Mugisata kijanye n’ubutungane muntahe y’ikibiriraho yo kuruno wagatanu sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza yaraciriye urubanza abantu babiri ibihano bitandukanye. Uwambere akaba ari umugabo w,imyaka 48 azwi kw’izina rya Jumapili Ngendakumana aba muri karatiye ya Mukoro yambere mugisagara ca kayanza. jumapili Ndendakumana akaba yagiriwe n,icaha co guhungabanya ubutunzi bw,igihugu akaba yafashwe apakiye ibiro amaajana ane namirongo indwi birenga gato vy,ikawa mumodoka yo mubwoko bwa Probox hari kw,igenekerezo rya 6 Ruheshi uno mwaka. Yasabiwe na sentare igihano co gupfungwa umwaka umwe no kuriha ihadabu ry,amafaranga angina n,umuliyoni w,amarundi. Ikawa yafatanywe ikazoca ishikirizwa ikigo ODECA, nayo imodoka yari izipakiye igashirwa muminwe ya leta.Uwakabiri yaciriwe urubanza rw,ikibiriraho akaba ari umukenyezi w’imyaka 57 azwi kw,izina rya Jeannette Niyokwizera wo ngaho mugisagara ca kayanza nyene. Yagiriwe n,icaha co kudandaza urumogi. Yasabiwe igihano co gupfungwa imyaka ibiri no gutanga ihadabu ry,ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu y,amarundi.
Tukiri mugisata c,ubutungane nyene ababuranyi bitura ubutungane mu ntara ya Muyinga muburaruko bw,igihugu baridogera abacamanza n’abashikirizamanza ko babaka igiturire iyo bagiye kubitura. Abo banyagihugu bakamenyesha ko uwutaronse igiturire atanga ko yama ku nzira aronswa amasango adashika. Abo banyagihugu babishikirije kuruyu wakane mu ikiganiro bagiriraniye n’umushikiranganji w’ubutungane, Domine Banyakimbona akaba yiyamirije iyo ngeso mbi y’abacamanza kuko ngo ikwegwa indyane mubaburanyi.
Mumakuru ajanye n’ivyubutunzi naho, leta irasabwa gukurikiza ibiciro mpuzamakungu vy’umwuka gaz ukoreshwa mu guteka. Ako kamo gaterwa n’abanyagihugu babonye uko mu Burundi ivyo biciro biduzwa umurengera. Akarorero ka hafi cane n’ivyabaye kur’uno wa gatanu itariki indwi Ruheshi, aho ku ma soko mpuzamakungu gaz yadugijwe igiciro gato cane, ariko mu Burundi haca hafatwa ingingo yo kuyiduza ku giciro ata ho bisa bisana na gato n’ico co kw’isoko mpuzamakungu. Uwu atera ako kamo akibutsa reta kwama yisunga ubukene Abarundi bari mwo imbere yo gufata mwene izo ngingo.