- Abanyagihugu bo muri komine ya Kabarore mu ntara ya Kayanza muri kino gihe bari mu gahinda kandi batekewe n’ubwoba. Ni inyuma y’aho hagandaguriwe ku musi wa gatandatu w’indwi iheze umunyagihugu w’imyaka 28 yari azwi kw’izina rya Joseph Habiyaremye wo ku mutumba Mugoyi wo muri iyo komine. Akaba yishwe arashwe n’uwurongoye igipolisi muri iyo komine, Moïse Arakaza batazira Nyeganyega, abapolisi bari babanje kumukura ku muhana iwe. Uwo yishe uwo munyagihugu akaba yidegemvya, abajejwe intwaro n’ubutungane ku rwego rw’intara, aho kumufata ngo arengutswe imbere y’ubutungane, ico bakoze kwabaye ukumushimira.
- Umurwi w’igihugu ujejwe agateka kazina muntu mu Burundi CNDIH uvuga ko udatahura icatumye wakwa ikibanza A wahorana mubijanye n’ukubahiriza agateka kazina muntu. Vyashikirijwe kuruyu wambere mukiganiro uwo murwi wahaye abamenyeshamakuru. Ivyo bakaba babivuze inyuma yaho igisata kijejwe agateka kazina muntu mw’ishirahamwe ONU catse ikibanza A uwo mugwi ugahabwa ikibanza B. Sixte Vigny Nimuraba arongoye uyo murwi asigura ko icegeranyo civyo bakoze bakirungitse cerekana ko imirwi ko batafashije atari vyo.
- Umuyobozi w’ikinyamakuru gikora mu buhinga ngurukanabumenyi LA NOVA BURUNDI Pascal Ndayisenga, kur’uno wambere yabwirizwa kwitaba umutahe yarungikiwe n’umushikirizamanza wa republika mu ntara ya Rumonge. Uwo mumenyeshamakuru avugako yabonye uwo mutahe bwije cane ejo ku munsi w’imana , kandi ko atazi icaha yagirizwa , n’uwumwagiriza. Ariko yibazako vyoba bijanye n’inkuru yanditswe mur’ico kinyamakuru ijanye n’ingene umushingwamanza azwi kw’izina rya Patrick Nsabimana afata nabi abakozi mu kirabo ciwe kiri ku mugwa mukuru w’intara ya Rumonge. Uno musi rero uwo mumenyeshamakuru Pascal Ndayisenga akaba atitavye uwo mutahe ku mvo tutaramenya. Twobibutsako mur’ico kinyamakuru nyene , hari uwundi mumenyeshamakuru yitwa Sandra Muhoza amaze amezi abiri avundiye mw’ibohero rya Mpimba, akaba yagirizwa guhungabanya umutekano w’abanyagihugu, ariko yaba amashirahamwe y’abamenyeshamakuru , yaba ayandi mashirahamwe aharanira agateka kazina muntu , bose babonako afunzwe kubera akarenganyo , azira umwuga wiwe.
- Ikibazo co kubura amakara yo gutekesha cabaye akananirabahinga mu gisagara ca Bujumbura. Abagendesha imodokari ziyakura mu ntara zo hagati mu gihugu, bavuga ko ata gitoro kiboneka ca kuyazana. Iyo hagize uwukironka, yemererwa gutwara ica kabiri c’imifuko yahora atwara haraheze amezi atanu. Ivyo vyose bikaba vyatumye igiciro c’umufuko kiduga kuko umufuka munini ugeze hafi ku bihumbi 80 vy’amarundi mu gihe wahora ku bihumbi 45.
- Mumakuru y’inkino nkuko vyama buri wa mbere; uwurongoye ishirahamwe ry’urukino rwa Basket ku mugabane wa Afrika Annibal MANAVE avuga ko agiye gufasha kugirango uburundi buronke ikibuga ca Basket gisakaye, ivyo akaba yabishikirije ku munsi wa gatandatu ahejeje kwirabira inkino zariko zibere ku kibuga ca departement des sports i Bujumbura. Mu mupira w’amaguru naho Uburundi bwaranganije na Kenya mu bahungu mu rukino rwabereye muri Malawi, mu bigeme ho kenya yatsinze uburundi 3 ku busa. Aho hose hakaba hari mu nkino zokurondera i uburenganzira bwo gushika mu nkino zigikombe c’isi yose. Alexandre Niyungeko.