Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 08 Rusama 2024

Publié le 8 mai 2024 par Rédaction
  1. Hari ikiziga c’umwana w’umwigeme w’imyaka 12 catowe kuri uwu wa gatatu ku mutumba Gacu wa komine Nyamurenza aho yiciwe. Inkuru zitangwa n’abajejwe intwaro aho muri komine ya Nyamurenza, zimenyesha ko uwo mwana yahora yiga kw’ishure shingiro rya Nyamurenza ya kabiri, akaba yari amaze ikiringo hafi c’indwi yose yaraburiwe irengero. Izo nkuru nyene zikavuga ko amatohoza yerakana ko uwo mwana yabanje gushurashuzwa imbere yuko yicwa aciwe izosi. Abo bajejwe intwaro aho muri komine ya Nyamurenza bagatera akamo abo barongoye babasaba kwubahiriza ubuzima bwa kiremwamuntu. Abaharanira agateka k’abana mu ntara ya Ngozi bakaba batera ivyatsi abakoze ubwo bubisha bagasaba ko amatohoza yonyaruka hanyuma uwuzokwagirwa n’icaha ahanwe hisunzwe amategeko.
  2. Ni akababaro kenshi mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura biturutse ku ngorane zo kubura igitoro. Abanyagihugu bavuganye na Radiyo Inzamba bemeza ko batumva na gatoyi ingene igihugu gishobora kumara ukwezi kwose ata n’ima ry’igitoro kibonetse mu bituro vyama stasiyo. Bavuga ko ibintu vya nkenerwa vyaduze ku rugero ruteye ubwoba kuko nk’akarorero itike yo kwiyunguruza yaduze incuro zirenga zitanu.
  3. Leta y’Uburundi iremanga kwidashoboye gutorera umuti ikena ry’igitoro mu gihugu rimaze imyaka irenga ibiri. Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yavyemanze imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka mu gihe yariko arashikiriza ivyaranguwe na leta mu gice ca mbere c’amafranga yakoreshejwe mu mwaka w’2023 ushira uwa 2024, haraheze indwi zibiri. Yamara Gervais Ndirakobuca abonako kugira amafranga y’agaciro asubire kuboneka, hakwiye kurwizwa umwimbu mu gihugu kugira ushorwe mu mahanga.
  4. Ku rundi ruhande, ishirahamwe PARCEM ribonako inyishu zihari kandi zitari nke. Ariko ngo bisabako abategetsi bahindura ingendo bakabanza bakabonako igihugu kigeze mu manga maze bakarwanya intwaro mbi irangwa mu gihugu. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, aradondagura ingendo ngenderwako kugira Uburundi bushobore gusohoka mukaga burimwo.
  5. Kugira ibibazo vy’ubutunzi muri rusangi bironke umuti urama mu gihugu, ishirahamwe Olucome ribona ko umukuru w’igihugu yotumako mu maguru masha inama mpuzamakungu yabasanzwe bafasha Uburundi kugira barabire hamwe n’aberwa n’ikibazo kijanye n’ubutunzi mu gihugu ingene inyishu yibizingamitse ubutunzi bw’igihugu yoboneka. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe olucome akanegurako iryo shirahamwe rimaze kwandikira umukuru w’igihugu incuro nyinshi rimwereka inzira zoshoboka kugira ibibazo biri mu gihugu bijanye n’ubutunzi bitorerwe umuti, ariko ngo nta nyishu bigeze baronka.
  6. Ingingo yafashwe na leta y’Uburundi yo kwugara imipaka bihana n’igihugu c’Urwanda iriko iragira ingaruka mbi nyinshi ku banyagihugu bo mu ma komine arenga cumi yo mu ntara za Kayanza, Ngozi, Bubanza, Cibitoke na Kirundo. Ivyo bivugwa n’urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike. Izo ngaruka ngo zibonekeza cane cane mu bisata vy’indero, amagara y’abantu, imibano n’ivyerekeye umutekano. Urunani Forsc rukabonako abanyagihugu bariko baragwa mu mporero y’ivyo batazi, rugasaba leta y’Uburundi kwisubirako igahagarika iyo ngingo ku neza y’abo banyagihugu.

 

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ibindi bisa n'ibi