Turi kuwa kane n’igenekerezo rya 1 Myandagaro umwaka 2 024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na Pierre Gahungu nayo akaba agizwe n,izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Havutse urunani rushasha rw’ishinze kugarukira igihugu uno munsi kigeze aho umwansi ashaka rwitwa Mbogoraburundi CRN Ingeri ya Rugamba.Abarugize bavuga ko barushinze kugira bagarukire igihugu uno munsi kirangwa n’amacakubiri,ugukumirana n’ayandi mabi azingamitse abarundi.Murano makuru muraza gukurikira chauvinaux Murwengezo avugira urwo runani mbogoraburundi.
- Haraciye indwi z’ibiri hibonekeza ubukene bwa maraso yo gufasha abarwayi bakeneye guterwa amaraso mukigo kijejwe gutanga amaraso mukarere kubuvuzi muntara y’ubumanuko.Abajejwe igisata c’ubuvuzi murako karere bakaba bafise ubwoba ko iryo kena rishobora gutuma abarwayi bahasiga ubuzima.Muraza kubikurikira murano makuru.
- Umugambwe CODEBU ubona ko hari igipfungu mw’ikurwa ry’abakozi bamwe bamwe bo mubushikiranganji bw’ubutare n’agataka. N’inyuma yaho umukuru w’igihugu amenyeshereje ko hari ubutare bunyegejwe muntara ya kirundo.Abo bakozi bakaba bakuwe inyuma y’icegeranyo c’atanzwe n’ishirahamwe ry’igenga rikora mugisata co gucukura ubutare.Keffa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU akavuga ko hari icinyegeje inyuma y’iyo ngingo. Aya n’ayandi ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa.Ano makuru tuyahere mugisata ca politike.
Kwubaka Uburundi butekanye , gutsimataza ubumwe , kunagura intwaro rusangi no kugarukira ubutunzi bw’igihugu bugeze aho umwansi ashaka , niyo ntumbero urunani rwa politike rwishinze gushira mu ngiro . Urwo runani rwitwa Urunani Mbogoraburundi CRN Ingeri ya Rugamba . Abarugize bavugako barushinze kugirango bagarukire igihugu uno munsi kirangwa n’amacakubiri n’ugukumirana , hamwe n’itunganywa ry’igihugu ribi ryatumye ibisata nka vyose vy’igihugu biyangara. Dutegamatwi Chauvineau Mugwengezo, umuvugizi w’urwo runani.
Urwo runani mbogoraburundi CRN Ingeri ya Rugamba ruvugako muri bikuru biikuru rugiye gushirimbere harimwo gusubiz’iteka zina murundi wese, gusubiz’iteka ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko arikomokako , hamwe rero no gushiraho politike itomoye ijanye no kunagura ubutunzi bw’igihugu. Dusubire twumvirize . Chauvineau Mugwengezo.
Tuve mugisata ca politike dutandukire igisata kijanye n’ubutungane aho hari umusore w’imyaka 20 wo ku mutumba Gatare, zone na komine Gashikanwa y’intara ya Ngozi amaze imisi itatu apfungiwe mu gasho k’inyamiramabi ko muri iyo komine . Akaba yagirizwa kuba yarishe se wiwe mw’ijoro ryo ku musi wa mbere w’iyi ndwi amukubise ubuhiri mu mutwe . Uwo muvyeyi ngo akaba yazize kuba yankiye uwo muhungu wiwe kurongorera mu nzu y’abavyeyi. Uwo musore rero ngo amaze gukora iryo bara yarahunze aza gufatirwa muri komine ya Ruhororo yegeranye na Gashikanwa. Abajejwe intwaro bakavuga ko bariko bagira amatohoza ku rupfu rw’uwo muvyeyi no kuraba ko uwo musore atoba afise akandi kagorane mu mutwe.
Tumire amate duce tubandanya mugisata kijanye n’amagara y’abantu.
Mukigo kijejwe gutanga amaraso mukarere kubuvuzi muntara y’ubumanuko havurwa ikena ry’amaraso yo gutera abarwayi baba bayakeneye haraciye indwi z’ibiri .Abajejwe igisata c’ubuvuzi muri ako karere bakaba bafise ubwoba ko hashobora kw’itaba imana abarwayi benshi biturutse kw’ikena ry’ayo maraso.Iyi nkuru tuyibaze Josephine jones Nkunzimana
Tukiri mugisata c’amagara y’abantu ,Abantu icenda nibo bamaze kwandura indwara y’akaranda y’ibihara mugisagara ca bujumbura izwi nka variole de singe mugifaransa. Bimenyeshwa na Jimmy Hatungimana umukuru w’igisagara ca Bujumbura mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa gatatu. N’inyuma y’inama yagiranye n’abajejwe intwaro n’igipolisi mugisara ca Bujumbura. Umukuru w’igisagara agasaba ashimitse abanyagihugu arongoye kwirinda ico kiza mugukaraba neza amazi n’isabuni imisi yose hamwe no kwirinda kuramukanya. Kurikira
Mugisata kijanye n’ubutunzi n’aho ,abakozi bamwe bamwe bo hejuru mu bushikiranganji bw’Ubutare baheruka gukurwa. Iyo ngingo ikaba yafashwe inyuma y’aho hari ishirahamwe ricukura ubutare ryigenga ritangiye icegeranyo mu bategetsi bo hejuru. Ivyo bimenyeshwa na Keffa Nibizi. Uwo arongoye umugambwe CODEBU agatangazwa n’ingene iryo shirahamwe ryatanze icegeranyo kur’abo bategetsi kitabanje kugicisha mu nzego jujejwe ico gisata. Keffa Nibizi akavuga ko ivyo bifitaniye isano n’ivyo umukuru w’Igihugu aheruka kumenyesha ko hari ikinogo cuzuye mwo ubutare giheruka gutorwa. Kurikira Keffa Nibizi.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe Pierre Gahungu naho ubutaha.