Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 10 Myandagaro 2024

Publié le 10 août 2024 par Rédaction

Turi kuwa   gatandatu n,igenekerezo  rya   10 Myandagaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na jewe Pierre Gahungu nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Abantu umunani harimwo abakenyezi batatu nibo bamaze kw’iyahura muri uno mwaka muri komine Muruta ni muntara ya Kayanza. Abajejwe intwaro bavuga ko kw’iyaka ubuzima biva ahanini kumwunvikano muke mu miryango .Bamwe mubanyagihugu nabo bakavuga ko hari abiyahura kubera uburozi.
  • Umushikiranganji w’ambere Gervais Ndirakobuca aranegura abategetsi n’abakozi ba leta benshi barangwa no  kurya ibiturire batitayeho ivyo igihugu gihomba.Umushikiranganji w’ambere y’abivuze kuruno wa gatanu munama yagiranye n’abajejwe intwaro n’umutekano.
  • Ingingo Leta iherutse gufata zo gutanga umwidegenvyo m’urudadanzwa rw’isukari no  kurekurira abo bose bifuza kw’ugurura inzu zo kudandaza amafaranga y’agaciro n’ingingo z’ishimishije.Ivyo bivurwa na Kefa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU.Ariko rero ngo kugira izo ngingo zishobore kugirira akamaro abanyagihugu  leta itegerezwa gufata izindi ngingo mperekeza ahandi ho ngo vyoba inpfagusa.Muraza kuvyunva muri ano makuru.

 

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndanabaha n’ikaze .

 

Abantu 8 harimwo abakenyezi 3 nibo mu kiringo c’umwaka umwe gusa , ni ukuvuga kuva mu kwezi kwa gatandatu kw’umwaka uheze ,  bamaze  kwiyahura muri komine ya Muruta n’intara ya Kayanza. Uwuheruka vuba akaba yiyahuye ku musi wa kane w’iyi ndwi . Abajejwe intwaro muri iyo komine bakamenyesha ko ukwo kwiyaka ubuzima  biterwa n’ umwumvikano muke mu miryango ariko hakaba hari na bamwe mu banyagihugu  bikeka ko hari n’abiyahura biturutse ku burozi. Ido n’ido na Josephine jones Nkunzimana

Ano makuru  tuyabandanirize mugisata kijanye n’intwaro ibereye . Ukwigungira ko ni vyo biranga abategetsi n’abakozi benshi ba leta. Ivyo binegurwa n’umushikiranganji wa Mbere. Gervais Ndirakobuca yabivugiye mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro n’umutekano mu gisagara ca Bujumbura ku munsi wa gatanu. Akaba yafatiye ku karorero k’ingendo y’abapolisi bakorera kw’ibarabara riva aho bita Chanic kugera mu Gatumba, aho avuga ko umugenzo wa bo ar’uw’ibiturire gusa, batitaye ho ivyo igihugu kihahombera. Kurikira Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa Mbere.

Mugisata k’ijanye n’ubutunzi Umugambwe CODEBU urashima ingingo z’imaze iminsi z’ifatwa na Leta mubijanye n’ubudandanji cane cane nkivyo gushira umwidegenvyo murudandanzwa rw’isukari no kurekurira uwo wese y’ifuza kugurura inzu yo kuvunja amafaranga yagaciro.Kefa Nibizi arongoye uyo mugambwe avuga ko izo ngingo ari nziza ariko ngo zizogirira akamaro abanyagihugu haje izindi ngingo mperekeza zizishigikira.Kurikira Kefa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU.

Umugambwe CODEBU usaba ibanki nkuru y’igihugu  BRB nyabuna kurwiza amafaranga y’agaciro no kunagura ishirahamwe Sosumo  rihingura isukari muntumbero yo gutorera umuti ivyo bibazo .

Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi, tuvuga ibijanye n’akaranda k’ibihara vy’inguge bita Mpox kibonekeje mu Burundi.

Ikiganiro « Kw’īsôko » mugishikirizwa na Emile Nibasumba

Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire ivyanditswe n’ibimenyeshamakuru bitandukanye  ku  b’Uburundi mukaba mubishikirizwa na Eddy Claude Nininahazwe.

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi n,ahubutaha.Ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe  Pierre Gahungu.

 

Ibindi bisa n'ibi