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 07 Gitugutu 2024

Publié le 7 octobre 2024 par Rédaction

Ndabahaye mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wambere igenekerezo rya 7 Gitugutu umwaka wi 2024. Amakuru twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize

  • Barasaba yuko habaho ibiganiro bihuza bose hongere hahagarikwe umugambi w’amatora uza waratanguye. Abo nabo n’abarundi bahurikiye m’urunani rw’abakunda igihugu kigengwa n’amategeko mu Burundi. Ivyo biri mw’ikete barungikikiye umukuru w’igihugu. Bakanegura ko amatora ariko ategugwa mugihe igihugu gihanzwe n’ibibazo vyinshi.
  • Intererano nayo isabwa abanyagihugu y’amatora yimirije ngo n’ubusuma bwateguwe na leta y’uburundi. Bamwe mubanyagihugu baganiriye na radio Inzamba bariyamiriza izo ntererano bariko barakwa ngo zo guterera amatora yo mumwaka uza. Basaba ko vyohagarara kuko basanzwe bugarijwe n’ubukene butagira izina.
  • Ishirahamwe PARCEM naryo rivuga ko ritewe umutima uhagaze n’ikena ry’igitoro co mubwoko bwa Mazout ryasubiye kwibonekeza mugihugu. Iryo shirahamwe kandi riranegura n’ibijanye niyandikwa ry’ama modoka ingene ririko riragenda bijanye nivyo gutanga igitoro. Kaze mwese mw’ido n’ido mukanya

 

Ndasubiye kubaramutsa

Urunani rw’Abarundi bakunda Igihugu baharanira igihugu kigengwa n’amategeko mu Burundi, rusaba yuko habaho ibiganiro bihuza bose hongere hahagarikwe umugambi w’amatora uza waratanguye. Mw’ikete ryarungikiwe umukuru w’igihugu haraheze ukwezi, ikete uruganda rwa radio Inzamba rwaronse ikopi, abo barundi bahurikiye mu runani RAPIDE SERUKA, baributsa ko nko mu mwaka w’2015, integuro y’amatora nubu yabaye aberwa n’amatora bose batagishijwe inama, hagakumirwa n’umurwi munini w’abarundi bahunze igihugu. Kubwa Vincent Nyandwi, umuvugizi wa RAPIDE Seruka, hamwe mw’ihiganwa rya politike ubutegetsi buja mu rukino bukaba n’umuhagarikizi, iyindi migambwe iba yatsinzwe hakiri kare. Iyo ngendo rero nayo ngo itegerezwa guhagarara.

Uno munsi kandi, nkuko bibandanya bivugwa n’abo barundi bahurikiye mu runani RAPIDE Seruka, integuro y’amatora iriko iba mu gihe igihugu kirangwamwo ubutunzi bwifashe nabi, ubukene bw’ibitoro bwisubiriza, ifaranga ryataye agaciro hamwe n’iduzwa ry’ibiciro kuvyankenerwa vyose. Dusubire dukurikire Vincent Nyandwi, umuvugizi w’urunani RAPIDE Seruka.

Tubandanye amakuru twabateguriye

Ngo biratomoye neza ko amafaranga yakwa ku nguvu abanyagihugu yo guterera amatora ari ubusuma bakorerwa kuko urwandiko rw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, rutomora neza ko atagahato karimwo, naho bamwe babona ko ari uruhendo ko umugambwe CNDD FDD wama ukoresha iterabwoba. Bishikirizwa n’abanyagihugu, inyuma y’aho uwo mushikiranganji asohoreye urwo rwandiko ku mus iwa gatanu igenekerezo rya 4 za kuno kwezi kw’10.  Abo banyagihugu bagasaba  abakora mu gisata c’ubuganga bakwa umushahara w’ukwezi kutawutanga, umvirize bamwe mur’abo banyagihugu

 

Ishirahamwe Olucome naryonyene ririyamiriza umugambi wa leta wo gusaba abanyagihugu intererano y’amatora yimirije. Iryo shirahamwe rikavuga ko ayo mahera adakenewe kuko n’umukuru w’igihugu aheruka gushikiriza ko amahera y’amatora ahari kandi akwiye. Jean Nduwimana avugira ishirahamwe Olucome akavuga ko n’umukuru w’umurwi utegura amatora CENI yerekanye ko hari amahera azova mukigega ca leta. Ishirahamwe Olucome rigasaba ko guterereza abanyagihugu vyohagarara kuko basanzwe bari mubukene butagira izina.

Radio Inzamba tubandanye amakuru twabateguriye

Ishirahamwe PARCEM riratewe umutima uhagaze n’ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa MAZOUT busa nubwimonogoje muriyi misi. Ubukene bw’ico gitoro ngo buriko buratera ingaruka mbi ku bikorwa vyinshi vy’iterambere nkuko bivugwa na Faustin Ndikumnana arongoye iryo shirahamwe, agasaba leta gukora ibishoboka ibintu bitarayangara . Tumutegamatwi.

Faustin Ndikumana aranegura kandi ingene abantu batamenyeshejwe bikwiye ingingo yo kwandika imiduga yose mishasha bijanye no gutanga igitoro. Iyo ngingo ngo yabwirizwa kubanza gusigurwa neza imbere yo gushigwa mu ngiro kugira abanyagihugu bamenye imvo n’imvano yayo. Dusubire tumwumvirize.

Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha

Ibindi bisa n'ibi