Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 07 Rusama 2024

Publié le 7 mai 2024 par Rédaction

 

  1. Integuro y’itegeko risubiramwo itegeko ryo kumenyeshamakuru yemejwe kuruyu wa kabiri n’inama shingamateka y’Uburundi. Iyo nteguro ikaba ikuraho ibihano vyo gupfunga abamenyeshamakuru mu Burundi. M’urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi UBJ barashima iyo ntambwe ishitsweko. Alexandre Niyungeko arongoye urwo runani akavuga ko ari inkuru nziza m’umuryango w’abamenyehsamakuru kuko bamye baharanira ko amategeko y’umwuga yubahirizwa. Ariko kubwiwe ngo haracariho agahaze kuko hakiri abapfasoni babiri b’abamenyeshamakuru bagipfunzwe mu Burundi kandi ataco bariko barazira. Akizera ko abo bapfasoni bapfunzwe bagiye kurekugwa.
  2. Ivyegeranyo bitandukanye ku gateka ka zinamuntu mu Burundi vyerekana ko ubutegetsi, na cane cane umukuru w’Igihugu, babesha. Binegurwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD Zigamibanga utavuga rumwe na reta. Akaba abivuze afatiye ku cegeranyo c’ishirahamwe ry’agateka ka zina muntu league Iteka co mu kwezi kwa kane guheruka, aho ryerekana ko abantu 48 ari bo bamenyekanye ko bagandaguwe mu Burundi mur’ico kiringo co nyene. Chauvineau Mugwengezo akavuga ko iyo ngendo isa n’iyiranga ubutegetsi, izotuma Abarundi n’amakungu bamenya neza abarongoye Uburundi abo ari bo.
  3. Abagabo batatu, babiri muribo bagiriwe n’icaha co kwinjiza ibiro 81 vy’urumogi hamwe n’uwabafashije kwuvyunguruza n’ipikipiki, nibo baciriwe ibihano bitandukanye harimwo gufungwa no kuriha amahadabu n’a Sentare nkuru y’igihugu yo mu ntara ya Muyinga kur’uwu wa 1, uwugira 4 nawe yambikwa izera n’iyo Sentare nyene, nkuko amakuru atangwa n’abegereye iyo Sentare abimenyesha. Melchior Kavakure aturuka muri komine Gasorwe, intara ya Muyinga, yinjije ibiro 81 vy’urumogi mu Burundi arukuye mu gihugu ca Tanzaniya aje kurudandaza, yahanishijwe umunyororo w’imyaka 13 no kuriha ihadabu ringana n’amafaranga, 1.000.050 y’amarundi , Pierre Manirumva aturuka muri komine Ruhororo mu ntara ya Ngozi, yarutoye aho Kavakure yari yarushikanye kugira arubandananye i Ngozi, nawe akatigwa gufungwa imyaka 3 no kuriha ihadabu ringana n’amafaranga ibihumbi 250.000f. Muhamedi Mapinduzi nawe yunguruje urwo rumogi n’ipikipiki nawe yahanishijwe kuriha ihadabu ry’ibihumbi 250.000. Mur’urwo rubanza iyo Sentare yambitse izera Emmanuel Muntunuwundi yarungikanywe amahera y’igiturire na Kavakure kugirango urwo rumogi ntirufatwe. Iyo Sentare yashinze kandi Ko urwo rumogi ruturigwa hanyuma amahera 700.000 yagira atangwe kw’igiturire akaja mu ikigega ca Reta.
  4. Ubukene bw’igitoro co mubwoko bwose bumaze indwi hafi 3 bwibonekeza ku ma stations mu ntara ya Makamba, buriko buratuma ibiciro vyo kwiyunguruza biduga, aho vyiyongereye ku ncuro zirenga zibiri. Ilitiro y’igitoro ca essence ubu igeze ku mafaranga 16.000 kw’isoko rya magendu iyo kibonetse. Amazutu yo ngo ntibazi n’igihe aheruka kuboneka. Abanyagihugu bagasaba leta gutorera inyishu ico kibazo.
  5. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo muri komine ya Giteranyi iri mu ntara ya Muyinga kubera ubukene bw’amazi n’amatara busa nubwimonogoje. Abatari bake bavugako ivyo bibabuza kugira imigambi imwimwe y’iterambere, bagasaba abategetsi babijejwe gukora ibishoboka kugirango ico kibazo gitorerwe umuti.

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ibindi bisa n'ibi