Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 01 Rusama 2024

Publié le 1 mai 2024 par Rédaction

 

  1. Igekenerezo rya mbere Rusama n,umunsi mpuzamakungu w,ahariwe abakozi n,akazi.Mw,ijambo rijanye nuyo munsi , umukuru w,igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije abarundi amenyesha ko uyo munsi  mukuru w,abakozi n,akazi ushiste mugihe  umwimbu w,ifashe neza mu gihugu. Ivyo n,avyo ngo igihugu kibikesha ingene abarundi bahinduye ivyiyunviro n,ingendo.

 

  1. Ibirori vyo guhimbaza uwo musi mpuzamakungu wahariwe akazi n’abakozi, mu Burundi ukaba wahimbarijwe mu ntara ya Kayanza. Indongozi zitandukanye, hari mwo umukuru w’Igihugu, co kimwe n’abakozi, bakaba bahishikiye. Mu vyo abakozi bavuze, hakaba hari mwo ubuzima abakukuruke babaye mwo kubera kubura uburyo, na cane cane abasezerewe ku myaka 60. Célestin Nsavyimana arongoye urunani rw’amasendika y’abakozi COSUBU, akongera akanegura ingene agashahara ata co kakimariye abakozi kubera ubuzima buzimvye.

 

  1. Kuri ico kibazo kijanye no guherekeza abagize ico bamara mugukorera igihugu igihe bari bakibasha,umukuru w,igihugu Evariste Ndayashimiye asaba amashirahamwe ajejwe gutegekaniriza kazoza abakozi kuba yashikirije muri ino ndwi turimwo ibiharuro umurwi nshingwabikorwa w,igihugu ujejwe ico kibazo kugira ubihe intumbero maze abakukuruke baronswe amafaranga yabo biziganirije atagatosi karimwo.

 

  1. Dutandukire igisata kijanye n,agateka ka zina muntu. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu LIGUE ITEKA rirajwe ishinga n’ubwicanyi bwimonogoje kuva Evariste Ndayishimiye afashe ubutegetsi haraheze imwaka irenga ine. Muri ico kiringo cose , ishirahamwe Ligue Iteka ryasanze abantu barenga igihumbi barishwe n’abagizi ba nabi nubu bataramenyekana. Iryo shirahamwe ribabazwa nuko  benshi muri aba bishwe baciye bahambwa ata n’amatohoza arinze gukorwa, rigasaba amakungu gukurikiranira hafii ayo mabi akogwa mu Burundi.

 

  1. Imbere yo gusozera ano makuru tuje mugisata kijanye n,intwaro ibereye aho abanyagihugu bo kumutumba Mukungu muri  komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba Biyamiriza ubusuma bukorwa kuruwo mutumba ntibuheze ngo buhanwe. Bamwe mubamaze kumenyekana hakaba harimwo abajejwe intwaro banari munzego z’umugambwe CNDD. Basaba abajejwe intwaro ku rwego rwo hejuru gushengeza imbere y’ubutungane abakora amabi, abajejwe ubutungane na bo bagaca imanza badahengamye.

Ibindi bisa n'ibi