Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 11 Rusama 2024

Publié le 11 mai 2024 par Rédaction
  1. Abantu 38 nibo bakomeretse mugitero c’ama grenades yatewe mwijoro ryo kuruyu wa gatanu mubantu bari batonze barindiriye ama bus kugituro c’ama bus mugisagara ca Bujumbura. Batanu muribo nibo bakomeretse cane. Bimenyeshwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre Nkurikiye mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa gatandatu. Akaba yerekanye abantu batandatu harimwo n’uwahoze mugisirikare ca kera Ex fab avuga ko aribo bamaze gufatwa bagirizwa ibitero bimaze imisi biba. Petero Nkurikiye akaba yasubiye kwagiriza igihugu c’Urwanda ko arico cigisha kikongera kikabarungika mu Burundi gukora ibitero baciye mumuhari Red Tabara.
  2. Murunani CFOR Arusha baratera ivyatsi bivuye inyuma ivyo bitero vyaraye bikozwe mugisagara ca Bujumbura bigakomeretse abanyagihugu. Bakaba biyamiriza imvugo y’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano yo kwagiriza igihugu c’uRwanda imisi yose habaye ibitero nkivyo. Frederic Bamvunginyumvira arongoye urunani CFOR agatangazwa n’ukuntu leta y’uBurundi yama yagiriza igihugu c’Urwanda kandi hasanzwe hariho abajejwe umutekano w’abanyagihugu. Bamvunginyumvira agasaba ko hoba umugwi wigenga ukora amatohoza kubitero bimaze igihe biba mugihugu kugira hamenyekane vyukuri ababikora kuko ikinyoma camaze kuba umugenzo w’umuvugizi w’igipolisi igihe cose habaye ibitero.
  3. Abakozi indwi b’i hotel Eden Garden Resort iri mu Kajaga muri komine Mutimbuzi y’intara ya Bujumbura baramaze imisi irenga itanu atawuzi irengero ryabo kuva bafashwe n’igipolisi kibasanze ku kazi mu ntango z’iyi ndwi. Abegereye imiryango yabo bakozi bavuga ko batekewe n’ubwoba kubw’umutekano w’ababo kuko barondeye mu busho butandukanye bakazeruka. Basaba kumenyeshwa iyo ababo bajanywe hari ivyo bagirizwa naho bagashirwa imbere y’ubutungane.
  4. Itegeko rishasha rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryatowe kumunsi wa kabiri igenekerezo rya 5 Rusama n,inama nshingamateka ririmwo ingingo zisaba  abamenyeshamakuru kwerekana isoko ry,amakuru batanga.Marie Louise Baricako arongoye umuhari w’abigeme n’abakenyezi  baharanira amahoro  n’umutekano INAMAHORO avuga ko iryo tegeko ririmwo ingingo  ziteye kubiri n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru hamwe n,ubwigenge bwo gutanga ivyiyunviro.
  5. Marie Louise Baricako abona ko gukingira isoko ry’amakuru no guhana hana amakuru ari bimwe mubikoresho bikomeye vyo gukurikirana imigambi ya leta.Kubwiwe ngo abantu barakwiye kuva hasi bakiyamiriza iryo tegeko kuko nivyahuha bigiye guhuhuka.
  6. Turi kw’itariki 11 Rusama. Uno musi isi ikaba yibuka umuririmvyi Bob Marley, igihangange mu muziki wa reggae, amazeimyaka 47 yitavye Imana. Uwo mu nya Jamayike akaba mu vyo yashira imbere mu ndirimbo ziwe yari ko abantu bakundana bakabana mu mahoro, maze ingwano zigahagarara. Omer Nzoyisaba, umuririmvyi bataziza Ngoma ya Ntare, avuga ko ivyiyumviro vya Bob Marley kugeza uno musi bifise ico vyokwungura Abanyafrika muri rusangi, na cane cane Abarundi.
  7. Ico Bob Marley yagendera ko, kwari uguhindura ivyiyumviro bibi vyo kwankana no gukumirana, kuko kuri we vyaje biva ahandi nko mu bukoloni. Ivyo n’ubu bikaba bicibonekeza nk’akarorero mu Burundi aho kugeza ubu hari abakibigendera ko. Omer Nzoyisaba agahamagarira Abarundi kuvavanura n’iyo ngendo bakagendera ku kamo ka Bob Marley.
  8. Mukiganiro kw’isoko c’uno munsi  tugaruka kungingo yo gukura umurwi w’igihugu CNIDH  murwego rw’imirwi yemewe ko iharanira agateka ka zina muntu uko bikwiye.
  9. Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire amakuru makuru makuru yandistwe n,ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi mukaba mubishikirizwa.

Ibindi bisa n'ibi