Turi kuwa gatatu n’igenekerezo rya 11 Nyakanga ni mu mwaka 2024. Ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mu kirundi mukaba muyashikirizwa na jewe Jean Baptiste Bireha.Ano makuru agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Umukenyezi yagirizwa kuba yashatse kwaka ubuzima uwo bahoze bubakanye hamwe n’umwigeme w’imyaka 15 nawe yagirizwa kuba yishe imbonerakure yashatse kumufata kunguvu bapfungiwe mugasho k’igipolisi i Nyanza Lac.Ababo basaba ko borekurwa ngo kuko bariko bararenganywa,
- Ntaho vyakabaye aho umunyororo akitswe n’amagara arengutswa imbere ya sentare.Ivyo n’ibishikirizwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima n’inyuma yaho sentare nkuru ikukira Muha kuruno wakabiri yarengukije muganga Christophe Sahabo yahoze ari umuyobozi mukuru w’ibitaro kira hospital kandi arenvye cane. Umushingwamanza Gustave Niyonzima aranegura iryo honyangwa ry’amategeko.
- Ubutegetsi bwa CNDD FDD ngo ntibutahura icitwa intwaro rusangi ngo ahubwo bukoresha intwaro y’agacinyizo kuruyo wese badasangiye ivyiyunviro.Ivyo bivurwa na Frederic Banvuginyunvira inararibonye mumugambwe sahwanya Frodebu akaba arongoye urunani CFOR Arusha. Abishikirije inyuma yaho kuruno w’ambere mw’ijoro habomorewe ingoro nshasha y’umugambwe sahwanya frodebu n’urwaruka rw’imbonerakure kumutumba Butembe muri zone butanuka ni muri komine Mpanda .Aya n’ayandi ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ikaze.
Ano makuru tuyahere mugisata c’ubutungane.
Umukenyezi n’umukobwa w’umuyabaga barapfungiwe mu gasho k’igipolisi i Nyanza-lac. Umukenyezi yagirizwa kwica uwo bahora bubakanye, umwigeme w’imyaka 15 na we kwica Imbonerakure yoba yagomba kumufata ku nguvu amuteye ibuye. Imiryango ya bo isaba ko borekurwa ata gisabwe. Iyo nkuru tuyibaze ido n’ido Franck Kaze.
Tukiri mugisa c’ubutungane ,Sentare nkuru ya Muha mu gisagara ca Bujumbura yarahonyanze amategeko mu gushaka kuburanisha umunyororo akitswe n’amagara. Ivyo ni ibinegugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima , agafatira kuri Christophe Sahabo kuri uno wa kabiri yarengukishijwe niyo sentare aremvye cane. Uwo mushingwamanza yiyumvirako ubutungane buzobanza kureka uwo munyororo akabanza kwivuza neza imbere yo gusubira kumurengutsa, kuko ngo ni uburenganzira bwiwe. Tumutegamatwi.
Tuve mugisata c’ubutungane dutandukire igisata kijanye na politike.Umugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD uriko uratwara abantu kugikenye.Nicogituma abategetsi baturuka mur’ uyo mugambwe batarota bunva icarico demokarasi.Ivyo bishikirizwa na Frederic Banvuginyunvira umwe munararibonye z’umugambwe Sahwanya Frodebu akaba arongoye urunani CFOR ARUSHA aho avuga ko muri demokarasi ari ukwemera ko imigambwe myinshi mubudasa bwayo ishikiriza ivyiyunviro bitandukanye. Frederic Banvuginyunvira abivuze inyuma yaho kw’igenekerezo rya 9 Nyakanga mw’ijoro’ ingoro y’umugambwe Sahwanya Frodebu iri kumutumba Butembe ni muri zone Butanuka muri komine Mpanda muntara ya Bubanza ibomorewe n’urwaruka rw’imbonerakure. Uyo munyepolitike akababazwa nuko abakora ben’ivyo vyaha n’uguhanwa badahanwa.Tumukurikire.
Frederic Banvuginyunvira asigura kandi ko abategetsi ba CNDD FDD batagira ukwihanganiranira haba muvyiyunviro canke mumajambo no mubimenyetso vy’iyindi migambwe , arico gituma bakwiye kw’ikubita agashi bagahindura ingendo.
Mugisata kijanye n’indero Imyidogo ni myinshi mu bavyeye bafise abana bahejeje igice ca mbere c’ishure shingiro mu ntara ya Ngozi. Bavuga ko babashize mu mashure ya kure aho usanga hari abarungitswe mu ntara za Makamba n’ahandi, bakabona ko kwiyunguruza bizobabera intambamyi kuko itike yaduze ku rugero rudasanzwe. Basaba ababijejwe gukemura ico kibazo bakanatorera inyishu ikibazo c’ibura ry’igitoro ryabaye ndanse. Iyi nkuru tuyibaze mugenzi wacu Audace Nimbona.
Imbere yo gusozera ano makuru dutandukire igisata kijanye n’ibidukikije aho imodokari imwe yo mu bwoko bwa Allion yahiye iratokombera, inzu irasha n’ibiri muri mwo vyose birasha. Iryo sanganya ryabaye ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, muri karitiye Birimba iri mu gisagara ca Rumonge. Amakuru ava muri ico gisagara, avuga ko uwo muriro wavuye ku gitoro cariko kirakurwa muri iyo modokari yadutse igasha. Hampande y’ivyo bikoresho vyatse, hari n’umukenyezi yahiye ku kuguru nk’ukwo ayo makuru nyene abandanya abivuga. Mu gipolisi kijejwe gukinga impanuka baragerageje gutabara ariko biba ivy’ubusa. Mu gihe hibonekeza ubukene bw’igitoro mu Burundi, hari abaja kunywesha amamodokari yabo muri Tanzania bavuye mu ntara ya Rumonge, basubiye muri iyo ntara bagaca babisukanura kugira ngo bigurishwe kuri magendo. Abanyagihugu bagasaba ko iyo ngendo yohagarara ku neza y’imiryango ihahombera igihe hadutse amasanganya mwene ayo.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye bagenzanje banfashije kuyatororokanya na mwebwe mwese mwaduteze yompi ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe jean Baptiste Bireha mugire umugoroba mw’iza. Naho ubutaha.