Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 11 Gitugutu 2024

Publié le 11 octobre 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 11 Gitugutu umwaka wi 2024. Amakuru twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira

 

  • Iyongerwa ry’ikiringo ry’intumwa idasanzwe ya ONU k’uburundi vyerekana neza ko iyubahirizwa ry’agateka kazina muntu rikiri kure nk’ukwezi mu Burundi. Amashirahamwe atandukanye aharanira agateka kazina muntu mu Burundi arashima ko iyo ntumwa yongewe ikindi kiringo. Muraza kumva Pacifique Nininahazwe ari mubabishimye aho avuga ko vyari bikwiye guha icigwa abategetsi b’Uburundi.
  • Akamo nako umukuru w’igihugu c’Uburundi yateye abarongoye ishirahamwe SOSUMO ko kugabanura igiciro c’isukari ngo kagiye gushirwa mu ngiro. Vyemejwe kuruyu wa gatanu n’umuvugizi w’ubushikiranganji w’ubudandaji mukiganiro c’abavugizi b’inzego. Ariko naho biruko abandandaji nabonyene bidoga bavuga ko batagishoregwa isukari kuko izimye cane.
  • Ishirahamwe ACAT Burundi naryo riratewe umutima uhagaze n’indwara y’igituntu yadutse mubanyororo bapfungiwe mw’ibihero rya Muramvya. Iryo shirahamwe rikavuga ko ivyo bibazo vy’indwara vyadutse kubera ubwinshi bw’abanyororo barangwa muriryo bohero. Basaba bashimitse ubutegetsi bw’uburundi gukurikirana ico kibazo kidasanzwe. Kaze mwese mw’ido n’ido ni mukanya

Ndasubiye kubaramutsa

Inama ya ONU iraba ibijanye ivy’agateka ka zina muntu yaraye yerekanye mukongera ikiringo intumwa idasanzwe ya ONU ku Burundi, ko yabonye neza ko ibijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi bitigeze bitera intambwe na ntoyi naho haje ubutegetsi bwa Ndayishimiye. Niko bibonwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE. Kubwiwe, ivyavuye murayo matora, vyari bikwiye kubera icigwa Uburundi bugahagarika ihonyangwa ry’agateka ka muntu, bukongera bugahana ababikora. Kurikira.

Iyongerwa ry’ikiringo ku ntumwa idasanzwe ya ONU iraba ibijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi Fortuné Gaëtan Zongo, ngo n’ubutumwa bwuko amakungu ashaka kuguma akurikirana ku mabi abandanya akorerwa mu gihugu. Bivugwa na Eulalie Nibizi, umuyobozi nshingwabikorwa mu runani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi CBDDH. Kubwiwe, ngo n’akandi karyo kubategetsi b’igihugu ko guhindura ingendo bagateza imbere bakongera bagashigikira ibijanye n’agateka ka zina muntu, bakongera bagakorana niyo ntumwa idasanzwe ya ONU. Kurikira.

Tubandanye mugisata c’ubutungane

Ishirahamwe ACAT Burundi riratabariza abanyororo bo mw’ibihero rya Muramvya aho abatari bake ngo bamaze kwandura indwara y’igituntu kubera ubwinshi bw’abanyororo muriryo bohero.  Iryo shirahamwe rigasaba ubushikiranganji bw’ubutungane ko boshiraho politike iboneka kandi yihuta ituma hagabanywa abanyororo muriryo bohero kuko babaye umurengera. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amategeko muri Acat Burundi agasaba ababijejwe harimwo abarongoye igihugu kuva mugacerere bakumva akamo bategwa kugira bagabanye ubwinshi bw’abanyororo bongere bakumire indwara ziriko ziraba nyinshi mw’ibohero rya Muramvya. Tumukurikire

Radio Inzamba tubandanye mugisata c’ubudandaji

Akamo umukuru w’igihugu c’Uburundi yateye abarongoye ishirahamwe SOSUMO ko kugabanura igiciro c’isukari ngo kagiye gushiwra mu ngiro. Bishikirizwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji mu vyo ajejwe hari mwo ubudandaji, akaba yabishikirije kur’uyu wa gatanu igihe abavugizi b’inzego zikuru z’igihugu bariko barishura ku bibazo vyabanyagihugu hari mu ntara ya Bururi. Naho rero atatanze ikiringo, avuga ko batevye kubera bari bakivyiga. Ivyo akaba yabishikirije mu gihe imyidogo ikiri yose mu banyagihugu, ubu naho abidoga bakaba ari abadandaza bavuga ko isukari isigaye itagugwa  kubera izimvye, iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona

Arakoze Audace Nimbona

Ishirahamwe PARCEM rirahagaritswe umutima n’iduga ry’ibiciro ryabaye ndanse mu gihugu. Faustin Ndikumana, arongoye iryo shirahamwe ku rwego rw’igihugu, abonako iduzwa ry’ibiciro ry’ivyankenerwa haba mubifungurwa n’ibindi bigeze ku rwego ruteye ubwoba mu Burundi. Akaba abivuze mu gihe ibanki nkuru y’igihugu BRB yaraye isohoye igipimo c’iduga ry’ibiciro ico bita inflation mu gifaransa co mu kwezi kw’umunani.  Kubwiwe, igihugu gikwiye mu maguru masha impinduka mu ntwaro kuko ingaruka mbi nyinshi ry’iduga ry’ibiciro rihanga abanyagihugu. Kurikira.

Imbere yo gusozera aya makuru

Imyidogo ni myinshi mubanyagihugu bakora ibikorwa vy’amaboko muri komine Nyanza Lac ni muntara nshasha ya Burunga. Imvo nyamukuru akaba aruko inama mpanuzwajambo ya komine yafashe ingingo yo gushinga igiciro kubakora iyo mirimo  nkuko biri mwitangazo rya musitanteri wa komine Nyanza Lac Marie Goreth irankunda.Abanyagihugu bavuga ko ari akarenganyo kuko ngo batagishijwe inama.N’inkuru ya Jean Baptiste Bireha

Arakenuye Jean Baptiste Bireha

Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye, Pierre Gahungu nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha.

Ibindi bisa n'ibi