Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 11 Ruhuhuma 2025

Publié le 11 février 2025 par Rédaction

Turi kuwa  kabiri n’igenekerezo  rya  11 Ruhuhuma n’umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango  rya makuru mukirundi nayo  akaba agizwe n’izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira.

  • Urunani Burundi bwa bose ruranegura ingene ruriko rurajuragizwa n’umurwi  CENI ujejwe gutunganya amatora.Urwo runani rugafatira kw’ikarata y’itora aho buri ntara kubari muri urwo runani yaronkejwe inomero y ‘isangije  mugihe umugambwe uri kubutegetsi wowo uzokoresha inomero imwe mugihugu cose.Fefa Nibizi avugira urwo runani avuga ko ivyo  bizojuragiza abanywanyi babo mukwiyamamaza.Muraza kuvyunva muraya makuru.
  • Ikena ry’ibitoro rimaze hafi imyaka itatu ry’ibonekeza mugihugu rirabangamiye abanyagihugu aho bavuga ko ibintu vyose bisa n’ivyahagaze mubisata bitandukanye vy’igihugu.Ishirahamwe Parcem rikaba rihanura Leta ko yogira uwundi mukenyuro kugira ishobore kubona neza aho ico kibazo kiva maze itore umuti urama kuko ibitoro ari nkora mutima mubuzima bw’igihugu.
  • Bamwe mubasirikare bakukurutse mumwaka 2020 barababazwa no kubona gushika ubu batararonswa agahembo bemerewe mugihe hari abandi bagenzi babo baherutse Basaba ishirahamwe INSS ritegekaniriza abageze muzabukuru n’ubushikiranganji bwo kw’ivuna abansi kubatunganiriza.

 

Ndasubiye kubaramutsa.Ano makuru Tuyahere mu gisata kijanye n’ubutunzi.

Abanyagihugu bo mu Burundi barabangamiwe n’ibura ry’igitoro rimaze hafi imyaka itatu ryibonekeza mu gihugu. Baba abiyunguruza baja kuramukanya canke abakora ubuzi butandukanye, bose bararira. Itike yaraduze, imirimo yarahungabanye, abakozi ba leta baracererwa, bamwe muri bo nk’abarimu bakagira isoni zo kuja imbere y’abana babira ivyuya, ivyo bigashobora gutuma umwimbu utaba mwiza, umvirize bamwe mur’abo banyagihugu

Ico kibazo c’ubukene bw’igitoro kikaba catumye abunguruza abantu n’ibintu bakorera kw’isoko ya COTEBU mu gisagara ca Bujumbura baja hagati mu gihugu, bazindutse bahagarika imirimo kuri uno wa kabiri. Abo bunguruza abantu bakamenyeshako bakora bahomba kuko n’abaja kukirondera kuri magendu mu bihugu bibanyi, ngo i bidon y’ama litilo 20 bayironka hagati y’ibihumbi amajana atatu n’amajana ane. Bafatiye kugiciro catanzwe na leta, bemezako ayo mahera badashobora kuyakuramwo. Iyo bagize ngo bararenzako umuntu mubiyunguruza canke ngo bakaduza itike yo kwiyunguruza, ngw’igipolisi ntikiborohereza. Abo bunguruza abantu basaba leta yuko yobaronse uruhusha rwokugura igitoro hanze y’igihugu mu gihe kiba cabuze.

Ishirahamwe Parcem risaba Reta  guhindura umukenyuro kubijanye n’ikibazo c’ibitoro kimaze ukwezi kurenga ar’umuzi w’ibuye mugihugu ivyo navyo bigatuma ubuzima mubisata vyose buhagarara.  Faustin Ndikumana abona ko Leta ikwiye kuraba ko abahawe isoko ryo kw’injiza igitoro mugihugu babishoboye bibaye ngombwa ikongeramwo n’abandi. Umuyobozi w’ishirahamwe Parcem asaba Leta gukora umwihwezo uhagije kugira ico kibazo kibangamiye igihugu n’abanyagihugu gitorerwe umuti urama.Kurikira Faustin Ndikumana .

Ano makuru tuyabandanirize muri politike. Urunani Burundi bwa Bose ruranegura uko umugwi CENI ujejwe gutegura amatora uriko urakora ubanje kuruburabuza. Urwo runani rugafatira akarorero kw’ikarata y’itora aho usanga urwo runani rwaronkejwe inomero zitandukanye nkuko intara zigize igihugu zitandukanye mu gihe umugambwe uri kubutegetsi wahawe ikarata iriko inomero imwe mu ntara zose. Kefa Nibizi avugira urunani Burundi Bwa Bose abona  ko iyo ntumbero ariyo kujuragiza abanywanyi babo mu myiyamamazo kuko intara yose izoca yigishwa ukwayo, ibishobora kugora uwuzoja gutora mu ntara atiyamamarijemwo. Tumwumvirize.

Imyidogo ni myinshi muri bamwe mubasirikare bakukurutse kuko bataronswa agahembo bari bemerewe. Bamwe murabo basirikare bakukurutse kuva mumwaka wi 2020 bakababazwa nuko hari abasirikare baherutse guhabwa amahera yabo abandi nabo amaso yaheze munzira. Bagasaba umushikiranganji wo kwivuna abansi hamwe n’urwego rwa INSS kubatunganiriza bose ata numwe avuyemwo nkuko umukuru w’igihugu yabibasezeraniye. Ido n’ido na Parfait Mudasigana

Imbere yo gusozera ano makuru tubashikirize inkuru iciye kumasonga y’ubutungane aho hari umukenyezi wo ku mutumba Kayogoro muri zone Mubuga na komine Ngozi apfungiwe kuva ku musi wa gatandatu w’indwi iheze mu gasho k’inyamiramabi muri zone Mubuga kuva ku musi wa gatandatu w’indwi iheze. Uwo mukenyezi yagirizwa kuba uwo musi yaratase n’umugabo wiwe hanyuma aca akubita uwo mucance wiwe ikintu mu mutwe. Uwo mugabo ngo yarababaye cane ari na ho bamusimbanye kwa muganga ariko ngo yahavuye acikanirayo. Uwo mukenyezi rero ni naho yafatwa ashirwa mu minwe y’inyamiramabi aho ariko akorwako amatohoza.

Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe  banfashuje kuyabatororokaniriza  mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.

Ibindi bisa n'ibi