Amakuru

Amakuru yo kuwa 09 Nyakanga 2024

Publié le 9 septembre 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wa mbere igenekerezo rya 9 Nyakanga umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru ziyagize

  • Haraheze igihe ata mazi meza arangwa ku mutumba Rubindi, komine Nyanza-Lac y’ intara ya Makamba. Imbvo ngo n’uko imiringoti yahora iyashikana kuri uwo mutumba yamenetse. Amakenga akaba ari menshi mubanyagihugu baba kuruyo mutumba kuko bikeka ko bashobora kwandura indwara zifatiye kwisuku rike.
  • Umwaka w’ishure nawo wi 2024 ushira 2025 usigaje indwi imwe gusa ngo ube utanguye mu Burundi. Ariko naho biruko hari ibibazo bitaratoregwa inyishu nko kwishure shingiro rya Nkiranya yo muntara ya Cibitoke. Abavyeyi baharereye bafise impungenge z’abana babo kuko ngo rishobora kubahitana ubuzima kuko risanzwe rishaje cane.
  • Naho biruko abanyeshure bo mw’ikambi yi Mahama mugihugu c’Urwanda batanguye umwaka wishure kuruyu wambere. Uwurongoye ikambi akavuga ko hari abavyeyi batararonka ibikoresho vy’ishure. Bagasaba abagiraneza kubafasha.

Kaze mwese

Ndasubiye kubaramutsa duhere kuriyi nkuru iciye kumasonga

Haraheze imyaka 28 musenyeri Joachin Ruhuna yahoze arongoye diocèse ya Gitega, agandaguwe. Yishwe kw’igenekerezo rya 9 Nyakanga umwaka w’1996 mu mutego w’abitwaje ibirwanisho hafi y’uruzi Mubarazi hagati yama commune ya Mutaho na Bugendana, mu ntara ya Gitega. Akaba yaravuye mu rugendo rw’akazi kuri seminari nkuru ya Burasira abanje guca muri paruwasi ya Gitongo. Muri kahise, izo commune ukwari zibiri hamwe na commune ya Gihogazi mu ntara ya Karusi zarangwamwo intambara hagati y’igisirikare c’Uburundi n’abarwanyi ba FDD, bahindutse uno munsi umugambwe CNDD-FDD. Akaba aribo, ico gihe barangwa murizo communes igihe musenyeri Joachin Ruhuna yagandagurwa. Kuva agandaguwe, nta muntu numwe yigeze akurikiranwa n’ubutungane kurubwo bwicanyi. Kw’igenekerezo rya 23 Mukakaro umwaka w’1996, uwo yahoze arongoye diocèse ya Gitega akaba yari yavuze kw’abari bishe abatutsi bagera ku 648 mw’ikambi yabateshejwe izabo i Bugendana, ko bavumwe. Ico gitero kikaba citiriwe umuhari FDD.  Abo bishwe bakaba ari abari barahunze ubwicanyi bwakurikiye igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye muri Gitugutu umwaka w’1993.

Tubandanye mugisata c’indero naho

Mugihe hasigaye indwi imwe gusa ngo umwaka w’ishule utangure, imyidogo n’amakenga ni vyose mu bavyeyi barereye kw’ishule shingiro rya Nkiranya baturuka kumitumba ya Gihobogo na Mwarangabo  muri zone Rugajo iri muri komine Murwi y’intara ya Cibitoke. Abo bavyeyi bavuga ko iryo shule rishaje cane kuko ry’ubatswe ku ba Biligi. Bafise ubwoba ko rizohava rirwa kubana babo. Basaba abajejwe intwaro n’indero gutorera umuti ico kibazo. N’inkuru tubaza Jean Baptiste Bireha.

 

Umwaka w’ishuli w’i 2024 ushira uw’i 2025 watanguye kuri uwu wa mbere igenekerezo ry’icenda ukwezi kw’icenda nyene, Mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama muri ico gihugu abavyeyi ngo baracafise ingorane yo kuronka ibikoresho vyose vy’ishuli ku bana babo kubera ubukene barimwo. Jean Bosco Kwibishatse aserukira izo mpunzi , asaba abagira neza babishoboye gufasha muri ico gisata c’indero muri iyo kambi. Kurikira

Radio Inzamaba turabandanya ayo twabateguriye

Haraheze igihe ata mazi meza ari ku mutumba Rubindi, komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Vyatumwe n’uko imiringoti yahora iyashikana kuri uwo mutumba yamenetse. Abanyagihugu bo kuruwo mutumba bafise amakenga ko bashobora kwandura indwara zifatiye kw’isuku rike, cane cane muriki gihe havugwa ikiza c’ibihara vy’inkende. Bagasaba komine kubaronsa vyihuta amazi meza. Iyo nkuru tuyibaze Franck Kaze.

Arakenuye Franck Kaze.

Imbere yo gusozera

Mumakuru y’inkino, imirwi y’Urunani na Dynamo muri Basketball ibandanya kwerekana ko ariyo icifatiye mu minwe urwo rukino mu Burundi. Ni inyuma yo gutsinda vyoroshe inkino zibiri za mbere za play off. Turarabira hamwe n’ingene inkino z’umupira w’amaguru mw’ihiganwa ku rwego rw’igihugu zagenze ku ndwi igira gatatu. Kuva kuri uyu wa gatatu i Bujumbura hazotangura ihiganwa mpuzamakungu rya volley ball rizitabwa n’ibihugu 17. Inkuru ya Alexandre Niyungeko

Arakenuye Alexandre Niyungeko, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha.

Ibindi bisa n'ibi