Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru twabateguriye kuruyu musi wa kabiri igenekerezo rya 11 Ntwarante 2025. Aya nayo tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize
- Ukutihanganirina muri politike vyasubiye kwibonekeza hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNL n’abo mumugambwe uri k’ubutegetsi CNDD FDD. Muri commune n’intara ya makamba hari umunyanyi w’umugamwe CNL yakubiswe arashaya kuruyu wagatandatu uheze n’umunywanyi w’umugabwe CNDD FDD. Muri CNL bagasaba ko ubutungane bwokora.
- Abakobwa b’abarundikazi nabo batwawe gukorera mu gihugu ca Arabie Saoudite baratabaza ko babayeho mu buzima bubi. Bigoga bavuga ko ivyo basanze murico gihugu bitandukanye nivyo leta y’Uburundi yabasezeraniye. Basaba let aya Varisto kubakurikirana nkuko biri mumasezerano bagiye basinye.
- Mugisata c’uburimyi naho, Ikibazo c’ikena ry’ifumbire mugihugu c’Uburundi cabaye akananira bahinga. Mumpera zaya makuru turaza kubashikana muntara ya Ngozi aho abarimyi ubwanwa bwafutse umunwa kubera batararonka ifumbire batangiye amahera haraciye igihe. Babona ko umwimbu uzoboneka uzoba udashemeye. Kaze mwese
Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye na politike
Imyidogo ni yose mu banywanyi b’umugambwe CNL bo muri komine n’intara ya Makamba. Ni inyuma yaho ku musi wa gatandatu uheze , uwurongoye uwo mugambwe muriyo komine Audifax Ndayirukiye akubitiwe agashaya n’umunywanyi w’umugambwe CNDD FDD Claude Nininahazwe , amubuza kugirisha inama hamwe n’abanywanyi buwo mugambwe. Abanywanyi b’umugambwe CNL basabako Claude Nininahazwe yofatwa agashigwa imbere y’ubutungane kugira yishure amabi yakoze. Ni inkuru tubaza Pacifique Nkeshimana.
Umugwi ujejwe gutegura amatora CENI ngo hamwe wobandanya wigira sindabibazwa ku vyaha bijanye n’itunganywa ry’amatora mugushaka gukwegera Uburundi n’abarundi mu ndyane nko muri kahise, ngo uzoshengezwa imbere y’ubutungane. Bivugwa n’urunani RAPIDE SERUKA ruhurikiyemwo abarundi baba abigenga canke abakorera hamwe. Bishikirizwa na Bob Rugurika umuhuzabikorwa w’urwo runani inyuma yaho rwandikiye umugwi CENI ruwusaba gutanga imihoho. Kurikira
Radio Inzamba tubandanye amakuru twabateguriye
Abakobwa b’abarundi batwawe gukorera mu gihugu ca Arabie Saoudite baratabaza ko babayeho mu buzima bubi, bitandukanye nivyo basezeraniwe bakiva mu Burundi. Bavuga ko hari abataronswa agahembo kabo abandi bakabuzwa kwivuza iyo barwaye. Basaba reta y’u Burundi kubakurikirana nkuko biri mu masezerano n’amashirahamwe abarungika muri ivyo bihugu vy’abarabu. Ido n’ido na Eddy Claude Nininahazwe.
Arakenuye Eddy Claude Nininahazwe
Ikena ry’ifumbire rirabandanya kuvurwa mu ntara zitandukanye z’igihugu c’uBurundi. Mu ntara ya Ngozi, babona ko leta isa n’iyabibagiye kuko barishe iyo fumbire ariko bararindira kuyihabwa barabura. Bavuga ko n’umwavu w’ikirundi bahora bikorako, ubu utakiboneka kuko ibitungwa bisigaye ari bike. Ngo basigaye bahitamwo gutera badashizemwo ifumbire, bagatinya ko umwimbu uzoba muke, bakazohava bicwa na kigoyi, iyi nkuru tuyibaze Claude Manirakiza
Imbere yo gusozera aya makuru mukurikire
Akamo k’ishirahamwe Focode mu ntumbero y’ugukebura kubijanye n’ipfungwa ry’agateganyo.
Ni kurako kamo nduciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bakoze abafashije kuyegerenya. Muroranigwe mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha