Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 11 Ruheshi 2024

Publié le 11 juin 2024 par Rédaction
  1. Umunyororo yaraye yitavye Imana aho yarapfungiwe mu gasho ka parquet ya Makamba muriri joro ryakeye ry’uwa mbere rishira uwa kabiri. Akaba yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 8 Rusama bivuye ku matati y’amatongo. Amakuru ava ngaho i Makamba yemezako yarafise ingwara yaramaranye iminsi kandi atigeze yemererwa kuja kuyivuza naho ingingo yo gusohoka amaze gutanga indishi y’akababaro kuwo basangiye amatati yari yarafashwe.
  2. Iburabuzwa ry’abamenyeshamakuru ryasubiye kwimonogoza mu Burundi. Abamenyeshamakuru bane harimwo babiri b’ikinyamakuru IWACU n’abandi babiri b’ikinyamakuru gikora mu buhinga ngurukana bumenyi LA NOVA-BURUNDI baraburabujwe mu kazi kabo mu kiringo c’amezi abiri aheze. Bikaba biteye amakenga abatari bake.
  3. Ingendo y’ubutegetsi bwa CNDD FDD yo kubarabuza abamenyeshamakuru igihe cose bamaze k’ubutegetsi ni mugambi bafashe wo kuzivya umuntu wese atavuga ivyo leta yabo ishaka kumva. Bisigugwa n’umumenyeshamakuru Innocent Muhozi arongoye ishiharamwe OPB rijejwe guhanurana hagati y’ibimenyeshamakuru akaba n’umuyobozi wa Television Renaissance. Kubwiwe, abo bamenyeshamakuru basigaye mugihugu babandanya kuburabuzwa kuko biri muntumbero yo guhisha abarundi n’amakungu ibibera mugihugu ariko ntaco bagihisha abarundi kuko amabi ari mugihugu abarundi babayemwo azwi nabose.
  4. Umushikiranganji ajejwe ubutungane Domine Banyankimbona arakwiye kuva mugacerere agashengeza colonel wo mu rwego rw’igipolisi Arakaza Maurice batazira Nyeganyega arongoye igipolisi muri komine Kabarore mu ntara ya Kayanza. Ivyo n’ibisabwa na Anchaire Nikoyagize arongoye umuhari iteka aho uyo mu komiseri azwi mu mabi menshi y’ubwicanyi yagiye arakorera abanyagihugu yitwa ko ajejwe gukingira. Kur’uno wa gatandatu w’indwi iheze yagandaguye umunyagihugu azwi kumatazirano ya Jozefu wo muri iyo komine ya Kabarore.
  5. Igitoro n’amafaranga y’agaciro mu Burundi biri ku rugero rwo hasi cane kandi ibihugu vyose kw’isi ari vyo bigendera ko kugira bimenye uko ubutunzi bwa vyo bwifashe. Ivyo bisigurwa n’ishirahamwe PARCEM yasubiye gutera akamo kubera ubutunzi bw’igihugu buguma butituka. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe akaba anegura igiturire kiriko ciha inkumbi, n’ingene reta yiziziye isoko ry’igitoro, kandi yategerezwa kurihebera abigenga.
  6. Kubw’ivyo, reta ihari uno musi yategerezwa gutanga imihoho, umukuru w’Igihugu agashinga iyindi nshasha. Ku bwa Faustin Ndikumana, uwo ni wo muti nyamukuru utegerezwa kwisungwa. Hama abo bategetsi bashasha bagafata ingingo zibereye zo kurwanya igiturire no gutunganya neza ibikorwa vya reta, babifashijwe mwo n’abahinga.
  7. Ikena ryigitoro ry’ibonekeza hirya no hino mu gihugu ntakindi rivako atari ubutegetsi bubi bwa cndd fdd bwihaye ingendo yo kunigira mu menshi abanyagihugu. Ivyo n’ibihikirizwa na Frederic Banvuginyunira arongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe nuwuri ku butegetsi CEFOR ARUSHA, aho avuga ko bitumvikana ko mu Burundi igitoro gikena kandi mu bihugu bigize akarere kubuseruko ico kibazo kitahari.

Ibindi bisa n'ibi