Turi kuwa gatandatu n’igenekerezo rya 7 Nyakanga ni mu mwaka 2024. Ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mu kirundi mukaba muyashikirizwa na jewe Jean Baptiste Bireha.Ano makuru agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Ngo birababaje kubona igihugu kibanyi ca zambiya gicura bufuni na buhoro Abarundi baba muri ico gihugu.Ivyo bivurwa na Frederic banvuginyunvira arongoye urunani CFOR ARUSHA ni inyuma yaho kuruno wagatatu uheze igipolisi c’ico gihugu cafashe Abarundi barenga amajana abiri mugikorwa co kurondera abantu baba muri ico gihugu badafise vyangombwa.Frederic Banvuginyunvira abona ko ico kibazo cari gikwiye kw’icarirwa n’ivyo bihugu uko ari bibiri.
- Imyidogo ni yose mubanyagihugu bo kumutumba Murama ni muri zone Rugari muri komine n’intara ya Muyinga.Abo banyagihugu bavuga ko ataterambere rishoboka kuruyo mutumba mugihe bafise ubukene bw’amazi no kutagira umuyagankuba.Umukuru wuyo mutumba asaba ababijejwe gutorera umuti ico kibazo.Muraza kuvyunva mumakuru aranvuye.
- Nayo mukiganiro kw’isoko c’uno munsi tugaruka kw’ipfungwa ry’umumenyesha makuru Sandra Muhoza vyari bitegekanijwe ko arenguka imbere y’ubutungane kuruno wakane ariko akaba atashoboye kurenguka ngo biturutse kw’ibura ry’ibitoro vy’imodoka yari kumwunguruza. Ido nido ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa ndabaha n’ikaze murano makuru.
Abarundi bagera 205 baba I Rusaka kumurwa mukuru w’igihugu ca Zambiya kuruno wagatatu igenekerezo rya kane nyakanga barafashwe n’igipolisi ca Zambiya.Ivyo bikaba vyabaye igihe c’isaha c’umi n’imwe zo mugitondo mugikorwa co kurondera abantu baba muri ico gihugu hadakurikijwe amategeko bise clean up operation. Frederic Banvuginyunvira arongoye urunani CFOR Arusha avuga ko bibabaje cane kubona abanyagihugu bafatwa nabi nigihugu kibanyi. Uyo munyepolitike akavuga ko amategeko ariho ariko ko yategerezwa kuvuganwako n’ivyo bihugu uko ari bibiri na cane cane ko umukuru w’igihugu c’uburundi yari yagiyeyo kugira abereke umutima kivandimwe mukubashikiriza infashanyo yahavuye ihinduka ikibazo ku barundi baba muri ico gihugu. Kurikira Frederic Banvuginyunvira.
Ano makuru tuyabandanirize muntara ya muyinga ni muburaruko bw’igihugu aho abanyagihugu baba k’umutumba wa Murama, zone Rugari ,Komine n’intara ya Muyinga, bidoga ko ata terambere bimirije gushikako mugihe cose uwo mutumba wabo utazoba uraronswa amatara n’amazi. Bamwe mubanyagihugu baba kuruyo mutumba bababazwa nuko ibido y’amaritiro 20 y’amazi igurwa amahera 1000. Izo ngorane zidogegwa n’abo banyagihugu zigashimangigwa n’uwurongoye umutumba Murama, agasaba ko boronswa umuyagankuba n’amazi kugira bashobore kwiteza imbere. Ido n’ido na Alexandrine Keza…
Tumire amate duce tubandanya nayo twabateguriye.
N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka kw’ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Sandra Muhoza yari yiteze kurenguka kuri uyu wa kane igenekerezo rya 5 Nyakanga umwaka w’2024, ariko akaba atarengutse ku mvo zokubura igitoro. « Kw’isoko » mugishikirizwa na Bonfils Niyongere.
Imbere yo gusozera ano makuru mukurikire bikuru bikuru vyanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi .Mubishikirizwa na mugenzi wacu Audace Nimbona.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye bagenzanje banfashije kuyatororokanya na mwebwe mwese mwaduteze yompi ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe jean Baptiste Bireha mugire week end nziza mwese. Naho ubutaha.