Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 11 Munyonyo 2024

Publié le 11 novembre 2024 par Rédaction

Turi ku musi wa mbere , igenekerezo rya 11 Munyunyo , umwaka w’i 2024, ndabaramukije mwebwe mwese mwashimye gukurikira radio inzamba agateka kawe, uwu niwa mwanya w’amakuru mu kirundi , ayo twabateguriye nayo  akaba agizwe n’ingingo nkuru nkuru zikurukira.

  • Ku mugwa mukuru w’intara ya Rumonge , hari amalitiro ibihumbi 50 y’ibitoro yafashwe kuri uno w’imana agiye kugurishwa kuri magendo, abanyagihugu basabako abayafatanywe bohanwa vy’aharorero.
  • Mu ntara ya Ngozi naho havugwa imyidogo y’abarimyi batararonswa umwavu w’ikizungu kandi bararishe amafaranga yabo kuva kera, twabibateguriye murano makuru.
  • Mu bijanye n’ubutunzi naho turababwira ko ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama , ryifuzako leta yotunganya inama idasanzwe irimwo abahinga batandukanye , kugirango ibibazo vy’ubutunzi vyugarije igihugu bitoregwe inyishu .

 

Mu kanya ido nido ryano makuru.

……………………………………………………………………………………….

 

JPK LANCEMENT IBITORO RUMONGE

Ndasubiye kubaramutsa ndabaha n’ikaze murano makuru , amaritiro ibihumbi mirongo itanu y’ibitoro vyo mubwoko bwa Essence  yarafashwe kuruno w’imana mugisaga ca Rumonge . Bikavugwako ibitoro mwenivyo, arivyo bica bigurishwa kuri magendo. Abanyagihugu basaba ko ababifatanwa bohanwa hakurikijwe amategeko. N’inkuru ya Jean Baptiste Bireha.

Arakoze Jean Baptiste Bireha , imyidogo mu barimyi nayo iguma yibonekeza mu ntara zitandukanye kubera batararonswa umwavu w’ikizungu kandi igihe co gufumbira imirima  kiriko kirabajana. Mu ntara ya Ngozi bavuga ko batumva na gato ingene bariha iyo fumbire hakiri kare, ariko ntibayironswe. Iyo babajije igituma ngo bababwirako ata gitoro kiriho co kunywesha imodoka zikoreshwa mu gutanga iyo fumbire. Ni inkuru ya Audace Nimbona.

 

Ano makuru tuyabandanirize mu vy’ubutunzi , Reta ngo ikwiye  gutumako  mu maguru masha inama rukokoma yokwiga ibibazo bijanye n’ubutunzi bizingamitse igihugu  muri kino gihe. Ivyo bisabwa n’ishirahamwe Parcem ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama . Faustin Ndikumana arongoye iryo ryirahamwe , akabona ko muri iyo nama hotumirwamwo abahinga m’uvyubutunzi baba Abarundi canke abanyamahamga,  gurtyo ngo hoshobora kuboneka urupapuro rw’inzira rwotuma igihugu kiva mu ngorane kirimwo. Kurikira Faustin Ndikumana akaba yabishikirije kuruno wa mbere.

Mu makuru y’inkino yaranze indwi twaraye tusozereye naho,  abanonotsi banyonyera ivyo bita randonnée mu rurimi rw’igifaransa , ejo niho bashika i Bujumbura bavuye mu gihugu ca  Côté d’ivoire aho batahukanye ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa ryabaye kuva kuwa 2 gushika kuwa 8 munyonyo. Batahukanye ibikombe 11 n’imidari. Turababwira  n’ingene inkino zagenze mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ku ndwi igira 10 , aho umugwi Aigle noir ubu , ariyo iri kw’isonga. Inkuru ya Alexandre Niyungeko.

Arakoze Alexandre Niyungeko kur’ayo makuru y’inkino yadutohoreje, akaba ari naho hagarukiye amakuru mu Kirundi twari twabateguriye , mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiranye , bakoze na bagenzi banje bamfashije kuyatororokanye, mugire aho muba , mwubabahwe , naho ubutaha.

Merci de prendre connaissances de nos règles d'usage avant de publier un commentaire.

Le contenu des commentaires ne doit pas contrevenir aux lois et réglementations en vigueur. Sont notamment illicites les propos racistes, antisémites, diffamatoires ou injurieux ; les propos incitant à la haine ou à la violence ; les propos divulguant des informations relatives à la vie privée d’une personne ou utilisant des œuvres protégées par les droits d’auteur (textes, photos, vidéos…) sans autorisation et mention de la source. Les commentaires sont modérés a posteriori par un administrateur du site. Nous vous remercions pour votre compréhension.

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ibindi bisa n'ibi