Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 09 Rusama 2024

Publié le 9 mai 2024 par Rédaction
  1. Hirya y’ejo ku musozi Muhafu wa zone Muzye muri komine Giharo turi mu ntara ya Rutana. Amakuru ava kuri uwo mutumba akavuga ko abo bantu boba biciwe ahandi baza gutabwa kuri uwo mutumba. Bikanuganurwa ko abo bishwe boba ari bamwe mu banywanyi b’umugambwe cnl bamaze imisi bafatwa bakaburwa irengero. Abanyagihugu bagasaba ko amatohoza yokorwa kugira ngo bamenyekane, n’icabishe kikaja ahabona.
  2. Umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga ko igihugu arongoye kigoye gutwara kuko kirimwo abanyonyezi benshi b’amatungo ya leta. Varisto Ndayishimiye akavuga yopfuma atwara igihugu c’abayahudi mugihe ca Yezu. Ivyo yabivuze kur’uyu wa kabiri uheze muntara ya Mwaro munama yagirishije indongozi zitandukanye zigize igihugu. Umukuru w’igihugu akavuga ko agiye guhangana nabo bose banyuruza amatungo y’igihugu bimonongoje mu Burundi.
  3. Urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe n’abanyepolitike batavuga rumwe na leta , rubonako iyo mvugo yuzuye ibitutsi n’iterabwoba itabereye na gato umukuru w’igihugu. Urwo runani rubonako hakwidoga, umukuru w’igihugu Ndayishimiye yari akwiye gushengeza abo yagiriza , bagakubitwa intahe mu gahanga nkuko ibwirizwa nshingiro ribimurekurira, akava mu majambo akaja mu bikorwa . Adashoboye kubikora uko , ngo yoca atanga imihoho kuko akazi kazoba kamutaye kuwamazi.
  4. Urunani CFOR ARUSHA rusaba kandi umukuru w’igihugu Ndayishimiye gutanga akarorero keza imbere yo kwagiriza abandi.
  5. Gukingira uwatanze inkuru kumumenyesha makur niyo nkingi y’umwuga wi we. Ivyo vyemezwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rw’imigambwe rutavuga rumwe na reta CFOR Arusha. Yongera ko avuga ko n’amahadabu bategekanya guca abamenyeshamakuru mu gihe bakoze amakosa mu kazi kabo ari uguhonyanga amategeko, ngo kuko ata tegeko mpanavyaha rigenga bamwe ngo risige abandi. Ivyo abineguye inyuma y’aho ku musi wa kabiri Inama nshingamateka yemeje integuro nshasha y’itegeko rigenga ukumenyesha amakuru.
  6. Gukinga canke kutavuga isoko yaho umumenyeshamakuru yakuye inkuru biri munkingi z,ihambaye z,igenga umwuga wo kumenyesha amakuru.  Ivyo n,ibivurwa n,umushingwamanza Eddy Claude Nininahazwe akaba asanzwe ari n,umumenyesha makuru. Uyo mushingwamanza akaba abishikirije inyuma yaho inama nshingamateka yemereje itegeko rishasha rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru aho muri iryo tegeko bibaye ngombwa umumenyesha makuru azotanga isoko ryaho yakuye inkuru. Tega amatwi umushingwamanza Eddy claude Nininahazwe aho avuga ko  abashinga amategeko muntumbero  yo kw,unganira igitabo mpana vyaha bari basanze hariho ubuzi bumwe bumwe n,imyuga harimwo uwo kumenyesha amakuru vyo gengwa n,amategeko vy,ihariye.
  7. Eddy calaude Nininahazwe avuga ariko ko bibaye ngombwa umumenyesha makuru ashobora kuvuga aho yakuye inkuru ariko hari amategeko bitegerezwa kwisunga.

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ibindi bisa n'ibi