- Umusore azwi kw’izina rya Philippe NSABIMANA yagandaguwe ku mutaga wo kuri uyu wa gatanu n’imbonerakure zibiri harimwo umwe awi ku mazina ya Victor Niyukuri. Iryo bara ryabereye ku mutumba wa Ryamukona muri commune Kabarore ni mu ntara ya Kayanza. Amakuru atangwa n’abanyagihugu, Philippe NSABIMANA yoba yariko aja ku gasoko kahitwa kw’Iviro gahuriramwo abarundi n’abanyarwanda ku ruhande rw’igihugu c’Urwanda nk’igihe c’isaha umunani. Niko guhura nizo mbonerakure zariko zirakizura murako gace zica zitangura kumukubitisha ivyo zari zifise gushikaho uwo musore acikana. Izo mbonerakure zaciye zifata ikiziga zija kugita mu ruzi Kanyaru rugabura Uburundi n’Urwanda. Ayo makuru kandi aremezwa n’abajejwe intwaro. Abanyagihugu baho hafi babibonye bahavuye batabaza igipolisi kibona gukurikirana izo mbonerakure gushika zifashwe. Abanyagihugu baho i Kabarore basaba yuko izo mbonerakure zohanwa vy’akarorero.
- Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu watakaje ikibanza A c’imigwi ikora neza ku ncuro igira kabiri ija mu kibanza B, ingingo yafashwe n’inzego zibijejwe z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Umushingwamanza Armel Niyongere, arongoye ishirahamwe ACAT Burundi, arashima iyo ngingo kuko umugwi CNIDH wagumye ufata minenerwe amabi akomeye y’agateka ka zina muntu akorwa mu gihugu. Uburundi bugiye kuhatakariza ibitari bike kuko umugwi CNIDH ntuzosubira gutumirwa mu nama z’umurwi w’agateka ka zina muntu wa ONU. Kubw’umushingwamanza Armel Niyongere, umugwi CNIDH ufise ikiringo c’umwaka kugira wisubireko kugira ingingo yafashwe ntigumeho burundu.
- kw’ishuri I Bujumbura uno musi ntizakoze. Ivyo ubuyobozi bw’iryo shirahamwe bukaba bwasiguye ko ari ukubera izo modoka zabuze igitoro zinywa. Ivyo bikaba bishitse mu gihe ikibazo co kwiyunguruza cari kimaze kwimonogoza, aho abantu nka bose ubu iyo bashatse kugira aho baroye bahaja n’amaguru. Bikavugwa ko n’abakozi bar eta basigaye Babura uko biyunguruza n’ugusiba bagasiba ntihagire uwubakoma.
- Kur’uno wa gatanu niho himurwa kugushaka kwabo imiryango igera kw’ijana yo muma karatiye ya Mushasha ya mbere niya kabiri ibangamiwe n’umwuzurira w’amazi muri zone Gatumba ni muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura. Iyo miryango ikaba yajanywe muri site ya Matyazo muri komine Mubimbi ni muri iyo ntara nyene ya Bujumbura. bimuriwe vyankenerwa vyibanze bihari.
- Ibikorwa vyo gusubira kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura ngo bigiye gutangura mu misi iri imbere. Mu nama nshikiranganji yabaye kuri uwu wa gatatu, ubushikiranganji bujejwe inyubako za leta bwahawe amezi atatu kugirango buzobe bwatanze amashusho yerekana ingene iyo soko izokwubakwa. Iyo soko bitegekanijwe ko izoba ari nini cane kandi izokwubakwa mu buhinga bwa none.