Turi kuwa mbere n’igenekerezo rya 10 Ntwarante umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango rya makuru mukirundi nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Ihuriro ry ‘ abarundi baharanira demokarasi n’ intwaro ishingiye kumategeko m’ Uburundi Rapide Seruka risaba ko abagize umurwi w ‘igihugu ujejwe gutegura amatora y’ imirije CENI ko wotanga imihoho kuko udashoboye gutunganya amatora yizewe na bose.
- Basaba ko borenganurwa.Abo n’ abaganga bahawe akazi mumavuriro y’igenga akorera muntara y’ubuvuzi Mucibitoke.Ngo haciye amezi ane batararonswa agashahara kabo kandi ayo mafaranga ishirahamwe ry ‘abaganga batagira imbibe ryarayatanze mukarere kubuvuzi.
- Nayo mumakuru ajanye n’ uburimyi impungenge ni Nyinshi mubanyagihugu bo muntara za Rutana na Makamba batunzwe n’isuka. Bafise ubwoba ko bazohava bicwa na kigoyi bivuye kunvura yataze kandi iki cari igihe cayo .Aya n’ ayandi ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ ikaze.
Ano makuru tuyahere kunkuru iciye kumasonga.
Abantu batatu baraye bapfuye abandi babiri barakomereka muri komine n’intara ya Rumonge. Vyavuye ku mvura nyishi yaguye ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana. Bose uko ari batatu bamenyekanye ko bapfuye mu gitondo c’uwu wa mbere. Umwe muri bo yatowe areremba ku mazi y’ikiyaga Tanganyika, mu gisagara ca Rumonge. Abandi babiri batowe ibiziga ku mutumba wa Rutumo. Ni muri zone Minago, muri iyo komine nyene ya Rumonge. Amakuru ava kuri uwo mutumba, avuga ko hari n’abandi babiri bakomeretse, amazu abiri na yo arasiduka. Abakomeretse baciye banyarukanwa ku bitaro vyo muri iyo zone aho bariko baravurirwa. Iyo mvura yari imaze imisi itagwa, yarononye kandi n’imirima y’ibiterwa. Bamwe mu banyagihugu bakozweko n’ico cago bari mu kangaratete, bakaba basaba kugarukirwako.
Abanyagihugu bo muri karitiye kinanira ya Gatatu muri komine Muha mugisagara ca Bujumbura kuruno wambere bavyukanye ubwoba bw’ inshi biturutse kw ‘ isakwa ry ‘ abaye mumazu yo ngaho mu kinanira mubucagucagu ryakozwe n’ abapolisi bafadikanije n’ abasirikare.Amakuru ava ngaho muri iyo karitiye akavuga ko abo baje gusaka babaza ikaye yababa murupangu na karangamuntu zabo basanze mu mazu.Abo basanze batanditswe mwikaye baciye baburiza imodoka zigipolisi bajanwa kukibuga c’ umupila munyuma bajanwa mugipolisi mubuyenzi aho barekurwa babanje gutanga ihadabu .Icatangaje bamwe mubanyagihugu bo ngaho mukinanira ngo nuko abo bene gukora iryo saka hari ingo bagenda basimba bakabona ko umengo hari icinyegeje inyuma.Iryo saka ngo ryatumye abaja kumirimo co kimwe n’ abana baja kumashule bacererwa .
Mumakuru ajanye na politike Ihuriro ry ‘abarundi baharanira demokarasi n’ intwaro ishingiye ku mategeko m’uburundi Rapide seruka basaba abagize umurwi w’ igihugu ujejwe gutegura amatora CENI dutanga imihoho.Mw’ ikete iryo huriro ry andikiye kw’igenekerezo rya gatanu Ntwarante abagize umurwi CENI ry ‘ abamenyesheje ko bimaze kuboneka ko badashoboye gutunganya amatora y’ izewe n’impande zose.Ibiri muri urwo rwandiko tubibaze Pacifique Nkeshimana.
Dutandukire igisita kijanye n’ intwaro ibereye aho Imyidogo ari yose mubanganga bahawe akazi mumavuriro yigenga yo muntara y’Ubuvuzi ya Cibitoke ariko haheze amezi arenga ane batarahembwa. Abo baganga bavuga ko ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF ryabahaye akazi ryatanze amahera yabo mukarere k’ubuvuzi ka Cibitoke. Basaba ko boronswa agahembo kabo. Ido n’ido na Parfait Mudasigana
Mugisata c’ uburimyi Impungenge ni nyinshi mu barimyi bo mu ntara za Makamba na Rutana mu bumanuko bw’igihugu c’uBurundi. Bavuga ko bugarijwe n’uruzuba mu gihe mur’aya mezi y’ukwa kabiri n’ukwa gatatu imvura yahora igwa ku bwinshi. Bavuga ko bashobora kwicwa na kigoyi hamwe imvura itorwa, ibintu na vyo ku masoko bikaba vyarazimvye cane, iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona
Mu makuru y’inkino nk’uko vyama buri wa mbere, ihiganwa rya Basket ball ryarabandanije mu mpera z’iyi ndwi, umurwi wa Remesha ukaba waraye utsinze Urunani amanota 77 kuri 66. Turarabira hamwe ingene izindi nkino zagenze. Mu mupira w’amaguru naho umurwi wa LLB Amaspiri ku munsi wa gatanu warashoboyze kuronka intsinzi waheruka kera. Inkuru ya Alexandre Niyungeko
Dukurikire akamo gaterwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Focode kubijanye n’ifungwa ryagateganyo kurikira :
Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.