Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 10 Ruhuhuma 2025

Publié le 10 février 2025 par Rédaction

Sangwikaze mwese na mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe  muraya makuru twabateguriye kuruyu musi wa mbere. Turi igenekerezo rya 10 Ruhuhuma umwaka wi 2025. Ano makuru tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira.

  • Hari abakomiseri babiri bo mumurwi w’igihugu CVR ujejwe kunywanisha abarundi batakibarizwa kubutaka bw’uburundi. Abo bakomiseri bakaba bahunze igihugu inyuma yo kwagirizwa guhemuka no gusumira urusaku ikindi gihugu. Gushikubu ntiharamenyekana neza ico bahowe naburya bari mubegereye umugambwe CNDD FDD.
  • Mugisata c’ubutunzi naho, Barasaba kuronswa uburenganzira bwo kwinjiza igitoro mu Burundi bakuye mu gihugu ca Tanzaniya bakoresheje ama bidons. Ivyo bisabwa na bamwe mubanyagihugu bo muntara ya Muyinga kuko ikena ry’igitoro ryibonekeza mugihugu ryabashize mubukene butagira izina. Ariko buramatari wa Muyinga ati ntibarota bababaha uburenganzira bwo gukora urudandazwa rwa magendu.
  • Umugambi nawo gusubiramwo isoko nkuru ya Bujumbura hakoreshejwe ugufashanya hagati ya leta n’abikorera utwabo ngo n’umugambi mwiza ariko ushobora kubamwo ibibazo hamwe utobanza kwigwa neza. N’impanuro zitangwa n’ishirahamwe PARCEM mumwihwezo waryo. Bagasaba ko hoba umuco mubikorwa vyose vyiyo soko. Kaze mwese.

 

Ndasubiye kubaramutsa nongera kubaha ikaze

Duhere aya amkuru kuriyi nkuru iciye kumasonga ivugwa mugisata c’umutekano muke

Ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe mu gatondo ko kuri uyu wa mbere hafi y’isoko ya commune Gihanga mu ntara ya Bubanza. Amakuru ava mubakibonye ubwa mbere, ngo ntagikomere na kimwe yarafise ku mubiri. Ayo makuru nyene amenyeshako igipolisi cahazindukiye kugira amatohoza, kikaba casanze uwo yapfuye yakorera mu gisata c’uburimyi bw’umuceri muriyo commune. Igipolisi kikaba kimenyeshako amatohoza yatanguye kugira kimenye icateye urwo rupfu.

Turabandanya ayo twabateguriye

Abakomiseri babiri bo mu murwi w’igihugu CVR ujejwe kuvugana ukuri no kunywanisha Abarundi kuva mundwi iheze barahunze igihugu biturutse yuko umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye yari yategetse umukuru w’ibiro vy’iperereza kubahagarika. Aloys Batungwanayo na Noe clement Ninziza bagirizwa guhemuka no gusumira urusaku ikindi gihugu. N’inkuru tubaza  Jean Baptiste Bireha,

Umugwi wigihugu CENI nawo ujejwe gutegura amatora mu Burundi, werekanye kubazoja mu matora ibimenyetso, ibicapo n’ikarata bizoba bitonze mu matora yimirije. Bamwe mubanyamigambwe bari bitavye iyo nama n’umugwi CENI kuri uno wa mbere, bakaba basavye kongerwa umwanya kugira basubire bahinyanyure ibicapo canke ibimenyetso bizoja kumakarata y’itora ariko Prosper Ntahorwamiye arongoye umugwi CENI akaba yabahakaniye kuko ikiringo cico gikorwa caheze, cokimwe n’itangwa ry’abanyamigambwe bazohagarikira igikorwa cimirije co kumanika intonde zabazokwitaba amatora. Tumukurikire.

 

Radio Inzamba tubandanye amakuru twabateguriye mugisata c’ubutunzi

Barasaba guhabwa uburenganzira bwo kwinjiza igitoro mu Burundi bakuye mu gihugu ca Tanzaniya bakoresheje ama bidons, abo ni abanyagihugu bo mu ntara ya Muyinga kuko bavuga ko ubukene bw’igitoro bwibonekeza mu gihugu bwabateye ubukeni budasanzwe. Bavuga ko hakureka abantu bakaba nk’imfungwa mu mihana yabo bobareka bakacironderera. Ariko bulamatari w’intara ya Muyinga avuga ko bidashoboka kuko leta igwanya urudandaza rwa magendo, iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona

Arakenuye na Audace Nimbona

Umugambi wo gusubiramwo isoko nkuru ya Bujumbura hakoreshejwe ugufashanya hagati ya leta n’abikorera utwabo ngo n’umugambi mwiza ariko ushobora kubamwo ibibazo n’ingorane hamwe utobanza kwigwa neza. Ivyo biri mu mwihwezo w’ishirahamwe PARCEM. Faustin Ndikumana arirongoye abona ko abahinga babinonosoye bobanza kwiga neza uwo mugambi kugirango leta ntize yibuke kubogora yamaze gusesa. Dutegamatwi Faustin Ndikumana.

Faustin Ndikumana  asaba ko hoba amategeko n’inzego zikomeye zijanye nico kibazo , hanyuma hakaba umuco ku bikogwa vyose vyerekeye iyo soko. N’ubunyene kurikira Faustin Ndikumana.

Mugusozera aya makuru naho tubabwire ay’inkino aho umurwi wa Bumamuru waraye ufashe ikibanza cambere c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ihejeje gutsinda Ngozi city 2 kubusa. ikibanza cahoramwo Aigle noir iyo nayo ikaba yagitaye itsinzwe na Olympic star y’i Muyinga 2 kuri kimwe. Ku ndwi igira 19 y’ihiganwa n’ubu umurwi wa LLB Amasipiri niwo ukiri uwanyuma. Turarabira hamwe ingene ingene inkino z’abigeme zagenze. Igice ca kabiri c’ihiganwa kikaba catanguye ku munsi wa gatandatu. Inkuru ya mugenzi wacu Alexandre Niyungeko

Arakenuye Alexandre Niyungeko, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. ndabipfurije kuroranigwa muvyanyu no mubanyu. Naho ubutaha.

 

 

Ibindi bisa n'ibi