Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 10 Mukakaro 2024

Publié le 10 juillet 2024 par Rédaction

Turi kuwa gatatu n,igenekerezo rya 10 Mukakaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ry,amakuru mukirundi mushikirizwa na J ean Marie Ndabashinze.nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  1. Impapuro zitagira umukono kuruno w,agatatu zatowe kukirimba c,umukuru w,igihugu.  Abanditse kuri izo mpapuro batamenyekanye basaba umukuru w,igihugu Evaritse Ndayishimiye gutanga imihoho kuko atagishoboye gutwara igihugu.
  2. Imyidogo ni yose mubarimyi bo muntara ya Muyinga. Bavuga ko itera rigeze batararonka imbuto y,ibigori bari bamenyereye kandi yimbuka. Umuyobozi w,uburimyi muntara ya Muyinga Roger Sendegeya arunva uyo mw,itwarariko w,abarimyi abasaba kw,ijukira izindi mbuto ngo kuko nazo nyene zitanga umwimbu mwiza.
  3. Neza na neza imyaka icenda irarumanye Radiyo Inzamba Agateka kawe ivutse inyuma yaho amaradiyo y,igenga Rpa , Isanganiro ,Bonesha fm  na television rennaissance y,ugawe n,ubutegetsi bamwe mubameyeshamakuru bagahunga igihugu.Athanase Karayenga inararibonye mumwuga wo kumenyesha amakuru arashima igikorwa abamenyesha makuru ba Radiyo inzamba bakora mugutanga amakuru ataho ahengamiye.  Aya nayandi ni mukanya kwari guca kumayange gusa.

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n,ikaze.

Ku kirimba c’umukuru w’igihugu i Bujumbura hazindutse hatorwa impapuro zitagira umukono zisaba umukuru w’igihugu gutanga imihoho ngo kuko igihugu kigeze ahatemba mu bisata nka vyose. Izo mpapuro kandi zisa n’izari zatowe kuwa mbere mukakaro i Gitega hamwe no Ku kirimba c’umukuru w’igihugu i Bujumbura inyuma y’umusi umwe. Bonfils Niyongere

Dutandukire igisata kijanye n,agateka ka zina muntu aho abantu 162 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, murabo 92 batowe ari ibiziga, 9 nabo baraborejwe igufa, hamwe n’abagera kuri 64 bahagaritswe hadakurikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyi c’umuhari Iteka co mu mezi atatu aheze.   Egide Havugiyaremye ajejwe kumenyesha amakuru mu muhari Iteka, ng’urwaruka rw’Imbonerakure, abajejwe intwaro, abakozi b’iperereza, abasirikare n’abapolisi nibo batungwa agatoki mubakekwa gukora ayo mabi y’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu n’ubwicanyi.  Kurikira.

Tumire amate duce tubandanya mugisata kijanye n,uburimyi.

Abarimyi bo mu ntara ya Muyinga bariko bitegurira Iteragira ry’ibigori ryo mu mwonga barahagaritswe umutima n’ikena ry’imbuto y’ibigori y’ikivyagwa PANAL 53,iva hanze y’igihugu basanzwe bakunda kurima  cane kuko yimbuka gusumba ubundi bwoko bw’imbuto bari bamenyereye. Naho ibonetse k’umudandaza umwe n’uwundi  ngo iba izimvye caane kuko 1kg kimwe  kigugwa amafaranga ari hagati y’i 25000 n’a 30.000, nkuko bimenyeshwa n’a bamwe muri abo barimyi. Mu gihe iyo mbuto yabonetse ngo igugwa amafaranga 10.000 ku kiro kimwe.

Umuyobozi w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Muyinga, Roger Sendegeya, aremeza uwo mwitwarariko w’abo barimyi akabasaba kutihebura ngo kuko naho hogera guteragira iyo mbuto bakunda itaraboneka, ngo hariho n’izindi mbuto nziza kandi zimbuka. Agatera akamo, abarimyi KO mu igihe boba bakeneye imbuto zirobanuye batopfa aho baziguriye ariko Ko bokwitura abajejwe  uburimyi bakabafasha kuzironka. N,inkuru ya  Evelyne Mukeshimana……

Naho mumakuru ajanye n,impunzi, urunani CBDH VICAR ruharanira agateka k’impunzi ziba muma kambi , ruratewe umutima uhagaze n’ihagarikwa n’inyuruzwa ry’impunzi z’abarundi bibandanya mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya . Uwanyuma yahagaritswe n’umugabo azwi kw’izina rya Bukuru yadandaza ibinyobwa kugira ashobore gutunga umuryango wiwe . Akaba yahagaritswe kuri uno wa mbere n’abasungusungu barikumwe n’abapolisi bico gihugu ca Tanzaniya . Urunani CBDH VICAR rusaba rushimitse leta ya Tanzaniya n’ishirahamwe HCR gukora ibishoboka vyose kugirango iryo totezwa ry’impunzi rihagarare , hanyuma izo mpunzi zihabwe agateka zikwiye. Dutegamatwi Jean Bosco Vyizigiro umuvugizi w’urunani  CBDH VICAR.

Imbere yo gusozera ano makuru  imyaka icenda irarumanye radio inzamba Agateka kawe ivutse inyuma yaho amaradiyo y,igenga Rpa, isanganiro, Bonesha  fm na television Rennaissance  yugawe  amwe nka Rpa na Rennaissance araturirwa n,inzego z,umutekano  ariko munyuma radiyo Bonesha fm n,isanganiro zahavuye z,ugururwa. Athanase karayenga inararibonye mumwuga wo kumenyesha amakuru arashima ingene abamenyeshamakuru bahunze ako kabi kabishe batadehukiwe mumwuga wabo iyo bari mubuhungiro  bagiye hamwe bashinga Radiyo inzamba aho bashikiriza amakuru ataguhengama.Tega amatwi Athanase Karayenga.

Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru yacu nkaba nshimiye bagenzanje banfashije kuyatororokanya umwe wese kugiti ciwe.Ano makuru mwayashikirijwe najewe  Jean Marie Ndabashinze nahubutaha.

 

Ibindi bisa n'ibi