- Hari umukenyezi w’imyaka 58 yarazwi kw’izina rya Astérie Barakamfitiye wo ku mutumba Gitwa, zone Gatsinda na komine Mwumba y’intara ya Ngozi yaraye yitavye Imana akubiswe amahiri, nk’uko abajejwe intwaro muri iyo komine babimenyesha. Abo na bo bakavuga ko vyose vyaturutse ku mishwano yavutse hagati y’uwo mukenyezi n’umugabo wiwe azwi kw’izina rya Nyamibara, mu gihe bari bageze mubira bavanye ku cabaret kwivuna akanyota. Umugabo rero ngo yaciye amuhuragura, mu nyuma uwo mukenyezi aca aritaba Imana. Abajejwe intwaro muri komine Mwumba bagasaba abubakanye kwirinda gusubiranamwo mu gihe cose hari ico batumvikanyeko hanyuma bakirinda gusubiranamwo kuko rimwe na rimwe bivyara akarambaraye.
- Abasirikare b’abarundi bari mu ntara ya Kivu yo mu Buraruko mugihugu ca Congo baratabarizwa na bagenzi babo bo muri Kongo ko bamaze ukwezi bataronswa umukate n’amazi yo kunywa bari basanzwe bandikiwe. Ikitavuzwe ni agashirukabute k’amadolari 50 baheruka gukubita ijisho mu kwezi kwa kabiri. Abasirikare ba Congo babatabariza bavuga ko abatware b’abarundi banyuruza ivyo bagenewe baca babaka amaterefone ngo ntibashobore no kwitabariza.
- Gukorana kw’ubutegetsi bwa CNDD-FDD n’umuhari FDLR mu ntambara barimwo mu buseruko bwa Congo ntikwizanye. Ukwo gukorana ngo gushingiye ku kwanka abatutsi hamwe no ku nyungu z’amafaranga. Bivugwa na Athanase Karayenga, umumenyeshamakuru akurikiranira hafi na politike. Amenyesha ko yagize amatohoza aramenya ko umugambwe CNDD-FDD na FDLR yakoreye ihonyabwoko Abatutsi mu Rwanda bagiriraniye amasezerano yo gukorana mu kinyegero kuva CNDD-FDD imaze umwaka umwe ku butegetsi.
- Ibiherutse kuba vyo gushaka kunyuruza umumenyeshamakuru Pascal Ntakirutimana ajejwe igisata ca politike mu kinyamakuru iwacu bigaragaza ko mu Burundi atabutegetsi buhari. Ivyo bishikirizwa na Epitace Nshimirimana avugira umugambwe MSD aho asigura ko igihugu kiri mungorane zidasanzwe.
- Kubijanye n’isakwa ry’agasakisaki rimaze iminsi rikorwa muri zone c’ibitoke mugisagara ca Bujumbura, umugambwe MSD ubona ko leta ifise ubwoba budasanzwe bw’amabi yirirwa irakorera abarundi kubera igihugu cabananiye gutunganya.
- Ingingo yafashwe n’igipolisi ibuza amamodokari n’amapikipiki kurindirira igitoro ku ma stations iriyamirizwa n’abanyagihugu mu ntara ya Ruyigi. Ngo ntana kimwe gishobora gusigura ifatwa ry’iyo ngingo mu gihe izo modokari ataco ziba ziriko zironona, inyifato y’abapolisi bazipakira bakaja kuzipfunga ikaba isongera isibe kuko bazipakira nabi zigashobora kwononekara.
- Imbere yuko dugusozera aya makuru mukurikire agakino mwateguriwe n’umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi