Turi kuwa Gatanu n’igenekerezo rya 7 Ntwarante umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango rya makuru mukirundi nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Ihohoterwa rya kiremwa muntu n’ihagarikwa hadakurikijwe amategeko bibandanya vibonekeza m’Uburundi.Abadomwako urutoke muri ayo mabi akaba ari abo munzego zitandukanye za Leta n’imbonerakure.Ivyo vyashikirijwe n’umushingwamanza Armel Niyongere umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe SOS torture munama yabereye i Geneve mubu swise imbere y’intumwa yigenga y’ishirahamwe mpuzamakungu Onu araba ibijanye no guhohotera abantu hamwe n’uwujejwe gukingira abaharanira agateka ka zina muntu.
- Ishavu ni ryinshi mubakozi bo mw’ishirahamwe ryo kuvuzanya mutuelle de la function publique biturutse kuri komite nyobozi iherutse kw’iyongera Imishahara.Basaba ko vyohagarara kuko biciye kubiri n’ amategeko agenga abakozi ba Leta na mutuelle.
- Mumakuru ajanye n’indero abigisha bari barungitswe gukorera kure y’imiryango yabo basaba ubushikiranganji bw’indero kubasubiza gukorera hafi yababo nkuko ubushikiranganji bwari bwarabibemereye.Ngo kubera ubukene ntibagishobora kuronka ingene biyunguruza kugira baje kuraba imiryango yabo.Aya n’ayandi ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ikaze.
Ano makuru tuyahere mugisata c’agateka ka zina muntu.
Ihohoterwa rya kiremwa muntu ribandanya kwibonekeza mu Burundi abandi bantu nabo bagahagarikwa hadakurikijwe amategeko ivyo navyo bigatuma n’amabohero arengegwa n’ibitigiri bitegetekanijwe n’amategeko. Ivyo nivyashikirijwe munama yabereye i geneve mubuswiwe imbere y’umuhinga yigenga mwishirahamwe ONU araba ibijanye no guhuhotera abantu hamwe n’umuhinga araba ibijanye no gukingira abaharanira agateka kazina muntu. Ishirahamwe Sos torture rimwe mumashirahamwe agwanya ihohotegwa rya kiremwa muntu mu Burundi ryarerekanye ko mu burundi nubu agateka kazina muntu kabandanya guhungabana. Armel Niyongere umunyamabanga mukuru wiryo shirahamwe asigura ko berekanye ko amabi abandanya gukorwa n’inzego za leta harimwo n’urwaruka rw’imbonerakure. Akaba avuga ko n’abajejwe agateka kazina muntu babangamiwe mubihungu bahungiyemwo. Tumukurikire
Imyidogo ni myishi mu bakozi b’ishirahamwe ryo kuvuzanya Mituelle de la fonction publique. Imvo yiyo myidogo akaba aruko komite nyobozi iherutse kwidugiriza imishahara. Ivyo abakozi ba mutuelle bavuga ko biteye kubiri n’amategeko agenga abakozi ba reta na mutuelle bagasaba ko vyohagarikwa. Inkuru ya Parfait Mudasigana.
Mugisata kijanye n’indero agashavu ni kenshi mu bigisha barungitswe gukora kure y’imiryango yabo mu mwaka w’i 2017. Bavugako ubushikiranganji bwari bwabemereye kuzobasubiza gukorera hafi y’imiryango yabo ariko ngo bararindiriye amaso ahera mu kirere. Uno musi bavugako badashobora kuja kuraba imiryango yabo kubera ubukene barimwo butuma badashobora kwiyunguruza gushikayo. Basaba ubushikiranganji bw’indero bubijejwe giutorera inyishu ico kibazo . Ni inkuru tubaza Jean Georges Kibogora.
Kw’igenekerezo rya ndwi Ntwarante n’umusi mukuru mpuzamkungu wahariwe umuhora internet sûr.Uyo munsi ushitse mu Burundi abanyagihugu bidoga ko bigoye gutumatumanako bakoresheje uwo muhora. Bavuga ko iyo urungitse ubutumwa kenshi ngo ntibikunda, ikindi gihe bukagarukira mu nzira. Baranatanga akarorero aho mu misi iheze vyanse ko umukuru w’igihugu yitaba inama y’abakuru b’ibihugu mur’aka karere ku rubuga ngurukanabumenyi. Umvirize bamwe mur’abo banyagihugu bavuganye na Radiyo Inzamba Agateka Kawe
Ishirahamwe Parcem risaba Leta gushira uburyo bukwiye muri ico gisata kiri mubisata bikomeye bigize inkinyi y’iterambere. Ngo ninaho abarwizatunga bo hanze bazohurumbira kuzana imitahe yabo mugihugu. Tega amatwi Faustin Ndikumana n’umuyobozi w’ishirahamwe Parcem.
Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe banfashije kuyabatororokaniriza mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.
Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.
Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.