Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 08 Gitugutu 2024

Publié le 8 octobre 2024 par Rédaction

Turi kuwa  k uwa   kabiri  n,igenekerezo  rya  8 Gitugutu  umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na jewe jean  Baptiste Bireha nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Sentare nkuru y’igihugu ya kayanza kuruno wambere yaraciriye urubanza abantu babiri bagirizwa n’ ivyaha bitandukanye harimwo umukenyezi yagirwa n’icaha co kuba yishe uwo bubakanye .Umwu mwe akaba yaciriwe  igihano co gupfungwa imyaka itanu no gutanga ihadabu harimwo n’indishi yakababaro.
  • Tukiri murico gisata nyene Kurangura Ibikorwa vy’iterambere n’ico gihano kigiye kuzohabwa abanyororo baciriwe igihano c’umunyororo uri hagati y’ukwezi n’imyaka ibiri muntara ya Muyinga.Ivyo bimenyeshwa n’umushikirizamanza mukuru w’infatakibanza IMuyinga aho avuga ko iyo ngingo izotuma ibitigiri vy’abanyororo bari mumabohero bizoca bigabanuka.
  • Domisiyano Ndayizeye yahoze ari umukuru w’igihugu c’uburundi agiye kuba intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru  w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi   rw’igifaransa Francophonie mugihugu ca Haiti.Yagenywe muri ayo mabanga kuruno wambere n’umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe umupfasoni  Louise Mushikiwabo.Leonce Ngendakumana  umwe mubanyepolitike b’iburundi avuga ko nta nkeka Domisiyano Ndayizeye ayo mabanga azoyarangurana ubwira n’ishaka. Aya nayandi ni mukanya.

Ndasubiye kubaramutsa ndabaha n’ikaze.

Umurovyi azwi kw’izina rya Felix Nibaruta  w’imyaka 28 y’amavuko yarapfuye kuruyu wambere mugihe ubwato bwo kurobesha yarimwo bwagira isanganya mukiyaga Tanganyika kumugoroba wo kuruyu wambere. Nkuko amakuru ava muri commune Rumonge abivuga, ubwo bwato bwagize isanganya mukiyaga Tanganyika mugihe hari imikuba y’amazi hafi y’ikirindiro c’abasirikare bakorera mumazi mumisozi ihanamiye i commune ya Rumonge. Abo basirikare bahakorera baragerageje kunyaruka kugira barokore ubuzima bwuyo musore ariko ntivyakunda. Abandi barovyi nubu bariko bararondera ikiziga cuyo musore kuva kuruyu wambere ariko ntaco baratora. Bamwe mubarovyi bo muri commune Rumonge baranegura ko ibivuko vyose bidafise ubuhinga bwo gutabara mugihe ubwato bugize isanganya mukiyaga Tanganyika. Tubamenyeshe ko ama sanganya nkayo akunda kubera murako gace k’amazi adatemba kandi ko ata shirahamwe narimwe rishumbusha uwugize isanganya kandi ari ubuzi

 

Ano makuru tuyabandanirize mugisata c’ubutungane.Hari abantu babiri harimwo umukenyezi kumuhingamo wo kuri uwu wa mbere  baraye baciriwe ibihano bitandukanye na sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza biturutse ku vyaha bitandukanye vyakozwe n’umwumwe. Muri ivyo hakaba harimwo ugupfungwa imyaka itanu umwumwe wese n’ukuriha amahadabu n’indishi z’akababaro zitandukanye. Ido n’ido na Janvier Habarugira

Tukiri mugisata c’ubutungane  tuve muntara ya Kayanza tuje muntara ya Muyinga ni muburaruko bw’igihugu aho Abanyororo baciriwe umunyororo kuva kukwezi kumwe gushika kumyaka ibiri ico gihano kigiye gusubirizwa n’ibikorwa vy’iterambere rusangi canke  abazoba baciriwe ico gihano ngo bakore ibikorwa bitandukanye bazorangurira mubindi bibanza bazokwerekwa.Ni nko mubigo birera impfuvyi no mubigo vy’abageze muzabukuru. Ivyo n’ibishikirizwa n’umushikiriza manza nfatakibanza wa parake y’intara ya Muyinga.Kubwiwe ngo ivyo bizotuma Leta itabandanya isohora amafaranga menshi yo kugaburira abanyororo kandi n’igitigiri c’abanyoro mu mabohero kigabanuke.N’inkuru ya Eddy Claude Nininahazwe.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Domitien Ndayizeye yaragenywe kuriri genekerezo rya 7 Gitugutu umwaka wi 2024 mu mabanga yo guserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi w’igifaransa Louise Mushikawabo gukurikirana ibibera mugihugu ca Haiti.  Mw’itangazo ryasohowe n’umunyamabanga mukuru w’ibihugu bikoresha igifaransa yasiguye ko iryo genwa riri murukurikirane rw’ibikorwa vyiryo shirahamwe kugira amahoro n’umutekano agaruke muri Haiti mugihugu gisanzwe kiri muruwo muryango. Iryo tangazo rivuga ko iyo intumwa idasanzwe y’umuryango wibihugu bikoresha igifaransa akazokorana n’abasanzwe barongoye vyimfatakibanza igihugu ca Haiti hamwe n’abanyapolitike batandukanye n’abasanzwe bari mumashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’ishirahamwe ONU kugira bafashe munguvu zo kugarukana amahoro n’umutekano w’igihugu ca Haiti ziriko zirakorwa n’umunyambanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa.

Igenwa rya Domisiyano Ndayizeye muri ayo mabango ngo n’iteka ku gihugu c’Uburundi , ivyo bivugwa n’umunyepolitike Léonce Ngendakumana. Asigurako ata nkeka , ayo mabanga azoyarangurana ishaka n’ubwira. Twumvirize Leonce Ngendakumana , akaba yabivugiye kuri radio Bonesha Fm kuri uno wa kabiri.

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe  jean Baptiste Bireha Mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.

Ibindi bisa n'ibi