Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 09 Mukakaro 2024

Publié le 9 juillet 2024 par Rédaction

 

Turi ku munsi wa kabiri, igenekerezo rya 09 Mukakaro umwaka w’i 2024, ndabaramukije ncuti bakunzi ba radiyo inzamba agateka kawe, sangw’ikaze muri ano makuru mu kirundi twabateguriye, nayo akaba agizwe n’ingingo nkuru nkuru zikurikira.

  • Abashikiranganji b’Imigenderanire b’Uburundi n’Urwanda baraye bapfunditse kuzohura itariki 31 Gitugutu uyu mwaka kugira baganire umuti w’ibibazo biri hagati y’ivyo bihugu nkuko tubisanga mw’itangazo ry’umuryango wa afrika y’Ubuseruko, itangazo risozera umwiherero w’abashikiranganji b’imigenderanire bo mu karere.
  • Inyuma y’urugendo rw’intumwa z’ibanki y’isi yose mu Burundi, ishirahamwe PARCEM rihamagarira leta y’Uburundi gutsimbataza inzego zose zayo hisunze intwaro ibereye, leta igaha amabanga abantu babikwiriye bashobora kuyifasha gushika kw’iterambere narirya iyo banki y’isi yose yaraye yemeye kubandanya ifasha Uburundi.
  • Mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Nduta muri Tanzaniya, impunzi zibandanya kuburabuzwa. Mw’ijoro ryakeye haraye uruhigi rw’abarundi bacuruza inzoga mw’ikambi, umwe akaba ariwe yafashwe ajanwa gupfungwa amaze kwamburwa ivyafise vyose n’inzu yiwe irabomorwa muri zone ya 15. Bikaba vyakozwe n’abasungusungu barikumwe n’abamwe mu bakorera igipolisi ca Tanzaniya.
  • Amakuru twabateguriye saya gusa, mukanya n’ido n’ido ryayo.

Amakuru twabateguriye tuyahere muri politike.

Abashikiranganji b’Imigenderanire b’Uburundi n’Urwanda bumvikanye kuzohura itariki 31 Gitugutu kugira baganire umuti w’ibibazo biri hagati y’ivyo bihugu. Ivyo biri mu cegeranyo abashikiranganji b’imigenderanire n’amakungu b’ibihugu bigize akarere k’Africa y’ubuseruko basohoye inyuma y’inama y’imisi itatu yariko ibera i Zanzibar muri Tananiya. Abo bashikiranganji bo mu karere bakaba bafashe ingingo zitandukanye zo kugira amahoro agaruke mu karere, na cane cane mu buseruko bwa Congo. Pierre Gahungu reka adushikirize bikuru bikuru biri mur’ico cegeranyo.

Pierre Gahungu, arakenuye. Tubandanyirize ano makuru mubijanye n’ubuzima buzimvye.

Abakozi ba leta babayabaye bo mu gisagara ca Bujumbura batanguye guhindura ingendo kubera ubuzima babayemwo bwa misi yose bwahindutse kuko bugarijwe n’ubukene. Bamwe mur’abo bakozi bavuga ko batagishoboye gukoresha abakozi bo mu nzu kuko batoronka ico babahemba. Bemeza ko bipanga bakaza barakurakuranwa mu gukora ibikorwa vyahora bikorwa n’abakozi bo mazu. Ariko rero ngo kubera ibura ry’amazi ryibonekeza mur’ico gisagara, imirimo yindi irahungabana, umwimbu w’abanyeshure ugashobora kuba muke. Inkuru ya Alexandrine Keza.

Alexandrine Keza nawe nyene arakenuye.

Naho biruko, ibanki y’Isi yose igiye gutanguza uwundi mugambi w’imyaka itanu wo gufasha Igihugu c’Uburundi. Ivyo biri muvyashikirijwe n’intumwa zidasanzwe ziherutse kugendera igihugu c’Uburundi. Bivugwa n’ishirahamwe PARCEM ryaronse akaryo ko kubonana nizo ntumwa. Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ku rwego rw’igihugu, asigura ko iyo mfashanyo izofasha igihugu mu mugambi wayo w’igihugu cifashe mu mwaka wi 2040 n’igihugu giteyimbere mu mwaka w’i 2060. Ariko uwo arongoye PARCEM ahanura leta kwitunganya neza mugukoresha neza imfashanyo bahawe kuko bimaze kugaragara aho amahera asubira inyuma. Kurikira

Uyo muhinga mubijanye n’ubutunzi avuga kandi ko ishirahamwe PARCEM ryasavye ibanki y’Isi yose ko ryofasha kugwanya ibiturire mu gihugu kuko biri mubituma imigambi irangurwa nabi. Bagasaba kandi ko leta yoshiraho abakozi babishoboye mukurangura imigambi. N’ubunyene tumukurikire.

 

Amakuru twabateguriye tuyabandanyirize muyajanye n’ubugizi bwa nabi,

Ibikoresho bigizwe n’intsinga zitwara umuyagankuba n’amatwiyo y’amazi vy’ishirahamwe rya Reta ritanga rikongera rikadandaza amatara n’amazi REGIDESO birabangamiwe n’abagizi ba nabi biba ivyo bikoresho mu ntara ya Muyinga, nkuko amakuru atangwa n’intwaro avyemeza. Ubwo busuma ngo bukaza busongera isibe mu gihe hari hasanzwe hari ubukene bw’umuyagankuba eka mbere n’amazi mu ibice bimwe bimwe vyo k’umugwa w’intara. Ido n’ido na Eddy Claude Nininahazwe.

Eddy Claude Nininahazwe, tumushimire. Mu makuru avugwa mu mpunzi,

Impunzi y’umurundi izwi kw’izina rya Bukuru aba muri zone ya 15 mw’ikambi y’impunzi ya Nduta iri mu gihugu ca Tanzaniya, kuri uwu wa mbere yarahagaritswe n’abasungusungu barikumwe n’abamwe mu bakorera igipolisi c’ico gihugu. Uwo mugabo yari asanzwe adandaza inzoga muri iyo kambi, yarabomorewe inzu yongera aribwa n’amafaranga n’ibindi bikoresho vyo mu nzu. Abo bagizi ba nabi baranagerageje gukora ayo mabi no mu babanyi wuwo mygabo. Ni inkuru tubaza Olivia Gakima.

Olivia Gakima nawe nyene tumukengurukire.

Ni no kurino nkuru ivugwa i Nduta mw’ikambi y’impunzi z’abarundi mu gihugu ca Tanzaniya duciye dusozererako amakuru mu kirundi twari twabateguriye, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiranye, bakoze na bagenzanje bamfashije kuyatororokanya, Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabifurije kuroronigwa mu vyanyu no mu banyu, n’agahwane.

 

Ibindi bisa n'ibi