Turi kumusi wa kane igenekerezo rya 11 Mukakaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye. iri ni rya sango ry’amakuru mu kirundi aya nayo akaba agizwe n »izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
1. Inyandiko zitagira umukono zimaze iminsi zitorwa kukirimba c’umukuru w’igihugu no mugisagara ca Gitega zisaba umukuru w,igihugu gutanga imihoho ntazindi nsiguro zifise ataruko abanyagihugu barambiwe n,ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye.Ivyo n,ibishikirizwa na J ean Bosco Rwigemera icegera c,umukuru w,urunani CEFOR ARUSHA.
2.Igenekerezo rya 11 Mukakaro n,umunsi mpuzamakungu wahariwe irwirirana ry’abantu. Uyo munsi ukaba ushitse mugihe irwirirana ry,abantu riri kumurindi munini aho rigeze kubice bitatu kw,ijana. Ishirahamwe Parcem rikabona ko iyo ari intambamyi ikomeye cane kubuzima bw,igihugu .
Ishavu riraniga kubunguruza abantu kumapikipiki muntara ya Bururi.Bavuga ko kuronka igitoro ari nko guhiga umuzi w,ibuye. Ngo iyo kibonetse kigurishwa kuri magendo.Basaba abajejwe intwaro gutunganya neza ico gisata.Aya n,ayandi ni mukanya isase.
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n,ikaze.
Kw,igenekerezo rya 11 Mukakaro n,umunsi mpuzamakugu wahariwe irwirirana ry,abantu. Ishirahamwe Parcem ribonako mu Burundi uyo munsi ushitse mugihe ibitigiri bijanye n,irwirirana ry,abantu biguma vy,iyongera ubu bikaba bigeze kubice bitatu kw,ijana ariko amikoro y,abarundi nayo akaba ari make cane. Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem avuga ko abantu biyongera gusumba uko ubutunzi bw,iyongera.Tumukurikire
Faustin Ndikumana avuga ko irwirirana ry,abantu rishobora kuba inguvu z,iterambere mugihugu mugihe baba barize bakagira ubumenyi bukw,iye n,amagara meza.N,ubu nyene kurikira Faustin Ndikumana.
Imyidogo nayo ni myinshi mu bunguruza abantu n’ibintu ku ma pikipiki bo mu ntara ya Bururi. Bavuga ko kuronka igitoro muri kino gihe ari nko kurondera umuzi w’ibuye. Ikibabaje ngo n’iyo kibonetse kivomerwa mu ma bido ben’umurango barorera kugira ngo kijanwe kudandazwa kuri magendo. Basaba abategetsi gutunganya neza itangwa ry’ico gike kibonetse, inkuru ya Alexandrine
Dutandukire igisata kijanye na politike.Inyandiko zitagira umukono zigize imisi zitogwa hirya no
hino mu ntara ya Gitega no ku kirimba c’umukuru w’igihugu harimwo , inyandiko zisabako umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yotanga imihoho , ngo ni ikimenyetso cerekana ko abanyagihugu barambiwe n’intwaro yiwe. Ivyo bivugwa n’urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta . Urwo runani rusigura ko iyo ata gisata na kimwe kigenda mu buzima bw’igihugu, ngo nukuvugako abategetsi biba vyabananiye , ko haba hasigayeko bavaho hakaza ababishoboye ku neza y’abanyagihugu. Urunani CFOR ARUSHA ruhamagarira abarundi bose bakunda igihugu kuja hamwe bakikurako ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye bwashize igihugu mu magogwa atagira uko angana. Dutegamatwi Jean Bosco Rwigewmera icegera c’umukuru w’urunani CFOR ARUSHA.
Imbere yo gusozera ano makuru Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya leta rivuga ko ribabazwa n’ukuntu agateka k’abamenyeshamakuru kabandanya guhungabana k’urugero runini. Ishirahamwe OLUCOME rifatira akarorero kubiherutse gushikira umumeyeshamakuru Gerard Nibigira wa radio Isanganiro akorera muntara ya Gitega yakubaguwe n’uwutwara igipolisi muntara ya Gitega. Gabriel Rufyiri arirongoye asaba inzego zijejwe gukingira umwuga wo kumenyeshamakuru guhagura bagakingira abamenyeshamakuru bakubagugwa n’abajejwe umutekano. Kurikira Gabriel Rufyiri akaba yavugiye kuri radiyo isanganiro.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru yacu nkaba nshimiye bagenzanje banfashije kuyatororokanya umwe wese kugiti ciwe.Ano makuru mwayashikirijwe na Eddy claude Nininahazwe nahubutaha.